IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashigengamateka bo mu bigenga AMIZERO Y’ABARUNDI bataritaba ibikorwa (...)

Abashigengamateka bo mu bigenga AMIZERO Y’ABARUNDI bataritaba ibikorwa bagiye gusubirizwa

mardi 2 Ruhuhuma 2016, par egide

Inama shingamateka y’Uburundi yatanguye ibikorwa vyayo vy’ukwezi kwa kabiri 2016 kuri uwu wa mbere igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2016 mu gihe hari abashingamateka bo mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI bataritaba na rimwe ibikorwa vy’inama nshingamateka. Abo bashingamateka bagiye gusubirizwa.

Muri ukwo gutanguza ibikorwa vy’inama nshingamateka vyo mu kwezi kwa Ruhuhuma 2016, umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yibukije ko hari abashingamateka bo mu runani AMIZERO Y’ABARUNDI bataritaba na rimwe ibikorwa vy’inama nshingamateka. Pascal NYABENDA yamenyesheje ko ibiro vy’inama nshingamateka y’Uburundi bigiye kwitura inzego zibijejwe (Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro) kugira abo bashingamateka basubirizwe.
Abashingamateka bataritaba na rimwe ibikorwa vy’inama nshingamateka akaba ari abo mu mugambwe UPRONA, ishami riyoboka umushingamateka Karori NDITIJE, basanzwe bari bagiye hamwe na Agathon RWASA mu runani ABIGENGA MIZERO Y’ABARUNDI.

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yamenyesheje kandi ko inama nshingamateka igiye gusubiriza umuhuza w’abarundi Muhamed Rukara amaze amezi menshi atari mu gihugu. Reta y’Uburundi ivuga ko Muhamed Rukara ari kwivuza mu mahanga, mu gihe hari ayandi makuru avuga ko yahunze, mbere ko yoba ari mu Bagumyabanga biyonkoye ku mugambwe CNDD FDD.

Muri ivyo bikorwa vy’ukwezi kwa Ruhuhuma 2016 vyatangujwe kuri uwu wa mbere, inama nshingamateka y’Uburundi izokwiga integuro cumi na zibiri z’amategeko yarungitswe na Reta y’Uburundi, ariko umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi akaba yamenyesheje ko n’izindi nteguro zishobora kwiyongerako bivanye n’ibikenewe.

Mu bijanye n’irungikwa ry’inteko mvamakungu, umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA arakeza abakuru b’ibihugu n’ama Reta ya Afrika ku ngingo bafashe mu nama bahoramwo i Addis Abeba muri Ethiopie. Pascal NYABENDA avuga ko abo bakuru b’ibihugu bubahirije ubwigenge bw’igihugu c’Uburundi, mu kutemeza ko inteko mvamakungu zorungikwa mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • NIVYIZA CANE NIMUSUBIRIZE UWARIWE WESE YASE KWITABIBIKORWA VYARETA YABABOBASHINGAMATEKA CANKE RUKARA NIBASUBIRIZWE HISUNZWE AMATEGEKO AGENG IGIHUGU CACU CUBURUNDI ABO UCUSANGA BARI MURIBABANDI BIYITA BA SINDUMUJA MUGABO IVYABO VYARAYE BIMENYEKANYE MAPROBU NO NO NO OU BURUNDI NAWAPA POLE WATU WA MU ADC IKIBIRI,CENARED GIRITEKA HAMWE NINTUNVA ZOSE

  • Yayayaaaaa Abaribizeye Ubutegetsi Bahawe Nabasoda Mvamakungu Nibazeruke .Bagaruke Bishikane Basabe Ikigongwe Reta, Naba VYeye Batwaye Ibibondo vyabo Mumigumuko Babasabe Ikigongwe .Nayahandi Ibisaka Vyimbwa Vyahiye Ubutegetsi Butangwa Nabene Gihugu .Abashingamateka Nabo Nibashubirizwe Vuba Guko Abakeneye Gukora Nibemshi Abonabo Babareke Barindire Manda Yabo Ok

  • NTANTEKO DUSHAKA MU BURUNDI BWACU IMANA YAKUDUHAYE,IKUDUTUNGIRE PRESIDENT PETER NKURUNZIZA NAHANGAME NAGUME KUNGOMA ABARUNDI ISINZI TURINYUMAYIWE.

  • Najewe Ndashigikiye Ivyavuye Muriyo Nama Kuko Ntantambara Iriko Iraba Kanatsinda Ingabo Zirakwiye.

  • Najewe Ndashigikiye Ivyavuye Muriyo Nama Kuko Ntantambara Iriko Iraba Kanatsinda Ingabo Zirakwiye.

  • Ahubwo bari baratevye kubasubiriza .

  • Haha. Amizero ko atagiye mu matora. None bojamwo gute. Toujours Inkinamico. ni musahagure uduhera tukihari nayo ivyanyu vyo gutwara ntaco twiteze ciza. Turindiriye ko mukinjura.

  • Ivyo Bihugu Bida Daza Nintumva Nku Rurmbii Twe Bwe Abaru Ndi Tuzirwanira Bazokwi Rwaniranira Na Nkurumbi Yabikoze Ntaka Buza Natwe Tuzobikora Pe? Izontumva Zizoze Kwigarura Amaziyere Nze Inkombe Twashaka Kuga Bisha Nyabenda Narwasa Bi Buke Ivyashikiye Kadafi Ntibirya Jajare Nimyire Kano Tara Yikoze Ntaco Dutinya Narwa Sa Twarikumwe ! Nkaswa Intwaro Ntituzotinya Kurya Mwanye Muri Fn l

  • Izonteko nibafate umugambi wokuzirungika murwanda kuko niho Hari ababuza amahoro mu burundi. Jewe ndashigikiye abakuru bibihugu kuciyumviro bashikirije kuvyuburundi.Kandi tugerageze kwiyama abobazungu mubikorwa vyabanyafrica kuko nabo mubikorwa vyabo ntibadutumira twe abanyafrica

  • Nitwa amani imba tazania nikubela iki uburundi bwacu atamahoro abaho?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.