Accueil > Amakuru > u Burundi > Abavugije amahoni batangishijwe ihadabu ry’amafaranga ibihumbi (...)
Abavugije amahoni batangishijwe ihadabu ry’amafaranga ibihumbi cumi
vendredi 3 Ndamukiza 2015, par
Abavugije amahoni kuri uno wa kane, biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, mu giporisi c’Uburundi babagiriza ko barenze ingingo y’104, y’itegeko rigenga amabarabara, bakaba bagiye kubihanirwa, nk’uko bishikirizwa na OPC1, Liboire Bakundukize, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.
Iyo ngingo mu giporisi bagiriza abo banyagihugu ko barenze ikaba ivuga ko gukoresha ibikoresho bivuga nk’amahoni bitegerezwa kuvuzwa mu kanya gato gashoboka, kandi ko birekuriwe gusa kuvuzwa mu gihe uwuriko aratwara imodoka ashaka gukinga impanuka, ahandi naho ikavuzwa mu gihe umudereva abonye ko uwuri inyuma yiwe yoba afise intumbero yo kumurengana (Dépasser).
Nk’uko OPC1 Liboire Bakundukize umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi abisigura, mu gihe rero amahoni avugijwe umwanya muremure, birahanwa n’amategeko, bikaba bihanishwa ihadabu ry’amafaranga ibihumbi cumi vy’amarundi, nk’uko bitegekanywa n’itegeko rigenga amabarabara, mu ngingo yaryo ya 535.
Ivyo igiporisi kibishikirije, mu gihe ku munsi wa kane, igihe c’isaha zitandatu n’iminota mirongo ibiri, amamodokari, amakinga n’amamoto, hamwe n’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, bitavye akamo bari batewe ko kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, hamwe n’ukwiyamiriza agatotezo kariko gakorerwa uwo wese yerekanye ko aterekwa ko Petero Nkurunziza asubira kwitoza ubugira gatatu.
Ako kamo kari katewe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ahurikiye mu rugamba rwishinze kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ’’Halte au troisieme mandat’’.
Igiporisi kikaba caranditse inomero ndangamiduga (Plaques) z’imodokari yose yavugije ihoni. Guhera rero ku muhingamo w’ejo kuwa kane, igiporisi kikaba cari catanguye guhagarika imodoka zanditswe inomero.
Floxella Karire
Messages
3 Ndamukiza 2015, 17:21, par sivyubu
ubuzukwagira afukwagize.uwo muwo pc1 niwambabaje,ejoho bizogenda gute?
3 Ndamukiza 2015, 17:35, par Nikuki bonfils
Ndi muri kenya nkurikiranira hafi ibiriko biba muburu nukuri igiporisi kimeny ko kidakorera umugabwe ndi nikuki bonfils
3 Ndamukiza 2015, 18:08, par MUNEGWA
Ninde arigera abona akayabu kubera imbwa umurinzi? Reka ncire umugani zina mu CNDD: umukobwa umw yaritoy aja aho abungere b’umukuku munini ahagarara kugasozi arabahenera,maz wamukobwa arataha abwira nyina ati: naheneye b’abungere,nyina ati: waheneye abungere? nabo barazi kuraba.
3 Ndamukiza 2015, 18:13, par juju
mana waduheshejw n’iki uremey kuturekera muminw yibi bikoko vyaba dd umunyagihugu atotezw buri musi ayo mafanga batunyagu bibaza ko bazoyitekerera nibaja kwa shetani imana yoyo ntiyobakira umuvumo wabarundi bibaza ko utazobakurikira iherez ryabo bazoribona
3 Ndamukiza 2015, 19:26, par mwalimu
uko niukubarenganya bazoba babahoye ubusa
3 Ndamukiza 2015, 20:35, par Nuwera
Murafise ubutamenya koko! Reka kureba uyumu polisi, ahubwonomurebe ayamategeko yanditse kuko uyumu polisi siweyayashizeho yaje ayasanga kundibazako nomubayatoye ntiyarimwo. Mujengaho mumwifatire mugahanga numusi ubarengereko mpaka!
4 Ndamukiza 2015, 00:14, par john
chaque personnr a son droit
4 Ndamukiza 2015, 07:21, par karamiriza
Hahaaa,iyobuba ubwumwe bwarikindi,ati kirazira kuvuza amasoni mwibarabara,mbe kotubona abari muri mariage bazivuza bo ayomategeko ntabafata?nibareke kuduhenda turakuze
4 Ndamukiza 2015, 19:03, par Karosi
Mbega uwurenz ibwiriza nshingiro, amasezerano yi Harusha namategeko yumujambwe ahanishwa iki? Abaporis bari bakwiy kuba neutres si non ibintu bishora kuba bibi nitutaba tukibizera. Ba Rumariza bari bafise inguvu zirenz. Nibo bonyen bari bafis ibicira umuriro mugabo baragiy
6 Ndamukiza 2015, 13:24, par paulnzayisaba
ivyobintusivyo
6 Ndamukiza 2015, 13:25, par paul
ivyobintusivyo