Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amaguru amukundiye ageze i Nyanza-Lac guteramisha abakunzi biwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > T-max > Inkuru > Amaguru amukundiye ageze i Nyanza-Lac guteramisha abakunzi biwe

Amaguru amukundiye ageze i Nyanza-Lac guteramisha abakunzi biwe

vendredi 7 Ntwarante 2014

Umuririmvyi w’umudiho wa Rap, T-Max Wanajeshi arafata urugendo aho azoteramisha abo mu gisagara ca Nyanza-Lac.

Ku muhingamo w’uwu wa gatanu, T-Max ari kumwe n’umuririmvyi Franki barafata urugendo rubamushikana mu gisagara ca Nyanza-Lac aho ni mu ntara ya Makamba. Muramuzi, aririmba mu mudiho wa rap. Tumubajije igituma yahisemwo kugirira ico giteramo aho i Nyanza-Lac, uwo muririmvyi avugako iriya ntara ari iyabo, eka n’abanyagihugu baho baramukunda.

Ico giteramo agiye kuremesha i Nyanza-Lac mu nzu y’ibiteramo yitwa "Night Club" guhera igihe c’isaha cumi z’umuhingamo (16h00). Hazoba ari k’umunsi w’ejo w’igenekerezo rya 08. Kubera abakunda, igiteramo kiri ku mahera 1500 y’amarundi y’ukwinjira ku muntu.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ari kumwe na Yoya Jamal na Samantha bagiranye amasezerano y’umwaka y’ugukorana n’inzu Ikoh Multiservice ihingura amasanamu, indirimbo, n’amareresi. Ayo masezerano nayo kuzokora indirimbo, n’amasanamu bizoja murukwirikirane " You’will Love Changes Vol1."


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.