IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Aime Alain Nyamitwe:" Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda yifashe (...)

Aime Alain Nyamitwe:" Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda yifashe neza"

mercredi 26 Myandagaro 2015

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Aime Alain Nyamitwe amenyesha ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu c’Urwanda yifashe neza,naho hari utubazo dushobora gucamwo.

Alain Aime Nyamitwe avuga ko ikibazo kihari ari uko Urwanda narwo nyene ruzi ko ruhaye indaro bamwe mu bagirizwa ivyaha bikomeye mu gihugu,harimwo icaha co gutembagaza ubutegetsi.

Ku bijanye n’uko hari abanyarwanda bafashwe bagapfungwa,umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko ayo makuru yayamenye biciye mw’ikete yarungikiwe n’ubuserukizi bw’Urwanda mu Burundi.

Alain Aime Nyamitwe avuga ko nawe yamaze kwandikira abajejwe ubutungane kugira barabe ko abo bafashwe ataco bagira,basanze ataco bagira barekurwe.

Ku bijanye n’abadandaza bava mu gihugu c’Urwanda bakorera mu gisagara ca Bujumbura bahagaritswe n’inzego z’umutekano,Alain Aime Nyamitwe amenyesha ko yaba umurundi canke umunyamahanga arekuriwe kudandariza mu Burundi adafise uburenganzira bumwemerera gukora urudandazwa.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yavuze kandi ko, ku bijanye n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi basavye ko abajejwe umutekano bava mu bihugu vyabo bokwongerezwa,ivyo ntibikunda kuko Uburundi burafise abajejwe umutekano bakwiye abo nabo nibo bacunga umutekano w’abarundi n’abanyamahanga.


IGIHE

Messages

  • Kuba imigenderanire yifash neza entre Burundi et Rwanda nivyiza ariko reta yuburundi nirekur abanyagwanda bapfungiw iburundi abadandaza babandany utwabo

  • Abo mufunga baba bariko barashaka ubuzima nk’abandi bose nimubarekure kuko ntabwo aribo batuma iki gihugu gihora mu ryane, nimushakire impamvu ahandi!

  • imigenderanire nimyiza gute mwaaamaze abanyarwanda mubica abandi mubafunga? interahammwe mwazanye we na cakinywamaraso capfa ngo ni dolphe ntizamaze abanyarwanda zubica,, mu ruyigi babica leta irebera, i buja ho waamenngo ni impene bariko barabaga. muzobazwa vyinshi

  • Mwikebuye hakiri kare mwaba DD,subwo twebwe mudufata uko mwishakiye,ko mwumva muri abagabo reka kurekura abo banyarwanda?numusazi aratinya nyina,KAGAME we ntakina yobamesa.

  • Karasizingani numurundi azobo ariko arirenganira acamubineibihugu azozabana afatwa atazi icazira kubera abiyitabanyamitwe barikobafata ubuhanuburundibagateranya ivomoryotwaramazekuriharirwa imananiyikorere ivyayo

  • Harabantu bazohora bagendera mukivunge basange basigaye bonyene ariko nkawe #Falcon urazi imisore yabahutu babarundi bicwa bagiye guca ingero muRwanda ko mutabavuga ngaha Kagame we ntanumwe ateyubwoba kuko M23 yawe barayishize hasi America ireberera Kandi Kagame subwambere atera Uburundi arko yakubwiswe nabi cane nubundi nagerageza azokubitwa

  • Twebwe abarundi dusanzwetuziko kujamukindigihugu kwarukubanza kurabako ufise uburenganzirabukwiye bwokuja mubindibihugu, sinzi nkivyobitazi vyibicengezi vya Kagame.

  • Ibi bintu nta numwe ubyungukiramo haba umurundi cyangwa umunyarwanda. Ubu hazakurikiraho gufunga aba birigi(les belges)? ko naho hari abashatse gutembagaza ubutegetsi. Murebe niba batarengana mubarekure nabagirizwa mubavuge namwe mwake urwanda abo banyabyaha babarundi baba bihishe i rwanda

  • Ese uyu niwe mutindi nyamitwe ariko ndabona afite agatwe gasumbana niyo mpamvu bamwise nyamitwe wagirango ni nyiramuhari

