Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agateka ka zina muntu mu Burundi kaganiriwe i Genève - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Agateka ka zina muntu mu Burundi kaganiriwe i Genève

Agateka ka zina muntu mu Burundi kaganiriwe i Genève

mercredi 23 Ntwarante 2016, par egide

Abagize inama ijejwe agateka ka zina muntu y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakoraniye i Genève kuri uwu wa kabiri, kugira barabire hamwe uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi, igihugu kigira gikwize umwaka kiri mu ndyane za poritike. Muri iyo nama hari hatumiwe abaserukira Reta y’Uburundi hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Imbere y’uko iyo nama itangura, abahinga batatu ba ONU muvy’agateka ka zina muntu bahora mu Burundi babanje gushikiriza icegeranyo c’amatohoza baherukamwo mu Burundi, mu nyuma hakurikira uguhanahana ivyiyumviro.

Inama ijejwe agateka ka zina muntu y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagarutse ku kibazo c’abantu babandanya gufatwa bagapfungwa amategeko atubahirijwe, ihohoterwa rya kiremwa muntu, abantu bafatwa mu nyuma bakaburirwa irengero. Umuvugizi w’inama ijejwe agateka ka zina muntu y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yibukije ihagarikwa ry’abanywanyi 16 ba FNL bari mu barongoye abandi, ihagarikwa n’iburirwa irengero rya Hugo HARAMATEGEKO umukuru w’umugambwe NADEBU hamwe na Marie-Claudette Kwizera umunyabigega wa Ligue ITEKA akwije amezi ane atawuzi iyo yajanwe.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe agateka ka zina muntu yamenyesheje ko ata muntu n’umwe afatwa n’abajejwe umutekano mu nyuma akaburirwa irengero, akavuga ko ari abagizi ba nabi bambara impuzu z’igiporisi banyuruza abantu kugira vyitirirwe inzego z’umutekano.

Petero Karaveri MBONIMPA umukuru w’ishirahamwe APRODH ntiyabihurijeko n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, akavuga ko ata wocapfuza igihugu c’amavukiro yiwe. Yamenyesheje ko ivyegeranyo batanga ku bantu baba bishwe canke baburiwe irengero aba ari amakuru y’ukuri bafitiye ivyemezo, mbere n’amazina n’amasanamu yabo bakaba baba bayafise. Petero Karaveri MBONIMPA yasavye uwo mushikiranganji ko yokwerekana uwukiri muzima mubavuzwe ko baburiwe irengero, kugira bigaragare ko ayo mashirahamwe atanga ivyegeranyo bitarivyo.

Inama ijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye abategetsi b’Uburundi kwemera ko ONU yorungika abandi bahinga icenda kuva kw’igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2016, kugira babandanye amatohoza mu kiringo c’amezi ane.


IGIHE

Messages

  • None ikinyobera ONU akazikayo nako guharura imivyimba canke nako kubuza ko abantu bapfa erega ayomanama bamamwo bamenyeko ataco ariko arafasha abarundi bariko baratikira icabarundi bakeneye nugukingwa samanama kuva aho ONU yagahereye ivugako hamaze gupfa abantu barega majana400 nkahumenga kuva ubwicanyi bwagatangura harumusi wijana abantu badapfuye ikizwico abamaze gupfa nibeshi bararenga kure niyo ivyo bitigiri vyanyu mbekuki mudakorera kuvyegeranyo bitangwa namashirahamwe yiwacu kandi ariyo aba afise abantu bahibereye canke Ngo mugende kubaza abamaze kubura ababanyi nincuti zabo ahubwo nimuvuge kwari ikimwaro cukubona abantu batikira muri ngaho mukabura icomukora Ngo mubatabare kandi arico mushinzwe

  • NIMUZE KUKO UBURUNDI NINYABAGENDWA ARIKO MUMENYEKO UBURUNDI BWIKUKIYE APANA RERO KUZOZANAMATEGEKO MWISHAKI NAYO UYOMBONIMPA KOYAHUNZE AYOMASANAMU YAYAKUYE HEHE?KOYIYISE SINDUMUJA WA NKURUNZIZA NABE ARIBERA UMUJA WABABIRIGI.

  • Ubwo nka Mbonimpa ntiyoza za kuvugira Bantu ari mugihugu akabuza nana Bayern amagrenade

  • Muvyashikirijwe Numushingantahe Karaveri Mbonimpa ni vyo dusanga arivyukuri. Nayivya shikirijwe nuwo mushikirangaji ni kiryoma cambayu busa, nukuri nibara ryo kumutemere kubahuka kuvuga yuko kwa tabantu banyuruzwa nikiporisi bakaburirwirengero, mbega bibaza kwabantu ari bijuju nkabo ngo bareke kubona ibintu bikorwa izuba riva ! ni baze bemera kobahemutse, ataco bacambariye. Hano muburundi siniyumvira kwa bategetsi Buburundi bakwije ibisabwa namategeko !kuko imvigo yabo ntakuri nigera bonamwo. ahubwo bakwiye kuba mubihugu vya mbere kwisi bihohotera agateka kazina muntu.

  • Abarundi ubwabo batikubise agashi ngo bumvikane,ubwabo bagahana bimwe biboneka abo bagesera binjavyi zitoba umutekano mbere nuwukoze ivyaha vyo kugumura igihugu bakamukorera nka kumwe bakorera umumenja, Nta mahoro abarundi bazoronka muri ONI.Reka duhere72 abantu bagumye bapfa Oni itariho? Ndadaye,Ntaryamira,namakudeta yakurikiye ivyo vyose,Harico oni yakoze?Oni nimba harico yokora m’Uburundi ba Buyoya bakigazagaza,irakora mbone!Uwuvura neza igihute arakimena kandi sivyiza kwoza isahani inyuma imbere yuzuyemwo umwanda,abayibona ibabonekera neza ariko abariye ibiri muriyo bibateza amacinya canke ubundi bugwayi(kuko yozwa inyuma gusa.)Ubucamanza mpuza makukungu niba buhari nibubanze buhane abategetsi bakera bakoze amakosha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.