Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
T-max yipfuza guteza imbere umuziki mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > T-max > Inkuru > T-max yipfuza guteza imbere umuziki mu Burundi

T-max yipfuza guteza imbere umuziki mu Burundi

mardi 2 Ndamukiza 2013

T-max yaragiranye ikiganiro na IGIHE avuga ingene yatanguye ibijanye no kuririmba. Yivugira ko intambwe agezeko ubu ishimishije ibikorwa vyiwe bigenda birushirizaho gutera imbere ku munsi ku munsi.

JPEG - 29.6 ko

Yatanguye gukunda ibijanye no kuririmba akiri umwana muto kuko yakunda kwigana imiziki y’abanyamahanga, abamubona bakavuga ko afise ingabirano yo kuririmba.
Yagumye abikunda gushika mu mwaka w’2003 aho yaca atangura gukora indirimbo yiwe ya mbere yitwa “Bararao” iyo ndirimbo yarakunzwe cane ku buryo yamwongereje inguvu zo kubandanya gukora n’izindi.

Ashima cane ko abaririmvyi benshi babonye ko afise iyo ngabirano yo kuririmba baca batangura gukorana nawe indirimbo zitandukanye zimwe ari iziwe izindi ari izabo. Mubo bakoranye avuga nka Professor Jey wo muri Tanzaniya, Jay Polly wo mu Rwanda, Fizzo n’abandi benshi batandukanye.

T-Max ubu afise indirimbo ziwe zigera ku jana na mirongo itandatu, mur’izo izigera kuri mirongo ine zaramaze gusohoka, naho izindi hari izikiri mu buhinyanyuzi, n’izikiri mu bitabo.

Arongera no kumenyesha ko afise umugambi wo kuzokora ubuhinyanyuzi bwiwe kugira afashe abaririmvyi bataramenyekana kuko yibuka ko nawe agitangura yafashijwe na bamwe mu bari bamaze gukomera bica bituma amenyekana mu Burundi no mu makungu.

T-max ubu ariko yitegurira urugendo rwo kuzokwitaba ibiteramo muri afurika y’epfo, aho azoba ari kumwe na mugenzi we Big Fizzo, inyuma y’aho bakazohava baja mu gihugu c’Ububirigi n’ahandi henshi.

Icipfuzo ciwe ni ukumenyekanisha umuziki w’Uburundi muri Afurika y’ubuseruko mbere n’isi yose.


Joel Sengurebe.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.