IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka bose b’ibihugu vya buraya basavye irekurwa rya Bob (...)

Abashingamateka bose b’ibihugu vya buraya basavye irekurwa rya Bob Rugurika

jeudi 12 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya yasavye irekurwa vyihutirwa kandi atakirinze gusabwa rya Bob Rugurika, Reta y’Uburundi ikaba nayo yasabwe gukora amatohoza ataho yegamiye, kugira ukuri kubagandaguye ababikira batatu b’Abatariyanokazi kumenyekane.

Mu nama idasanzwe y’abashingamateka b’ibihugu vya buraya yabaye kuri uwu wa kane i Strasburg mu gihugu c’Ubufaransa ahasanzwe hari icicaro c’iyo nama nshingamateka, abo bashingamateka bibukije Reta y’Uburundi amasezerano mpuzamakungu yateyeko umukono mu bijanye n’ukwubahiriza ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro hamwe n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.
Mu gihe amatohoza yakozwe n’insamirizi RPA yavuga abategetsi bakomeye ko mu giporisi no mu rwego rw’igendereza bagize uruhara mw’igandagurwa ry’ababikira babatu b’abatariyanokazi Lucia Pulici, Olga Raschietti hamwe na Bernadetta Boggian, abo bashingamateka baranegura ko Bob Rugurika yaciye ahagarikwa, agasabwa ko yotanga uwamuhaye inkuru z’amatohoza yari yakoze. Abo bashingamateka bamenyesha ko bitari bikwiye ko Bob Rugurika ahagarikwa kandi yari yagerageje kurondeye abagirizwa bose kugira bagire ico babivuzeko imbere y’uko ayo makuru avugwa.

Abashingamateka b’ibihugu vya buraya batangazwa n’ukubona ubutungane bwafashe ingingo y’ukugumiza Bob Rugurika mu munyororo, kandi ubwo butungane nyene butashoboye gutanga icemeza na kimwe gisigura ipfungwa ryiwe, abo bashingamateka bakabona ko ipfungwa rya Bob Rugurika rija mu rukurikirane ry’intumbero ya Reta y’Uburundi y’ukubangamira ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro, mu guhohotera abamenyeshamakuru, abaharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi. Abo bashingamateka bakabona ko iryo hohoterwa rifitaniye isano n’amatora yimirije mu Burundi.

Nk’uko tubikura mu cegeranyo c’iyo nama y’abashingamateka b’ibihugu vya buraya, abategetsi b’Uburundi basabwe gukora amatohoza ataho yegamiye, abazokwagirwa n’ubwicanyi bw’ababikira batatu b’abatariyanokazi bashengezwe mu butungane. Iyo nama nshingamateka yasavye kandi ko Bob Rugurika umuyobozi wa RPA yorekurwa vuba, atakirinze gusabwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • NI ETAT VULGAIRE NATCO BASONERA KUKO BO BARIVYE BIKWIYE BAFISE AMAHERA YO KURYA NAHO ABADUFASHA BOFATA AMAHERA YABO BO BARABA INDA YABO ..GUTWARA SIVYABO NIBAH ABANDI BAHUTU BARIHO KANDI BASHOBOYE ,,BA MINANI NYAKURI, NDAYIZEYE,SINZI IVYA RWASA,ALEXIS ,LEONCE ETC EKA NI BENSHI ..ARIKO STRATEGIES ZABO NI UGUTERA UBWOBA ABAHUTU NUBU BARATANGUYE MU KIRUNDO,HOSE MU GIHUGU BATOZA IMFASHANYO MW IJORO,BARIBA MURI LEO ,ECONET EKA ZOSE ..EMWE IZO SIHA ZIZOSIGA AMAZI AZUNGA..IMANA IDUKIZA PETER NA DENISE WIWE MB KO ADASENGERA UBURUNDI NIYABA ASENGA ..IBIHENZWE ABANA!!!!.

  • wibagiye ko bamwe bamwe muri abo bashinagamateka baturongoyemwo?murahenda abandi. le reseau est connu. ntaho bitaniye na zanyigisho zabiyita aba juif.barondera tout lien kugira bashikigwe meme dans les pretextes

  • TWESENGER’IMANA ITABARE MURAKOZE

  • NIMBA URI JUVENAL NONE KO LES FAITS SONT TETUS IVYO KURONGORANA MWO HARI CO VYICA ATARI UBUCUTI BWIYONGERA????MBE KO MBONA NA HANO MU GIHUGU BARONGORANA HUTU TUTSI IVYO NI IBISANZWE>>>>!!!!ARIKO ABICA ABIBA BIRABONEKA NAHO BOBA BAKUGABURIRA WOBIBONA ..TWIGE KUVUGA UKURI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.