Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe ane yagirizwa urudandazwa rw’abantu yahagaritswe
Amashirahamwe ane yagirizwa urudandazwa rw’abantu yahagaritswe
samedi 25 Ruheshi 2016, par
Amashirahamwe ane yo mu Burundi yari yavuzwe mu matohoza y’igiporisi c’Uburundi ko akora urudandazwa rw’ukurungika hanze y’igihugu abagore n’abigeme yahagarikiwe ibikorwa vyose. Umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura asaba ayo mashirahamwe yahagaritswe ko yokorana n’igiporisi kugira abo bagore n’abigeme bagarukanwe mu Burundi.
Ayo mashirahamwe yahagaritswe ni Royal Services, International Recruting Company Services, Burundi Recruting Agency , hamwe na Burundi General Services .
Amatohoza yakozwe n’igiporisi c’Uburundi ku bijanye n’urudandazwa rw’abantu yerekanye ko abigeme n’abakenyezi 267 aribo bamaze kujanywa hanze biciye mu nzira z’urudandazwa rw’abantu. Abantu indwi bagirizwa urwo rudandazwa bakaba bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya MPIMBA.
Igiporisi c’Uburundi giheruka kwerekana bamwe mu bagirizwa urwo rudandazwa. Nk’uko vyashikirijwe na OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, inyuma y’amatohoza yakozwe n’igiporisi, hafashwe abantu indwi bagizwe n’Abarundi batatu hamwe n’abanya Kenya bane, hamwe n’amashirahamwe 11 akora urwo rudandazwa. Muri ayo mashirahamwe, ane akaba ari ayo mu Burundi, ane yo muri Arabie Saoudite, amashirahamwe abiri yo muri Oman hamwe n’ishirahamwe rimwe ryo muri Kenya. Ayo mu Burundi akaba ariyo yahagarikiwe ibikorwa.
IGIHE
Messages
25 Ruheshi 2016, 11:17, par jakuba
kotwamenyereye ko muburundi benshi barengan!niba batarengana baze bahanwe,kuko ubucakara bwraheze niba ataporitike irimwo!ivyihishe inyuma.
25 Ruheshi 2016, 12:43, par Birababaje
Mwibagiye gufuta CNDD-FDD naryo ryagurishije benshi! Muhere kuri PEtero Nkurunziza, kuko yatumye benshi bahunga nibazako yashatse kubaronderera isoko kugira abarungike muri Oman na Arabia Saudite bitamugoye!
Muhagarike muhagarike vuba aje mu Mpimba ndabategetse!
25 Ruheshi 2016, 16:36, par CAKIRA
nagahomera bunwa kudandaza abantu! nabandi barinyuma yiryo shano nukubacakira!
25 Ruheshi 2016, 16:37, par CAKIRA
nagahomera bunwa kudandaza abantu! nabandi barinyuma yiryo shano nukubacakira!
25 Ruheshi 2016, 19:17, par NDI MUSASE ISSA
UBUTUNGANE,NIBUKORE ABOBAGIRIZWA AYOMAKOSA BAHANWE KANDI INTAHE IBAKUBITE MUGAHANGA MUKORE BONGERE BEREKANE ABOBIGEME NABOBAGORE BAGARUKANWE IZONKOZIZIBIBI NUKUZIHASHA.
25 Ruheshi 2016, 19:57, par niyonizigiye eddy
ahubwo,abobakora,ivy,onibabafate,babahane,kuko,nibara,kundandaza,umuntu,nkindagara
25 Ruheshi 2016, 19:59, par Jeanine
Ni babihagarike kuko ntawuzi ico baja kubakoza
25 Ruheshi 2016, 20:58, par NDAYISHIMIYE
BIRABABAJE IMANA IFASHE ABO BANTU BAZOGARUKE
25 Ruheshi 2016, 22:23, par karij
yo ngira umugore wanj yataye abana ngira azogaruka ariko sindavyizeye kabisa
25 Ruheshi 2016, 22:23, par karij
yo ngira umugore wanj yataye abana ngira azogaruka ariko sindavyizeye kabisa
26 Ruheshi 2016, 09:55, par alexis
Sha ntacoroshe muburundi buca kabiri ukumva ngo bayaretse ibikogwa vyayo mashirahamwe vyabandanije
26 Ruheshi 2016, 20:33, par Jay Peace
Non Abo Bigeme Na Bagore Baja Kubamaziki ? Ko Badatwara Abagabo Non !! Inyishu.
27 Ruheshi 2016, 07:33, par Migaboyimana Emmanuel
Mana Yanje Ivyahora Bivugwa Mu Mahanga Bivugwa Ubu Mu Burundi. Mana Tabara!
27 Ruheshi 2016, 13:39, par Famba
Ndakej Ig Police Cacu Kibandany Kironder Izonkoz Z’ibibi
27 Ruheshi 2016, 15:50, par leonard
Nibafatigw ibihano bikomey kuko nabagizi banabi p
27 Ruheshi 2016, 18:12, par kana
emweeeeeeeeeeeee, ngo turashimiye igipolice kandi vyose vyaba kirorera !!!!!!!!!!. baca he? barondera impapuro hehe? reka sha turashimiye pacifique na ma shirahamwe bakorana nyabuna ubonako bama batabaye Imana ibongere imitima yu buntu nayo ico gipolice ntaco tuzi umunsi kizodutabara kikadutabariza yuzoheza tukiririmbe.
27 Ruheshi 2016, 22:25, par Cizanye
Mbega agahinda mu bavyeyi
28 Ruheshi 2016, 02:51, par Nd
Ako Nagahend Aberuzi.Mbega Ivyo Ntivyagiz Abar Kubutegetsi?
28 Ruheshi 2016, 05:49, par HABONIMANA SEVERIN
YEMWE,AYO MASHIRAHAMWE NARABE UKUNGENE YOGARUKANWA ABO BARUNDIKAZI BASUBIRE MU MIRYANGO YABO KUKO URUDANDAZWA RW’ABANTU TWARARUSEZEREYE.
28 Ruheshi 2016, 09:34, par ND.EM
Abobantu badandaza abandi nk’intungwa bafatigwe ibihano kandi igiporisi kibagumye gushika abo batwaye babonetse niba barabariye naho babadahwe.
28 Ruheshi 2016, 19:40, par AMADI
Mudandaze abantu munya ko atarabo mwaremwe reka igihe kigere mubibazwe
28 Ruheshi 2016, 19:42, par AMADI
Mudandaze abantu munya ko atarabo mwaremwe reka igihe kigere mubibazwe
29 Ruheshi 2016, 03:47, par Mutabazi
IMANA ITABARE UBURUNDI
29 Ruheshi 2016, 16:02, par Nkunzimana Angèle
yemwe abagore n’abakobwa bazobamara kuko bafise imitima yizera ningoga nimwige kugendana amakenga nk’inuma.rekeguha amatwi abo bicanyi.mbe ako kazi babemerera ninde yababeshe ko hanze abashomeri baheze.yemwe yemwe ababishoboye mwese muze tuvire hasi rimwe twumvishe abo barundikazi bacu barekekujana nyabahururu.