Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > T-max > Inkuru > T Max yabeshujwe n’uwo bakundanye
T Max yabeshujwe n’uwo bakundanye
mercredi 21 Nzero 2015
Umuririmvyi wo muri Rap T Max ahejeje gutangaza ko ata gifashi mu rukundo, bisigura ko atawe bakundana muri kano kanya. Ivyo Martine bakundana arabihakana akavuga ko ariwe yavyanditse ku ruhome rwa facebook rwa T Max.
T max yashize ku rubuga rwiwe rwa facebook ikimenyetso abatagira abo bakundana bakunze gushirako, ati :" Ndigenda". Ivyo T Max yanditse vyatangaje benshi narirya bizwi ko akundana n’uwitwa Martine kandi bamaranye igihe kitari gito. Ivyo kuba T max yarakundanye na Martine bibonekera ku mafoto bashirako bari kumwe, hamwe n’ibiganiro ku nsamirizi, aha tukavuga ifoto yabo yabonetse igihe bari mu kiganiro kuri Isanganiro.
- T Max na Martine bari mu kiganiro mw’isanganiro
Martine canke Marti de Zoet tumubajije ko ivyo T max yanditse yoba yabibonye, yatwishuye ko twobaza uwo vyega hama atubwire uwo bari kumwe. Mu bibazo twamubajije ku bijanye n’urukundo rwiwe na T max yanse kugira ico abivuzeko, ati :"jewe ntaco nokwishura kuko sindi umusani urumva urabaza uwo vyega". Marti De Zoet arahakana kandi ko atari mu gihugu c’Ubuholande ko ari iwabo mu Kamenge mu Mirango.
Inyuma y’umwanya utari muto tuganira na Marti De Zoet, yahavuye atubwira ko ariwe ubwiwe yanditse ku ruhome rwa T Max rirya jambo, ngo yashaka kuraba ico abantu babivugako (comments). Marti De Zoet aremeza ko bakiri mu rukundo na T Max, kandi ko rutigeze ruhagarara.
Cherif Nkeshimana
Messages
17 Ruhuhuma 2016, 22:33, par jean dedieu
Ha Yemw Urukundo Rwikigihe Ha Martine Yarakwiriye Kumeny Vyi Shi Mubijanye Nurukundo Rwikigihe Sorry Kuriwe Ntanyumvd Nabi