Accueil > Amakuru > u Burundi > Addis Abbeba : Reta y’Uburundi yagumye ku ngingo yafashe
Addis Abbeba : Reta y’Uburundi yagumye ku ngingo yafashe
samedi 30 Nzero 2016, par
Mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika iriko ibera mu gihugu ca Ethiopie, Reta y’Uburundi yasubiriye gushikiriza ku mugaragaro ko idashigikiye ivyasabwe ko horungikwa inteko mvamakungu mu Burundi. Abaserukiye Reta y’Uburundi babandanya gusigura ko amahoro mu Burundi akwiye.
Mu mubonano abagize inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bagize mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, buca inama nyezina y’abakuru b’ibihugu itangura kuri uwu wa gatandatu, uwo mubonano waheze abari bawurimwo bagizwe n’abakuru b’ibihugu bagera kuri 12 hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU badahurije kucokorwa ku Burundi, mu bijanye n’irungikwa ry’izo nteko mvamakungu.
Alain Aimé Nyamitwe, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje itangazamakuru ko mu buryo na bumwe Reta y’Uburundi ititeguriye kwakira izo nteko mvamakungu, aho mbere mukibuka ko Reta y’Uburundi yamaze kuvuga ko mu gihe zorungikwa ku nguvu zizofatwa nk’abateye Uburundi, akavuga ko umutekano w’Uburundi ubungabunzwe neza n’inzego z’igihugu.
Abakuru b’ibihugu bari muri iyo nama bakaba bose batabona kumwe ico kibazo c’irungikwa ry’inteko mvamakungu. Mu gihe botora, ibice bibiri kuri bitatu akaba arivyo bikenewe kugira ingingo y’ukurungika izo nteko yemezwe. Mu gihe botora, rikaba rizoba ribaye irya mbere aho hatunganywa amatora y’ukurungika inteko mvamakungu mu gihugu camaze kumenyesha ko kititeguriye kuzakira.
IGIHE
Messages
30 Nzero 2016, 11:59, par bemba
Nibavya nke turashoboy
30 Nzero 2016, 12:44, par Mpundu
Aho banka ko intek ziza gufasha bashaka kuguma bica abant kumurango izub riva? abavuga ko intek yidakenew nuwutarahaburira uwiw!!
30 Nzero 2016, 13:08, par Nzovu
Nibohereza izonteko
muri Syrie, Libye cg Nigeria. Uburundi burihagije kandi umutekano ni wose 99/100
30 Nzero 2016, 13:10, par nkunzimana jackson
Ntamuntu numwe akunda amahoro na démocratie yukwiyumvirako horungikwa ingabo muburundi kandi nkako ntanzu iriko irasha muburundi
30 Nzero 2016, 13:42, par Iribuka
Nibagombe Bazigumye abanyagihugu bumutima turiko turitegurira kwirwanako
30 Nzero 2016, 13:45, par habumugisha
nibazirungike murwanda nukuri bazoba bakoze kuko abanyagihugu baho harushe.
30 Nzero 2016, 14:32, par gilbert
Jewe mbona atanteko zikenewe mugihugu cacu,kiretse abanya american nabandi bashatse kugiruburundi nkuko bagize libia,mwabarundi mutemugwanyu mukoresheze abazungu basha utworiye benegihugu muzinovorintuntu kuko ntacuti yumuzungu
30 Nzero 2016, 16:22, par None?
Nimuhitemwo kimwe muribibiri kuzirungika EGO, kutazirungika OYA.
EGO intango yintambara III y’Isi yose.
OYA hazakuba bahakanye kohataragera igihe cintambara III y’Isi yose. Hitamwo kimwe rero turabe.
30 Nzero 2016, 16:42, par Hakizimana
Amahoro n’umutekano biriho mu gihugu cacu. Ahubwo UA yokwirinda cane kugira ntirwe mu mutego nkuwo igihugu vyaguyemwo mu gukorera ku makuru y’ibiryoma no kwiremantanya ry’abatavuga rumwe na reta. Ahubwo nibafashe igihugu cacu kugira ibiganiro barimwo bibandanye bafashe reta kurwanya imirwi y:ubwicanyi. Nayo izo nteko ni guta umwanya canke gushira mungiro ibinyegejwe.
30 Nzero 2016, 18:18, par Bigirimana Jeremie.
None Hemwe Mwumva Gute? Kumenga Muburundi Hari Abariko Baharanira Isoko; Nibiki? Uburundi Burikwisoko? Ndabaza Uburundi Numureke Mutama Atware; Arushe Azokimpa Ntimutjngare .
30 Nzero 2016, 18:20, par Bigirimana Jeremie.
None Hemwe Mwumva Gute? Kumenga Muburundi Hari Abariko Baharanira Isoko; Nibiki? Uburundi Burikwisoko? Ndabaza Uburundi Numureke Mutama Atware; Arushe Azokimpa Ntimutjngare .
1er Ruhuhuma 2016, 22:26, par mayer
Jewe ndashigikiye iyo ngingo kuko baratabaye abarundi nuburundi intumbero yabanye poritike bari bafise ntiyari nziza kuri twebwe dutuye muburundi.
2 Ruhuhuma 2016, 19:36, par pita,perezida
nibamume,ne,pita,aramaze,abantu,ngontabantubafatwa,muribesha,cane,,