IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Adolphe Nshimirimana na Bunyoni barongoye umurwi ukurikirana (...)

Adolphe Nshimirimana na Bunyoni barongoye umurwi ukurikirana imyiyerekano

mercredi 29 Ndamukiza 2015

Umurwi w’abantu icenda niwe washizweho kugira ukirikirane imyiyerekano iriko iraba mu gisagara ca Bujumbura, uwo nawe ukaba uzokororera ku mategeko ya General Adolphe Nshimirimana, yahoze arongoye urwego rw’igendereza hamwe na Alain Guillaume Bunyoni.

Mw’itangazo ryasohowe n’abanyeporitike bari mu biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bamenyesha ko batewe amakenga n’umurwi w’abantu icenda baherutse gushigwa amabanga bakurikiranire hafi imyiyerekano iriko iraba, mu gisagara ca Bujumbura. Muri abo hakaba harimwo Gabriel Nizigama, Umushikiranganji bw’umutekano, Pontien Gaciyubwenge, Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Prime Niyongabo, Umukuru w’i biro bikuru vy’intwaramiheto, Etienne Ntakarutimana, ajejwe iperereza, Gervais Ndirakobuca batazira’’Ndakugarika’’, umwishikira mu vy’igiporisi mu biro vy’umukuru w’igihugu, Gervais Miburo, umwishikira mu vya gisirikare mu biro vy’umukuru w’igihugu, Philipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Albert Bisaganya, Isidore Ndihokubwayo, Arongoye ibiro vy’iperereza mu giporisi. Abo bose bakaba bazokororera ku mategeko ya General Adolphe Nshimirimana na Guilaume Bunyoni.

Adolphe Nshimirimana na Alain Guillaume Bunyoni

Abo banyeporitike bamenyesha ko ayo makenga ahanini afatiye y’uko benshi mu bagize uwo murwi bahoze ari abagwanyi b’umugambwe CNDD-FDD ukiri mw’ishamba, kandi bagirizwa amabi menshi amaze gukogwa mu gihugu. Ayandi makenga bashikiriza ni uko iyo ngingo ifashwe, inyuma yaho abasirikare basohokeye amakambi bagaheza bakabuza abaporisi kwigenza nabi aho hasesetse n’amaraso yabari mu myiyerekano, ikindi ni iyugagwa ry’ama radio yahora ashikiriza ibiriko biraba mu gihugu ikibiriraho(en direct) ndetse n’iyugagwa ry’ikigo c’abamenyeshamakuru. Aho kandi bavuga ko Reta y’Uburundi iguma yica amatwi ku makuru atangwa ko hari Interahamwe ziri mu gihugu ariko bagashaka kuzana ikibazo c’amoko mu bari mu myiyerekano.

Abo banyeporitike bamenyesha ko batazohesha, ko imyiyerekano izobandanya kugeza aho Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesheje ko asokoye mu matora yimirije mu gihugu. Baragabisha inzego z’igihugu uhereye k’Umukuru w’igihugu, Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Umushikiranganji w’umutekano, Uwujejwe iperereza ndetse n’abandi, ko bokwiyumvira ingorane bariko bariikwegera mu kureka ’’Interahamwe’’ zikorane n’Imbonerakure mu kwica abantu hano mu Burundi, ko ayo maraso bazoyabazwa.

Bahamagarira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika n’abafasha Uburundi kuguma hafi y’Uburundi kuko inzira igihugu kiriko kirafata ari inzira itari nziza.

Alida S.

Messages

  • "Baragabisha inzego z’igihugu uhereye k’Umukuru w’igihugu, Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Umushikiranganji w’umutekano, Uwujejwe iperereza ndetse n’abandi, ko bokwiyumvira ingorane bariko bariikwegera mu kureka ’’Interahamwe’’ zikorane n’Imbonerakure mu kwica abantu hano mu Burundi, ko ayo maraso bazoyabazwa."
    Aba bantu n’aho bariko basaba ivyumvikana ko umukuru w’igihugu agiye guheza igihe ciwe yatorewe gutora hari ibibasoba canke n’ukuvyirengagiza mugabo baca bahakwa kwica icokize: interahamwe zari zifise imyaka 20-30 muri 1994. Ubu haheze imyaka 21. Urumva ko ubu zimaze hagati y’imyaka ya 41 na 51. None rero zimaze kumera imvi! Babonye bangahe mu giporisi bafise imvi? Tube turementanya ibishoboka!

