Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe cumi adaharanira ivyicaro vya poritike yahagaritswe
Amashirahamwe cumi adaharanira ivyicaro vya poritike yahagaritswe
lundi 23 Munyonyo 2015, par
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwahagaritse vy’agateganyo ibikorwa vy’amashirahamwe cumi adaharanira ivyicaro vya poritikemu Burundi. Ayo mashirahamwe yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA yagirizwa imigumuko.
Kw’itegeko nomero 1597 Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intaro yo hagati mu gihugu yasohoye kuri uwu wa mbere, amashirahamwe agera kw’icumi yahagaritswe vy’agatekanyo.
Ayo mashirahamwe nta gikorwa na kimwe arekuriwe gukora, gushika hasohotse ingingo nshasha y’ubutungane bw’Uburundi, buhejeje amatohoza buvuga ko buriko burakora kuri dosiye nomero RMPG 696/MA.
- Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Ayo mashirahamwe uko ari icumi yagirizwa imigumuko hamwe n’ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Amashirahamwe yahagaritswe ni :
APROHD : Association de Protection des Personnes Détenues et des Droits
de l’Homme)
FORSC : Forum pour le Renforcement de la Société civile
FOCODE : Forum pour la Conscience et le Développement
PARCEM : Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités
Maison SHALOM
ACAT : Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture
Fontaine ISOKO
SPPDF : Synérgie des Partenaires pour la Promotion des Droits de la Femme
AMINA : Amicale des Militaires en Non Activités
RCP : Réseau des Citoyens Probes
Ayo mashirahamwe ahagaritswe inyuma y’aho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika nawe yaheruka kwugara ububiko bw’amafaranga y’ayo mashirahamwe.


IGIHE
Messages
23 Munyonyo 2015, 19:16, par maso
ha! subira muvuge. Biragaragaye ko RUFYIRI Yishijanye.OLUCOME Ko itahagaritswe? birababaje kweli. twebwe ko tuzi ko iryoshirahamwe ryiyamirije 3Eme mandat? noneho twaramubonye bamugotesha indya kuri la detente.
23 Munyonyo 2015, 19:18, par Vincent
Binyibukije Igihe Bagaza Bamuhenda Ngo Yugare Amasengero!.Hariho Ibintu Bidakunda.Bashaka Gukora Génocide Atacamira.Turasavye Amakungu Anyarutse Kurungika Ingabo Za O.N.U Gucungera Abanyagihugu Nimba Nazo Batazozirukana Ivy Aba Dd Biragoye.
23 Munyonyo 2015, 20:13, par Uwabuzahoyiga
Ahubw Imbr Yuguhagarik Amashrahamw Nibanz Big Ikibazo Cabanyshur Barons Entre 60%et 65 Iyobiga ,formation Wapi Kaminuza Wapi! None Tubay Aband? Naho Twiga ?None Barwaniy Iki? Hopfuma Hagaruka Buyoya! Inyishu Kuri Wew Iri Hafi
23 Munyonyo 2015, 21:04, par kazoza
ayo mahera niyo bahendesha abantu ngo batere amagrenade, nimubafatire ingingo ruhasha. begusambura uburundi, muratanguye kumenya ubwenge nko kwa Kagame.
23 Munyonyo 2015, 21:54, par irumva
Ababona kure ivyigihugu cacu cu burundi mubona kiriko kijahe?
23 Munyonyo 2015, 23:47, par nbuy
Leta yuburundi iremewe namakungu , ubwo rero uhomba niwe ubyimenyera !!!
umurengwe wica nkinzara , kandi biraboneka gose mugabo ko 95% byabantu bapfa bicwa na opposition !!!! none na ANERKA YABOBONYE AMAFRANGA YABO IRAYAFUNZE !!!! GUSA ABARUNDI BATOYA barababaje
Maj Buyoya nahuguruke afashe nkurunziza bubake uburundi bagarure amahoro
24 Munyonyo 2015, 03:33, par nkundasimeon@yahoo.fr
NI HATARI
24 Munyonyo 2015, 05:37, par Dodo
NAMARADIO YARUGAWE NTAMAHORO YABONETSE.LETA NIREKE KWIRENGAGIZA UMTI IRAWUZI.NONE IYO LETA ITEGEKANYA IKI KUBANYAGIHUGU BAHORA BAFASHWA NAYO MASHIRAHAMWE?