  • Ubwo se, urabeshya nde? Ngo imigenderanire ni myiza? Ariko, jye, narumiwe... Kubera amafuti nk’ayimpyisi abategetsi b’Abarundi bakora, basigaye bikanga buri kinti cyose, cyaba igihumeka, n’ikidahumeka, harimo n’ibicucu (cyangwa ibitutu mu Kirundi) byabo!!! Ibi ni akumiro!!! Nyuma yo gufata no gufunga izo nzirakarengane zishakirizaga ubuzima, noneho, bikomye secretariat ya East African Community ngo iriho irabagambanira, ishaka ko birukana uburundi mu muryango. Ubu se, barabona inyungu Ubunyamabanga bw’umuryango wa Afurika y’Uburasirazuba bwaba bufite nyungu ki mu guheza Uburundi, cyane cyane ko, mugihe byaba bibayeho, bishoboka ko byadindiza bimwe mubikorwa byawo? Jye, mbona basigaye bameze nk’umwana uhiye mu kwaha, pe!!! Nyuma yo kwikoma Abasenyeri ba kiliziya gatolika, aba diplomates, ibihugu by’iburayi, Amerika, U Rwanda, Société civile yabo, amashyaka atavuga rumwe n’iriri kubutegetsi, n’abandi n’abandi, ubu, hatahiwe Richard Sezibera!!! Buriya icyaha cye nta kindi, uretse kuba ari Umunyarwanda!!!

  • Ariko nkawe wiyita Imbonerakure n’abandi mwumva muri abahutu cyane kurusha abandi bahutu cyangwa mwarahuye n’ibibazo kuruta abandi mwari mwabona Kagame aza i Ngozi Nkurunziza yahasuye ngo amugishe inama ku ciringo ca gatatu nkuko byagenze Nkurunziza aza i Huye Kagame yisuriye abaturage tumukunze kandi tumushaka?!...mwari mwabona abasoda banyu baza kuzimya umuriro ahantu hahiye nkuko byagenze marche centrale de Bujumbura ikongoka?!...bavandimwe b’ababarundi hari ibintu mwitiranya,uretse ko muba munivugira na Nkurunziza abizi iyo muvuga ngo batere u Rwanda ntimuba muzi ibyo muvuga!!!...mwabona icyo Nkurunziza ajya avuga ko uzo cana umuriro uzoherera iwe!!!...ese kuki mutavuga abahungiye Tanzania ko aribo benshi?!

  • Kagame turamurindiriye n’igisoda ciwe. Muri kongo bohasize agatwe benshi abasigaye bazinga amabinga basubira iwabo mu Rwanda. Kandi batayeyo na tonnes 300 zimbunda. Gusa nibaza i Burundi tuzobakurikira kugera mundiri yabo i Kigali

  • IMBONERAHAFI NI NTERAHAMWE ZO MU RWANDA za baye nkabana agakubise kose ngo nu Rwanda????
    umva uretse mwe ba civiles mwihisha inyuma ya cravier mukandika ibigambo ngo U Rwanda ruzobona
    Nkurunziza rwose nigisoda cye barabizi neza ko u Rwanda rubateye bitafata iminsi 7 tudafashe bujumbura tugahita dushyiraho reta ibereye abenegihugu.

  • @Inkotanyi cyane
    "...mwari mwabona Kagame aza i Ngozi Nkurunziza yahasuye ngo amugishe inama ku ciringo ca gatatu nkuko byagenze Nkurunziza aza i Huye Kagame yisuriye abaturage tumukunze kandi tumushaka ?!."
    Niba ariko biri, ko Kagame abaturarwanda mumukunda kandi mumushaka, nibaza ko yabahaye umugoto (hypnose)! Igihe muzikangura uri iryo tiro rirerire muzobabara bikomeye ndabarahiye!

  • @muzinga
    Umwana(BURUNDI)arasya nta voma(Rwanda)

  • @MUGISHA. usibye kuba intagondwa wibagiwe akakanya tonnes 300 zintwaro twataye congo. umbaze njye wari uhari ukuntu aba congoman baducucumye. tukirukira mu rwanda no muri uganda. njye nagize Imana igisirikare cy.inkotanyi mpita ngisezera kandi benshi mubo twajyanye kongo barahahamutse. niba ushaka intambara uzajye imbere abarundi bagusature inda. ubwo umaze guhaga niyo mpamvu uvuga ubusa nk.umupfayongo.

  • BAZA NKANDE GUCUNGERA UMUTEKO MUBURUNDI NIWOSE URAKWIYE MBERE NOKURENGAKO URASESEKARA DUFISE SOLDA POLICE ET IMBONERAKURE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.