Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > T-max > Inkuru > Inyuma y’isanganya, T Max ariyegereza cane Imana
Inyuma y’isanganya, T Max ariyegereza cane Imana
lundi 13 Gitugutu 2014
Inyuma yaho agiriye isanganya Imana igakinga ikamurokorera ubuzima, umuririmvyi T- Max yabandanije ashima ku buzima Imana yamusubije. Aboneka asenga yiyegereza Imana.
- T Max ariko arasenga
Amaze kubona avuye mu menyo y’urupfu, umuririmvyi w’umudiho wa Rap T Max yicisha bugufi yiyegereza Imana. T Max arangamije hejuru nk’uwuraba Imana, ati : "THANK God nehema kwa siku ya leo. Thanks to all my family, my friends and my fans kwa prayers zenu". Bisigura:" Urakoze Mana ku migisha umpaye uno munsi. Ishimwe ku muryango wanje wose iyo uva ukagera, ku bagenzi banje hamwe n’abakunzi ku bisabisho vyanyu."
Hamwe rero umuririmvyi T Max yoba yahora asenga yoba ari amata avyaye amavuta ariko hamwe yoba yibutse kwambaza Imana kubera imwongeye iminsi twomwipfuriza kubandanya.
Mwomenya ko T Max yagize isanganya mu gatondo ka kare kw’igenekerezo rya 09 Gitugutu, imodoka yarimwo yacitse ubunywenywe, uwo nawe arakomereka arikwo gutwarwa mu bitaro vy’abasirikare. T Max ashima Imana kuko ntiyaraye mu bitaro, n’ubu turonka amakuru ko ariko arakira.
Amwe mu mafoto y’uko isanganya ryagenze
- Imodoka yarimwo yabaye ubunywenywe
- Aho isanganya ryabereye
Cherif Nkeshimana
Messages
13 Gitugutu 2014, 12:19, par ladisbimenyi
IMANA ikora ibikomeye ahubwo je icombonandaye ayo mafoto akaba agihema reka natwe dufukame tumufashe gusenga kuko asa numuntu yazutse.IMANA ibandanye imuja imberemubihevyose azomara murakoze!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!..........
6 Ruhuhuma 2016, 15:27, par HATUNGIMANA.
hatungimana.tresor imanishimw.kubayara murokoy.ntawutoke nguruka.icogitangaza utipor.ndamwifurij. kuramba.ok.!
11 Nyakanga 2018, 10:55, par kibingwa bitagoye elias
pol san twarinduhovye umuhanzi