IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Afrika y’ubuseruko ntiyemeje ko Uburundi bwokurwa muri uwo muryango

Afrika y’ubuseruko ntiyemeje ko Uburundi bwokurwa muri uwo muryango

vendredi 5 Ruhuhuma 2016, par egide

Inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yahakanye ko Uburundi bukurwa muri uwo muryango, nk’uko vyari vyasabwe. Umuryango wa Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko uwo atariwo muti w’ibibazo biri mu Burundi.

Iyo ngingo yamenyeshejwe kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2016, inyuma y’aho ihuriro ry’abanyamategeko hamwe n’abahinga mu bijanye n’agateka ka zina muntu muri Afrika basavye ko Uburundi bwofatirwa ibihano birimwo ugukurwa muri uwo muryango, hamwe mbere n’ukwankirwa kurongora uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko, kuko Uburundi bwananiwe n’ugukemura ibibazo vya poritike burimwo.

JPEG - 62.8 ko
Abdullah Mwinyi, umuyobozi w’umurwi ujejwe ibibazo vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko, hamwe n’ugukemura ibibazo mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko

Abdullah Mwinyi, umuyobozi w’umurwi ujejwe ibibazo vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko, hamwe n’ugukemura ibibazo mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, yamenyesheje ko gukura Uburundi muri uwo muryango atarico gikenewe mu karere.

Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yamenyesheje kandi abagize umurwi w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bo ku rwego rwo hejuru bazoza kubonana n’abategetsi batandukanye b’Uburundi, abo nabo akaba ari umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba, hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Hailemariam Desalegn.

Abo bategetsi batandukanye bazoba baje kubonana na Reta y’Uburundi mu ntumbero y’ukuvugana ingene ibiganiro vyotunganwa, hamwe n’irungikwa ry’inteko mvamakungu (MAPROBU), mu gihe Reta y’Uburundi yovyemera.


IGIHE

Messages

  • Ntaciza Comviwanyu Mwarariye Igiturire Mbega Inzonteko Nzozomuvugazozagute? Mwaravyas!MwaNke Kudutabara, Canke Mwemere Imana Yoyo INzodutabara Ntamura Indahita Nta nijoro Rindaca

  • Muragomba mumugire umukuru wanyu ntaco vyodufasha, kuko inganda zizobandanya gutikira, nayivyo vyokurungika inteko,mwabivuze kera vyarabananiye, abakera nibo bayamaze ngo ijambo ryama mukanwa rigacikinkonda. murarungika canke mureke. na yabo bategetse bazoza mu Burundi baraza ariko ntacombona bizohinduara, haruwise umwana ngo bizorame ntangare.

  • imana irakunda uburundi imbereniheza

  • Mbega Afrika Nub’iraciyumvira Kurungika Maporbu! Ahonuko Onu Itavyemej! Iciza Uburayi Kurafrika Suguteza Intambara Bakaronka Amasoko Yibirwanisho Bacura Nisoko Ryimpungurure Zibigora Bakitwarir Nubutunzi Bwahaberey’Intambara; Nibarabe Ivyobakoze Sudan Na Ribia Na Somalia. Iryane Zomurafrika Ninyungu Kubazungu. Ewe Afruka Cubwenge Ntutwarwe Nubukene.

  • Oya barakabona bavyanse kuko uburundi bukuwe muruwo muryango nkurumbi yoca akinda agaramye atacamama ,kandi abarundi twoba tuguye mumporero zababegito bari kurushi

  • Uwomugwi Muzorugika, Ntawodushaka Baragumiwabo Ntaciza Kibavamwo Kuko Ivyabo Turabizi Muragumiwanyu Turabase Tunzobaho Nkukotwaritubayeho Ntagishash Banzozana

  • oya nti boca babukura mu karere ka africa y’ubuseruko,kubera ibibazo vyose biri mu burundi,vyatewe n’umuntu umwe.urumva rero ko hariho abarundi beshi boba babihombeyemwo.

  • Ntibokuramwa.kagame.avuruga.akarere.yarakwiye.kwiyegereza.umukama.ntimubona.kagezekure

  • Ntaco bambereza nkurunziza nakarwi kiwe,umuti w’ingwara n’ukuvurwa,vive la belgique,vive l’EU,vive le canada et d’autres pays qui ont manifesté qu’ils sont contre le despote

  • Uburundi Babureke Bugumemwo Kumbe Buzisubirako

  • Izontumwa nizizezirabire ingene umutekano.Ariwose mu Burundi ariko izontekozigisirikare;ntazodukeneye kukoturavye murirusangi.Ntacozizobazije gukora kukoumutekano urakwiyehose ntantambara ihari.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.