  • Hari ijambo nibukira kuri professeur wanje wa histoire mu mwaka wa1994. Yavuze ati, "Un extremisme crée toujours un autre extremisme de l’autre côté". Ntampamvu rero yo kwigira intagondwa muri ibi bibazo turimwo. Abarundi tubishatse vyorara biheze, tugatekana. Bitabaye uko, nitwe duhomba si umunyamahanga.

  • YEMWE REKA TUBIRABE MAIS NI LISTE NZIZA ABARUNDI MWESE MUYIBIKE IMYUMA YIBI BIHE BIKOMEYE TURIMWO TUZOYIKENERA .AU RWANDA ABAKOZE AMARASO BARAFUNZE ABANYE POLITIQUE BABAHENZE NGO BAMARE ABANTU BACIYE BIFATIRA INDEGE BABARIZWA EN FRANCE, CANADA MAIS ABAHEZWE BARI MU MA PRISON NAMW MUBIHISEMWO TUZOKORA IBIKORWA RUSANGI TUZUBAKA . NONE GA POLICE WE UZOSHIKAYO GUTE MU BUFARANSA ? KORESHA UMUTWE WIYUMVIRE IMBERE YO GUTWARA NYABAHURURA YOGUKORA AMARASO!!!!!!!!!!!. AHO URI HARI ABANDI N EJO HAZOBA HARI ABANDI. MAIS SI VOUS VOULEZ,ON N OUBLIE JAMAIS QUE C EST A NOUS LES BARUNDAIS B UMUTIMA D ARRACHER LES POUVOIR A SES MAFIENTS KANDI BA RWAGASORE BATEGERENZA KUBAMWO KUGIRA NDUHARANIRE AGATEKA KACU NA AMERIQUE,EUROPE N ABANDI NIKO VYAGENZE NTI BABIHAWE KU MASAHANI. NDAHOJEJE ABABUZE MWIHANGANE HABUZ ABARUNDI TWESE ARIKO INYUMA Y IKI GIHE BAZOSUBIZWA ITEKA N ICUBAHIRO BAMBUWE N IVYO BIMWENYA.

  • Kuber Iki Leta Yafashe Abantu Batizewe Na Bos Akaba Aribo Ishinga Ivyo Bikorwa Yemwe Tubitege Amaso Twibuke Ko Ninyuma Yamatora Abarundi Ko Tuzoguma Dukeneraniye

  • barundi barundi kazi,nashaka gusa gutanga icuyumviro canje.kuva kera na rindi abasokuruza ni bo bayamaze bavuga bati: uwanka agakura abaga umutavu. yemwe barundi bene mama mumenye yuko twese turi abarundi kandi tuzokwama twita abarundi,none nashaka gukebura urwaruka na cane cane abo bose bahendwa n,abategesi bakaja mw,ibarabara. ntaneza babashakira.mwiyumvire maze mwikebuke............. A SUIVRE.

  • Abo Bose Nibigugu Kuko Ivyo Babitegwa Ninzara Bakayita Kumukuru Wigihigu;
    Je Mbona Bomureka Agatwara Kuko Turamwerw Twebw Abanyagihugu Bat Bato.

  • MBEGAMUTANGUYEKUGIRAUBWOBA,MWARIMUZIKOBIZOKWIJANAUKONYENE,NIBANYARUTSEBABAHANEKUKOMUTWISHENINZARA,KUBERAINDAZANYU,ZIDAHAGA

  • Interahamwe ni akazina batazira umuhutu wese batiyumvamo,akarorero,abo ba BRASA,NDAYIZEYE,MINANI barabizi kuko hariho igihe i Rwanda babarondera babita interahamwe,muze mubaze aba Frodeb baguye i rwanda babita interahamwe.aho muhagabire mudacanamo.

  • BAGIZE NEZA KUKO INTUMBERO YABO NTANUMWE ATAYIZI BISHIJE AHABONA AMAFOTO YABO NIYO DUKENEYE BOSE HANYUMS TUZIKWIRAGIZE HOSE

  • Baobab, Interahamwe none ntizavyariye mw’ishamba i Congo? Ugira urya murwi wa FDLR ugwanira muri Congo ugizwe nabande? Interahamwe zavyaye izindi

