IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abo mu makomine y’Ubumanuko bw’igisagara barahinduye uburyo bwo (...)

Abo mu makomine y’Ubumanuko bw’igisagara barahinduye uburyo bwo kwirarira

vendredi 8 Rusama 2015

Ku ndwi ya kabiri y’imyiyerekano, abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, barahinduye uburyo bwo kwirarira, mu kwicungerera umutekano.

Inyuma y’igihe c’isaha zibi z’ijoro nk’uko tumaze kuvyibonera, kurengana mu makomine y’Ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura ntivyoroshe. Imigozi mu tubarabara twinjira hagati muri quartier, amabuye menshi azibiye mu mabarabara n’ibiti eka n’abari ku marondo, bakaba badakubita urugohe. Kugira urengane, ni uko uba uri umusirikare, umumenyeshamakuru, canke umuganga hamwe n’abandi bazwi mu buzi barangura.

Muri komine ya Kanyosha na Musaga aho twashoboye guca, abanyagihugu bavuga ko igituma birarira, kandi bagategerezwa kumenya uwurenganye, ari uko, abo mu rwego rw’igendereza, abaporisi na bamwe mu Mbonerakure, bakunze kwinjira, bagasiga babateye amagrenade, canke bakabarasa, hatibagiwe ku batwara kubapfunga. Ubu rero abo banyagihugu mu masaha yo mw’ijoro hamwe hamwe bakaba babanza kukubaza ko muri ako gace hari umuntu woba uhazi, canke babakubaza ko hari abantu batatu uzi muri ako gace, atabo uzi, usubizwa inyuma, canke bakakuraza kw’irondo.

Abatari bake mu bo twayaze barashima rwose ingongo abo banyagihugu bifatiye yo kwirarira, kuko bemeza ko bari bamaze igihe barara ntibuca, kuko imiduga y’urwego rw’igendereza yaguma inyuragiranwa muri ayo makomine, kandi hakaba hari n’aho abari muri zo, bagenda barashe, canke bagatera grenade mu bantu.


Aristide Nizigire

Messages

  • NIBAKOMERE KUMUHETO BAZE BARABE IYO UMWANSI AZOZANANA .ARIKO VYIZA BOKORANA NIMBONERAKURE UWO BATABONYE BAKAMUBAZA IYO NIBAKOMERE KUMUHETO BAZE BARABE IYO UMWANSI AZOZANANA .ARIKO VYIZA BOKORANA NIMBONERAKURE UWO BATABONYE BAKAMUBAZA IYO YARARI

  • EGO SHA NIMWIRARIRE IMANA IZOBAKINGIRA KAND NIMWIGURE IGIHUGU KUK NA GWAGASORE YARABIKOZE

  • Mbega burya umuntu yiyugaranye muri quartier ntihagire uwinjirayo ninde ababara?Abo ni abashaka kwigira incungu za démocracie,uyo ni Ndadaye yabaye incungu nayo mweho mwa binywarumogi mwe b’imburakimazi mwaronse occupation,ubu abana bo kwa léonce,minani,onesime ,n’abandi ubu muri kumwe kuri ivyo bihongo vy’amabuye bishushe,emwe musabe babahembe menshi ba pacifique na ba vitali ako kazi babashinze je ndabona katoroshe!Nikahera ndirira ba nyoko banyu muzosimbirako mu ba viola kumwe ko muri za 94,muri ibipfu vyapfuye aho mugwana ngo muzonobe iki après ko mbona benshi ata n’agapapuro mufise,murahendwa pe ariko bandanya!!!Abo mwica nabo muzobabazwa abo bana b’uburundi ntimwibaze ngo ni muri 72 canke 94.

  • Munyamakuru, niwaba ufise imyaka nk’iyanje wari kumenya ko ivyo ataho bitaniye na APARTHEID kuko niko vyagenda muri Afrika yepfo imbere y’umwaka wa 1990. Kuko umwirabure kugira ashike mu bice bitari bike vyo mu gihugu ciwe yasabwa murekarengane. Iryo ni ibara aho umurundi hari ibice bimwe vy’igihugu atemererwa kujamwo. None ivyo si bimwe vya 1993-1994 bigarutse aho ubwoko bwihariza quartier, none mwumva turiko tuja he?

  • Ico batakubwiye nuko kuri ayo ma bariyeri batoza amahera ari hagati ya 300 na 500 kugira ngo umuduga urengane

  • Ivyovyose birikobirabikwa ntawuzohakana imbere yubutungane. Jewe ahanihomba ubunaremeye ngura ikarita yumugambwe wa MsD nabifashijwemwo numugenzi umwewomuruwomugambwe kugirandebeko nobandarengana kandimuvyukuri jewe ndumu UPRONA wokwa Consillie ivyofise ahonzoronkera akanya kokufipfundurura muzumirwa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.