IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatunze inoti za kera z’igihumbi c’amarundi basigaranye amasaha (...)

Abatunze inoti za kera z’igihumbi c’amarundi basigaranye amasaha make

lundi 30 Munyonyo 2015, par egide

Abagitunze inoti za kera z’amafaranga igihugu y’amarundi basigaranye umunsi wo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 30 Munyonyo 2015. Kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya mbere Kigarama 2015, izo noti ntizizoba zigikoreshwa.

Inoti nshasha z’amafaranga igihumbi y’amarundi zatanguye gukoreshwa kw’igenekerezo rya mbere Nyakanga 2015, banki nkuru y’igihugu c’Uburundi ikaba yari yatanze ikiringo c’amezi atatu kugira izo noti zizobe zavuye mu bantu.

JPEG - 326.4 ko
Inoti ya kera y’igihumbi c’amarundi

Mu gihe ico kiringo gihera kuri uwu wa mbere, izo noti ntizizosubira kwakirwa, abazoba bakizifise bagashaka kuzihinduza bazotegerezwa kwishikira ahakorera banki nkuru y’igihugu. Naho nyene, kuva kuri uwu wa kabiri, mu guhinduza izo noti, hazokurwako ibice bitanu kw’ijana ku noti imwe yose ya kera izoba ihinduriwe na nshasha.

JPEG - 29.1 ko
Inoti nshasha y’igihumbi c’amarundi

IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.