  • Jewe uvuzeko ikibazo ci Burundi atavyamoko birimwo ndavyemera, Ariko iyonciyenumva abantu baguma bavuga ngo Imbonerakure ngozirikozirakorana n’Interamwe bikagumabigaruka! Nkongerankibaza nti: Kuberiki batavugako Imbonerakure zikorara ni Nkotanyi? Ahonihombonerako harihinyigisho zahawe bamwemubarundi zomuzabarahuriza kumvugo imwe ngo Interahamwe zirimuburundi. Ivyorero mwibaza ngobisiguriki? Ivyobisigurako urwanda rwaduteye mukutwigishiriza abarundi ngobazebaravugako Imbonerakure zikorana n’Interahamwe kubera rwibazako vyorufasha kwinjira Burundi kumena amaraso rwitwaje ngorune kurondera Interahamwe ngokuko ariho amakungu yorushigikira nkuko ayomakungunyene yashigikiye Inkotanyi mumyaka yaza 90-94 kugezananububu. Arikorero ndababwizukuri akataretse kabagasema bihenze bakarengana umupaka bakinjira muburundi icese ataribimwe vya Cibitoke bomaramazwa kuburyo basivarabicuza icatumye bisuka ku Burundi! Kukondababwirako twobambura agashambara bitosheje nababanyi bakabibona, ahantaterabwoba ririmwo icomaberaciza uwomugwi wa Kagame wokwirinda kuzokwisuka muvyu Burundi kuko twozova muvyotwariturimwo tugabanza gukosora akokarwi kagisibije mubiyaga binini. Kukonubu ntituribagira ivyago wateje abanyarwanda bakicana bimwe biteye isoni! None ukaramuka ubonekanyeko wivaga muvyu Burundi will not excuse . Niwabushaka amahoro bwirabobantu wabwiyeko kugirabazoshikire ivyobashaka kwarukuvugako muburundi harinterahamwe babihagarike vubanabwangu, hagume politike ndundi gusa.

  • INTERAHAMWE ZAVYAYE INTERAHAMWE? ABA SANS ÉCHECS NABO BAVYAYE IKI?

  • Abarundi twibuke ko ubutandukane bw’abantu n’ivyaremwe vyose vyashizwzeho n’Imana kandi n’ubutunzi kuri twese. Enda basha dukamishe ubwo butunzi Imana yaduhaye nayo kwitana amazina aya canke ariya ntaho bizodushikana kandi ntaho tuzoshirana turi beneburundi twese. Duhagarike gucanamwo duhaguruke twubake Uburundi bwacu nayo abadutiza umuhoro wo kwisenyurirako tubareke kuko bobo IWABO ITERAMBERE NTIRAHAGARARA N’UMUNOTA N’UMWE. Mbega urazi umuntu akubwira ngo shira hasi iyo nzu yawe ukemera uhejeje ugatangura kumusaba indaro wari ufise iwawe ingene ari ubujuju budasanzwe. KUBITIZA AGATIMA MPEMBERE MWIGARURE.

  • Haha.Biratangaje Pe!Hubwo Ndumiwe.

  • kuvuga interahamwe nimvugo ishaje muri politique ,mbe ahomuzivuga INTERAHAMWE, abarundi banananiwe? muribuka 1994 mwavuga interahamwe nimbazo zidahera? mumenye neza umurundi wa 72 atari uwa 2015 ,muzirondera mugende kwA kabira na kagame bazobaha umuco kurizo

  • MVUG’IKI NDEK’IKI?
    AHUBWO NIHATARI!!
    NIBARABE BATUBOHORE.

  • Ndumiwe 6narinz Kwamoko Yogaruka Muburundi Pierre Nkurunziza Yavuze Ko Turi Muri Generation

  • Imana nigarukire Uburundi ntaho turiko turaja.

  • Ariko Kuki Biratangaje Kubona Ighugu Kiguye Mungorane Kigushijwemo Nabari Kukigarura Mumahoro Gusa Uwo Murwi Ninawo Uhatira Nkurunziza Kwitoza Kubera Amakosa Arimo Ubwicanyi Bakoze Bigatuma Raporo Zisabwa Zishobora Kubafata Bigatuma Bamwosha Kuguma Kuntwaro Ntibamwice Nashire Ukuri Ahabona Bashikirizwe Ubutungane

  • turasavye tubake igihugu cacu gusa numutekano ntangere

  • Narababwiye nti imyaka itanu ntisumba ubuzima bw’umuntu muzima. Aho gupfa uno musi wopfa basi ejo. Iyo myaka itanu nibayirekere Nkurunziza hanyuma abo bose bari mu myiyerekano babe bitegurira gutwara 2020. None nk’uwo mwana w’imyaka 15 yahasize ubuzima, mwumva ku myaka 20 atovuyemwo umu militant akomeye. Mwigishe abantu gukoresha ubwenge, ingufu zize aho ubwenge bwananiwe. Kanidi nta maboko abri agwana n’inkoho ataruguhiga urupfu gusa... Dusenge dusabe ivyo bintu bihere vuba.

