Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Afrobarometre yerekana ko abanyagihugu benshi badashigikiye ikiringo ca (...)
Afrobarometre yerekana ko abanyagihugu benshi badashigikiye ikiringo ca gatatu muri Afrika
mercredi 10 Ruheshi 2015
Ikigo gikora amatohoza muri Afrika ku bijanye n’intwaro Afrobarometre kimenyesha ko mu bihugu vyinshi vyo ku mugabane wa Afrika,abanyagihugu baho badashigikiye ko abakuru b’ibihugu botwara ibiringo bitatu.
Ico cegeranyo casohotse, inyuma y’icigwa cakozwe mu bihugu birenga 30 vyo ku mugabane wa Afrika,kuva mu mwaka w’2011,igihugu ca Algerie akaba arico conyene cerekanye ko abanyagihugu baco badashigikiye ko ibiringo vyoba bibiri gusa.
Naho abategetsi benshi bavuga ko kubandanya batwara ibihugu kuba ari ugushaka kw’abanyagihugu,ubwo bushakashatsi bwerekanye ko hagati y’umwaka w’2011 n’2013,abanyagihugu 9o% bo muri Benin,86% bo muri Cote d’Ivoire,85% bo muri Mali na 84% bo muri Guinee batemera ko umukuru w’igihugu yorenza ibiringo bitatu.
Muri Algerie hoho abanyagihugu 44% bavuga ko umukuru w’igihugu yorenza ibiringo bibiri.
Ico cegeranyo c’ikigo Afrobarometre cerekana ko mu Burundi,aho ikiringo ca agatatu c’umukuru w’igihugu giteye impari muri kino gihe,ibintu vyahindutse kuko mu mwaka w’2012 ibice 51% vyari bishigikiye ko umukuru w’igihugu atorenza ibiringo bibiri,mu gihe mu mwaka w’2014 ibice 62% arivyo vyari bishigikiye ko umukuru w’igihugu atorenza ibiringo bibiri.
Ariko naho ivyo bimeze ukwo,uwakoze icigwa avuga ko bitabuza ko abakuru b’ibihugu babandanya kwitoza kandi abanyagihugu badashigikiye ko boguma babatwara.Aha atanga akarorero k’igihugu ca Togo,aho mu mwaka w’2014 ibice 85 % vyerekana ko bidashigikiye ikiringo ca agatatu ariko umukuru w’igihuguFaure Gnassingbe agasubira kwitoza.
Messages
10 Ruheshi 2015, 13:09, par SDD FDD %%%%
ABOBUNTUBESHI NIBANDE KO ATABAHARI BAKIRWANYE URETSE ABANTUBAKEYICANE NIBABA ARIBESHI NIBAZEBATOBATSINDE TWEBWE ABENEGIHUGUTURAZI IKIBINICIZA NTIMUDUHENDE ABANYAGIHUGUTURIMUGIHUTURENGA 9O% ABOBATASHEMURWANDA BANGANA 1O% UBONABOTSINDA ?? ITSINZITURAYIFIRE 1OO%% SDD FDD
10 Ruheshi 2015, 13:20, par kuri
JEWE NARAKOZE UBUSHAKASHASTI MUBURUNDI 90 % BARASHIGIKIYE IKINDIKIRINGO CAKIZIGENZA NKURUNZIZA KANASTINDA TUZOBATUMUTOYEKABIRI
10 Ruheshi 2015, 14:36, par Bucumi
10 Ruheshi 2015, 14:48, par imbabazi
buriya hari abantu babona ko abanyagihugu nkuko umengo ntabwenge bafite,canke batabona ibihaye bikogwa. ayo matohoza naho woyatuma umwana wumucuku ntabwo vyomugora gutohoza. ama Quartier y’ibujumbura adashika 08 gusa ari mumyiyerekano hama ukaraba uburundi n’abarundi bakakaje banyotewe amahoro icogiharuro canke ayomatohoza yakozwe nande? ibinyoma vyokuyovya abanyagihugu.
10 Ruheshi 2015, 15:05, par justice
SDD FDD n’iki? Ivyo vyerekana ko ivyo wavuze ata kuri kurimwo kuko nta bushakashatsi nabumwe bwakozwe.Hindukirir’Imana, murondere ubwami bwayo n’ubutungane, ibindi vyose bizoza nk’umusesekara. Murakoze!
10 Ruheshi 2015, 17:54
none ko mwigira ibijuju? urashobora kuvuga ngo amahoro, abandi bariko bicwa? iyo muba muzi ukwo abo ba DD bavutse ntimuba mudedemba nkivyo. rindira namwe muzobibona. ntamahoro ya bamwe abandi bariko bicwa.
10 Ruheshi 2015, 20:06, par big
nukuri batagura nakarimi gasosa arko amatama amaze gufora ikabigorane kuhava ikibituma nikihe?nibareke kudutezamaganya nibatuvireho namada maremare gusa badutez amaganya namarira mumiryago yacu muri africa
11 Ruheshi 2015, 05:00, par Em
Abobampemayuzuye Badahaga Kurimanda2 Nahobotwara Manda100 Ntavyiza Bozanira Igihu Nacanecane Muburundi.
11 Ruheshi 2015, 13:20, par ndvn
jewe nguma mpanura ukuri niko kwabuze vyukuri igihugu cose cikukiye kirafise amategeko akigenga namategeko mpuzamakungu yose akwiye kwubahirizwa iconzi icocegeravyo sico muburundi ibwirizwa shingiro ryanditwe nabi izo ngingo abanyeprotike batunvikanyeko nibihangane sentare yubahiriza ibwizwa shingiro yaravuze ntivuguruzwa kwisi yose ico ivuze nintabanduka kuko niyo iri hejuru numukuru wigihugu arahira imbere yayo mpanure bene wacu aho tumena amaraso abarundi mutama nimureke azotsindirwe mukazu kamatora ariko ntimumene amaraso kuko niba mubona kure ni mwamukura nabi mubona abari inyuma yiwe nanyu batazobononera muzobashirahe kari gusubira inyuma nkibirenge murafise ubusho muzofungiramwo 90%zabanyagihugu ziri inyuma yiwe mubona barahuramye mwiyumvira ngo ntabafise ntimwoja mwibararabara ngo nabobo bajeyo oba babaye kimwe ariko mumukuje ingufu sinzi ibizokurikira ibujumbura muzobe mwateye ibitoke muzoguma murya ntago araho.twifuza vyogera hindukira tubane twubake igihugu naho ico cegeranyo sico
12 Ruheshi 2015, 14:05, par nahimana
iyo manda ya 3 irimwiki ga yemwe hako igihugu nabeco bacanamwo ntiyorekugwa tukibanira mumahoro ivyo yakoze mumyaka 10. Imana ibimushimire narab uwundi mushingantah amusubirire numva atangorane vyari biteyee