24 Munyonyo 2015, 08:35, par Mpozamarira Erias
Nukuri harabantu bantangaza nkabategetsi biki gihugu, ati kuki? haringingo bafata ugasanga ni ngingo zumuntu asanaho bikimugoye. aya mashirahamwe bahagaritse ninkukwikura kwa gashambara, ayo mashirahamwe niyo yatumye abarongozi bigihugu bacanganikirwa bagahonyanga amategeko? haba namba. bahindutse abansi kuko berekanye ahukuri kuri, jenamye mvuga ababantu ubaye umuvuzi wukuri bazokwanka urunuka, ubaye umugabo waniryo bazogukunda bikomere,canke ukaba umuhizi wokukoribibi wewe kuribo niwe muntu mwiza. nonabo bariko babarondera kwiki? kobobo haribibi bagirizwa bakoreye abarundi nivyabahindukirira bazojahehe? nivyuri bazorondera ahobihamba bahabure. abobariko baratohoza bagireko batoho na ya matohoza ya babanyamahanga bagandagurirwa ngaho mugisagara nubu bashaje bagitohoza, hamwe na Manirumva nabandi nabandi ntoshobora guharura bazimanganirijwe ngaho impande ya bo, nabugingonubu bakibandanya. rero ku ya hagarika siwo muti wo gutorera ibibazo vyigihugu,ahu bwo ninkukwicanganya mumitwe. ndabahaye misuhuko.
24 Munyonyo 2015, 08:42, par Pontien
Indya zigira zishe, hasigaye fato cane! Ibikoko vyo mw’ishamba bizorya, n’inyo nazo zizorya! Erega Imana s’umuntu ngo ibeshe ivyo yavuze ntibizobura kuba! Iwicishije inkota n’aje kunkota nawe, uwicishije inkoho nawe izomwica, uwateye ubwoba abandi nawe igihe ciwe niki nyene kimushikiye, uwatumye abandi bahunga nawe agira ahunge ataronka aho yinyegeza. Uwanyuruje umutungo w’igihugu agira abure aho awunyegeza, uwanyuruje abantu imivyimba agata mu gahinga nawe uwiwe ugira uribwe n’ibikoko usabgukire mu gisagara atawuwuhamba.
Umunyabwenge n’uwokwumva ico Imana ivuga maze akihana!
Iki n’igihe co guhora amaraso yavushijwe kuva kera hakabura ubutungane. Hahirwa uwahariye, hahirwa uwitandukanije n’ubugizi bwa nabi.
Amahoro ava ku Mana abane n’abana bayo!
Amen
24 Munyonyo 2015, 11:01, par burafuta
Ivyo Rufyiri avuga sivyo na gatoyi.
Baramusavye ngo abe umuhuza, hanyuma muri bimwe vyo kwihinguza acishije mu mvugo yi ikigamba, ababwira ngo agiye kuvyihweza. Mbere hari umu DD umwe yavuze ngo turiko turagira PROMOTION DE LA MEDIOCRITÉ ngo Rufyiri niyavyemera.
Rufyiri n’areke kubesha, ndarahiye ko jewe ndabizi. Nawe nyene ejo naramutelefonye ambaraira ngo ntaratanga inyishu, ngo ntabarasubira kumubaza. Uwurimwo cane ni Sindimwo Gaston na Alain Nyamitwe.
N’areke kubesha lero
24 Munyonyo 2015, 12:41, par NZOZA
Ali abateguye kugumuka , ali abateguye coup d, etat , ababyinnye indilimbo itaratangira ntibazi ibyo balimo uretse nkwica abarundi babatera amagerenade PLAN SIYABO NIYO MPAMVU BYABANANIYE kubona ABASHAKAGA GUHILIKA UBUTEGETSI BASHAKA KUGIRA IGITAMBO MBONIMPA ??? UMURYANGO WE BAKAWUMARA none akaba ataranashobora kwiyumvisha uwali ashatse kumwica nuwamwiciye ____????
AGATON RWASA NUMUGABO KWELI KUKO BAGIHUSHA UMUGORE WE YAHISE ABONA KO NAWE UBUZIMA BWE BULI MUKAGA , ASESENGURA VUBA AMENYA NUMWANSI UWO ALIWE NYENE , ABAMUBWIRAGA NGO NAZE BAHUNGE ,, ARABABWIRA ATI : MUGENDE MWALI MUNKOZEMUNDA !!!RWASA NIGIHUGU YAKIYOBORA NAHO UREKE MBONIMPA , NUBU UTARAMENYE ABALI BAMWISHE AKABA AGISHINYIKA NABO !!!!!
24 Munyonyo 2015, 15:54, par mbona
Ivyo vyokugara ayo mashirahamwe vyagateganyo reta yuburundi ifashe ntawutebikenguruka ahubwo yaba BURUNDU kuko buriya "amanyama aterwa n’agashambara"
24 Munyonyo 2015, 23:41, par Mwaravumwe
yooo babuze ayo bahemba imbonerakure zabo none bagire barabe ko bokwikora ku mahera yayo mashirahamwe ariko ntibikunda bajama saba ubu Chinwa umusada nahandi zirabahindukirira zibace amazosi izo mbonerakwica zanyu