  • nosaba kandi abakuru bigihugu cacu c uburundi bicare hasi bavugane bahane kandi iyviyumviro bikomeye..murakoze..!!â„¢

  • Sha about Barundi benewacu akakanya baribagiye aho twavuye?Nkurunziza numuvyeyi w’abarundi;arashoboye.

  • UWITWA NAHIGOMBEYE NDAMUSHIGIKIYE NIYO 5 ANS NI UBUSA GUSUMBA KWIRIGWA BARAYERERA MU MABARABARA MBURAKIMAZI ZITAGIRA ICO ZIKORA TWEWE ABARUNDI TWABAHIMVYE KUKO IVYO BAKORA SIVYIZA NACANE KO TWIKENEREYE AMAHORO NUMUTEKANO.

    NAYO DOLUFU NA BUNYONI NI BABAREKE KUKO BARUNDI IYATABA BO NTITUBA TURIHO.
    AKA GAHENGWE NUKO BATUBAYE HAFI...IYABA NK KERA ABO BOSE BIGIRA IBIDASHOBOKA TWOMENYE UMUTI TUBAVUGUTIRA.

  • UWANTURIRIYE IMODOKARI....YAKWEGEYE PACIFIQUE NININAHAZWE...MINANI....LEONCE....ONESIME....RADJABU....BITEBE BITEBUKE BATEGEREZWA KUNDIHA.

  • Whatever it is and after all, God have a good plan to Burundi

  • Kuberiki Amaradiyo Yugawe?None!Hobohari,amakosabayagiriza?Nayahe.

  • ngira nisabire abarundi namakungu bambwize ukuri ubu koko barya birirwa mwibarabara ko tubazi bamwe twirirwa tubacako bicaye kumarigara bariko bakina amakarata,jewe nko mu Nyakabiga niho nakuriye hafi ya bose naba jeune de moims de 35ans.birirwa kumarigara,bifatira ibimogi,inzoga.....burya nibo bazi ubwenge babona ibikenewe,bazi amategeko gusumvya abandi mwino Bujumbura??Kumusaga naho barya baja mwibabara hafi ya bose nukuri ndabazi uwushaka ambaze kuri [email protected] ndamuha amakuru yukuntu ndabazi nabi mungeso zitari nziza.mugitondo babanza gufata ibiyayura mutwe bakabona kuja mwibarabara.burya abo nibo baciye ubwengevyahatari ngo badusabire ivyo badusabira?kuko za Carama butabayo,Gasekebuye na za Rohero,Mutanga na Kamenge nahandi ntabantu babayo baciue ubwenge ngo bigaragambye?burya mwebwe ntamahinyu muvyumvamwo??Jewe ntamugambwe ndimwo numwe ariko nditegereza.ikindi kibazo ubu koko bigumue uku mutubuza kuja gukora ivyacu imiryango izobaho gute ko namameza yo kudusoko aho dusumira mwayamaze muyacana muyazibiza amabarabara??nimburakimazi zirirwayo zihendesha turya duhumbi 15000fbu babaha kumusi....Uburundi bwishe nababahenda ngo biyamiriza 3em manda.murambabarire ndashavuye.

  • Aha urwanda rwibuke ko rumaze kuduhekura naho abahutu twibagira ningoga iyo duhaze hari abakivyibuka!!!!

  • Adolfe na Gullaume bibaza ko ari abazamu b’isi? eck mumbonera abo bantu bazi akamaro ku muntu akari ko?iyoba bazi ko bazopfa ntibosheshe amaraso boshaka bo kwitonda kuko ubuzima nu bw’IMANA

  • Abo bagabo barabanze bavyitondere kuko ivyo mu burundi mbona bitoroshe?

  • JE NDUMVA BITOSHE.JE NDIBUKA NKORA CONCOURS,NZA MBONA UMUNTU AJE YANDIKA KURI COPI YANJE LETRE *U*,NAMENYE MUNYUMA ICO BISIGURA,ARIKO YARIHENZE YRI KWANDKA *I*,KKO ICO GIHE NABA MURIBOGUSA.AMACKUBURI SAYUBU NCUTI ZANJE.BIRKWIYE GUHERA.UWCANA MUBI.

