IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Albert MANIRATUNGA yakuwe mu burongozi bw’ikibuga c’indege ca (...)

Albert MANIRATUNGA yakuwe mu burongozi bw’ikibuga c’indege ca Bujumbura

lundi 16 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Ubuyobozi bukuru bw’ikibuga c’indege ca Bujumbura bwahawe Emmanuel Habimana. Agiye mu kibanza cahoramwo Albert Maniratunga.

Kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nimero 100/27 ryo kuwa 13 Ruhuhuma 2015, ikibuga c’indege ca Bujumbura cahawe indongozi nshasha. Ubuyobozi bukuru bwahoramwo Albert Maniratunga bwahawe Emmanuel Habimana batazira Muzinga, akaba yahora arongoye Air Burundi.

JPEG - 76.3 ko
Albert MANIRATUNGA yahora ari umuyobozi w’ikibuga c’indege ca Bujumbura

Ubuyobozi bw’igisata kijejwe umutekano ku kibuga c’indege ca Bujumbura (Direction de la Régulation de la sureté, de la sécurité et de l’économie du transport aerien) bwahawe Deus Niyonkuru, mu gihe ubuyobozi bw’igisata kijejwe ibikorerwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura (Direction des Aeroports et des services de navigation aérienne) bwahawe Pacifique Musongera.

Albert Maniratunga yahora ari umuyobozi mukuru w’ikibuga c’indege ca Bujumbura akuwe muri ayo mabanga inyuma y’aho habereye isanganya ry’indege ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Hari kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2014 aho indege yo mu bwoko bwa Boeing 747 yerekwa nabi inzira, igaca igira isanganya. Bikaba vyavuye ku ngingo yaheruka gufatwa aho ku kibuga c’indege ca Bujumbura, y’uguhindura abereka inzira indege bari babimazemwo imyaka myinshi, bashiraho abandi bashasha bivugwa ko batigeze bahabwa inyigisho zikwiye z’ukwereka inzira indege.

JPEG - 67.2 ko
Albert Maniratunga ahagaze imbere y’iyo ndege yagize isanganya

Egide Nduwimana

Messages

  • none ga ibintu vyose bizobanza gupfa kugira bamenyere guha akazi uwugakwiriye, ko bama baha abize gukerera amazosi gusa, kurasa hoho birigwa.

  • nawenyene yari yahagiye akuje bajos mbere yaranavuwe ko kubona muzinga bamugiwe icegera ca aeroport atize indege zitazosubira kuhagwa. ntukagirire mugenzawe uko utifuza ko nawe bakugirira

  • Igihugu kigeze aho kigeze kubera uwuzi ibintu atagira nkunzi , ntabe mu mugambwe, ntagire ikimenyane, nibindi ataronka akazi.
    Ahubwo kumukura ntibikwiye nimba iyo ndege hari ico yabaye nagire réparation des dégâts matériels.
    A l’heure où nous sommes, il faut de bonnes personnes àla bonne place. C’est àce prix que Notre cher pays, le Burundi kizotera imbere kikagera aho ibindi bihugu bigeze.

  • Oya Kiki,iyo ngingo ya nyakubahwa umukuru w’igihugi iratomoye. Mubisanzwe nkahandi, itohoza rimaze kwerekana ko isanganya ryiyo ndege ryatewe n’umukozi atari bwamenyere akazi, Maniratunga ntiyari kurindira ko abogozwa, yariguca atanga imihoho bunonyene.

  • Mugenzi gezaho ntacushikuza emwe!!!ntuyivugije uyiciye umurya base arashikiriwemubacana amazosi?uburero muburundi ntanumwe yera?mana garukira uburundi

  • Mugenzi gezaho ntacushikuza emwe!!!ntuyivugije uyiciye umurya base arashikiriwemubacana amazosi?uburero muburundi ntanumwe yera?mana garukira uburundi

  • yamukuye kuko kumbure arimubadashigikiye ikiringo ca gatatu!!!ko atakuye abashize BOB mwibuye kandi igihugu gishobora kuhaburira ibifaranga bishoborakubeshaho igihubu imyaka myinshi?mureke guhendwa!nimubimenye mumenyere.

  • Bari baratevye kumukura kuko ngira hari ivyo bazinanyemwo n,abategetsi uyo yavyonze kuva kera bagikorana nuwitwa Habimana Emmanuel batazira Muzinga ari icegera ciwe hama induru ningingo zagasakisaki ahubwo nubu wobona bamugarukana kuko vyarigeze kuba bamukura umwanya muto amasaha make cane aca aracengetera numa segunda babona irindi tegeko rije rivugururuza iryambere kandi yose yatowe numuntu umwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.