  • Mubintubisanzwe Barakwiye Kubonako Igihugugiteyehabibakagabanya Kandi Uko Ayomaraso Aseseka Ninyungukuri Abobagabo Kabikababaza Imana Kurya Ugahaganicaha Narekurehama Turebe Ivyabandi Murakoze

  • Ahubwo Icombona Turasavye Amakungu Arengutse Abobagabo Batibagiy Umukuruwigihugu Kandi Imyiyerekano Nibandanye Abobantubica Bakabandanyabica Nabonabantu Harahobibazakobobazokwanikigwa Babice Bareke Ico Dukeneye Tuzogishikako

  • JEWE.ICONDA.BIVUGAKO.NUKO.IVYO.BINTUBOBIREKA.NATWE.TURIKURE.YABUJUMBURA.TWAGIZE.UBWOBA..OKE.MURAKOZE

  • kuriy nkuru nosab ko abanyamigabwe bokumvikan bagashirahamwe bakumvikana.

  • Jewe Mbona Ivyakinogihugu Bigoye.Nkajewe Ndabonako Atar,Imana yonyene izoshira ibintu muburyo,ntakindi.kandi harikintu dufataminenerwe.Muribuka Abavugishwa N,IMANA ivyobagiye barashikiriza?

  • Jewe Kubwanje Mbona Ko Imyiyerekano Boyireka Kuko Ntaco Bazohanoba Atari Gusesa Amaraso Ndetse Mbona Umengo Na Rwembe Atazoborohereza Ok Murakoze.

  • imana nigarukire uburundi nababutuye,abatware nibarabe inyungu z’abarundi bose,amakungu nayo narabe uko yo dutabara kuko aho tugeze turageramiwe.

  • jew numv ar hatar kuk mu burundi hacits irak

  • Ahumbwo Murantangaza! None Ivyobasaba Ntimubizi? Kiryanye Gikemure Murabe Ko Batarara Bavuye Mwibarabara

  • AAAA!!! NTACO MVUZE MUGA IJURU BENI MANA BIRABABONA MANA DUFASHE

  • barundi jewe nkunda gusoma ivyiyumvi vyanyu nasanze ivyiyumviro vyose bitandukanye. uko rero ivyiyumviro bitandukanye niko dutegerezwa kubana, iyo nihweje abashaka gutwara igihugu ingene bangana binyereka ko atampore ihaye iraboneka vuba! kuko umwe wese yifuza kuhashika amanje kuvumbagaza mugenzi we kumutukisha nokumwambika ibara. pacifique we mugucafuza leta araheba agahinda nkindege, ariko nasanze ari ubwenge buke bumukoresha.

  • Abasenzi Nibasengere Uburundi Kuko Burageramiwe President Nawe Ndamusaba Ko Yokwihangana Akareka Iyo Manda Ya Ga3 Twebwe Abanyagihugu Tukaruhuka Kuko Turishwe Nubwoba.

  • ivyo vyose bizohera ntakinanira Imana.

  • AMATORA YA 2015 AZOGENDA NEZA. TUZOMUTORA TWIVUYE INYUMA. KUKO NITWETUZI AHOYADUKUYE. MUGAGUSA ICOTWOMUSABA AMAFRANGA YAMARUNDI AYAHE AGACIRI!

  • AMATORA YA 2015 AZOGENDA NEZA. TUZOMUTORA TWIVUYE INYUMA. KUKO NITWETUZI AHOYADUKUYE. MUGAGUSA ICOTWOMUSABA AMAFRANGA YAMARUNDI AYAHE AGACIRI!

  • AMARASO AMAZEGUSESEKA NIMENSI NTAMUSI UHERA NAREKE HARYE ABAND NTARASEKO YITOJ IGIHUGU NTABANTU BAGISIGAYEMWO IRYOYAKOJE RYARAHAYE TURAS 3

  • AMARASO AMAZEGUSESEKA NIMENSI NTAMUSI UHERA NAREKE HARYE ABAND NTARASEKO YITOJ IGIHUGU NTABANTU BAGISIGAYEMWO IRYOYAKOJE RYARAHAYE TURAS 3

  • aradutwara kabisa yaravyiyemeje ahubwo turabe ingene twakenyura dushiramo imbaraga naho ubundi ntivyoroshe!!

  • ok!Twese turanka manda ya3

  • Kuber’iki Adolf na Guillaume bagomba kwigira ibimana mu Burndi?Bamenye kw’ata muntu baremye n’Imana gusa

  • KU NKURU BAVUGA VYEREKEYE INGWANO ZABAYE MU CIBITOKE UNO MUSI VYAGENZE GUTE?

  • ha abo ninutsa nahamenja ivyo bavuga nabubeshiburimwo

  • Ndifuza ko abobanyeporitike,bobivamwo,twebwe,abarundi tukaguma mumahoro,n’umutekano.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.