Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika isaba impande zose zegwa n’ikibazo ca politike mu Burundi kwitaba (...)
Amerika isaba impande zose zegwa n’ikibazo ca politike mu Burundi kwitaba ibiganiro
mercredi 15 Mukakaro 2015
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zitewe impungenge n’amakuru avuga ko ingwano zatanguye mu bice bimwe bimwe vy’Uburundi ,hamwe n’ibiherutse kumenyeshwa n’abarundi, bagabisha gukoresha inguvu kuri Reta y’Uburundi.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zisaba impande zose zegwa n’ikibazo ca politike kwitaba ibiganiro vyubaka, kugira zitorere inyishu iciye mu mahoro.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zikamenyesha ko ibibazo vya politike bishobora kugeramira amahoro n’umutekano vyashitsweko mu gushira mu ngiro amasezerano ya Arusha, mu kiringo kirenga imyaka cumi.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziriyamiriza ikoreshwa ry’inguvu kugira abantu bashike ku migambi yabo ya politike, zikaba zidashigikiye akigoro akariko kose ko gufata ubutegetsi biciye mu buryo butisunze ibwirizwa shingiro.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha kandi ko zidashigikiye ibikorwa ivyarivyo vyose vya gisirikare canke ibitero mu Burundi, zikazorondera gutuma abasinzikaje agateka ka zina muntu babibazwa.
Messages
15 Mukakaro 2015, 07:59, par fidelite
Abo nabo ba ntahompagaze ku gwenge,ndagusavye ntu,nibareke kudusamaza ngo bariko ba kondana ivyo ba kondana,turabazi ntibazongera kudutesha umwanya,abahutu mugume muyakanuye,mwirarire ntimukangwe nivyo bavuga kandi bari mubariko batudandaza kw’isi yose hamwe na ba hollande n’aba biligi.
Abo bicanyi b’abanyamerica ubu ntakubatako umwanya ,ubu twebwe abahutu nukwibako,ivyo bavuga c’est du bla bla bla,nta kuri kurimwo ,ntibaba baradukatiye ccoperation,mugume mugavye ntibitubuze kwitabariza bikenewe,turiyamirije kandi turahaze agacinyizo k’abatutsi bafashijwe n’abazungu,ivyo bihutu vy’ibigugu bibakurikira on peut s’en passer.
15 Mukakaro 2015, 08:02, par Keza
Abanyamerika nabo biyumvira ko turi ibijuju. Ntibaduhende turazi aho bahagaze.
Ntamahoro badushakira kuko nibo batanga financements z’ aba manifestants.
Kuki abanyeshure ba kaminuza birukiye kuri leur ambassade ntibaje ahandi?
Nico kimwe na Museveni ntaduhende. Siwe yagomba gutwara muNGWE notre Président ku munsi wa coup d’ état?
Aba DD mube maso ntimugwe mumutego.
Banse kuduha amahera murabaheba BRICS izoyaduha.
15 Mukakaro 2015, 08:24, par Olis
Nkuko Mwama Muhanura Bandanya Kuko Abarundi Turagowe! Bamwe Bibaza Ngo Barazi Kurwana, Ariko Umukunzi N’umwansi Rurajana.
15 Mukakaro 2015, 08:27, par dieudonne
Nukuri ntbiherere mumvugo gira mutugarukire dushaka amahoro ntakindi abashaka kudufukama munda nabo bamenyeko ibi bihera hama tukazosigarana
15 Mukakaro 2015, 08:29, par dusabamahoro
ahubwo nibihanure baduhe amahoro
15 Mukakaro 2015, 08:41, par nivyamungu paciente
ameriqueirafise impungenge natwe abarundi tumerewe gut? icombina m’uburundi nuko hoba ibiganiro nkuko amakungu abisaba kubera umutwe umwe ntiwigira inama bareke kuvuga ngo ntibabijmwo.umutware wikibi agutekana inkono yikibi imaze gusha akayigutana muzo kwicuza kuja mubiganiro bidagishoboka.
15 Mukakaro 2015, 09:28, par swidiki
kazoza kigihugu karikure nkukwe nn umwana avutse abona iyimivurugano mubona azotegura iki?america raba uhanure amazi atararenga inkombe.
15 Mukakaro 2015, 10:48, par marira
ivya amarika vyaramenyekanye,niyo itanga ibirwanisho hama ngo ishaka umutekano!!emwe!twarabahinyuye!!ivyo bavuga vyose nibo batera akajagari!
15 Mukakaro 2015, 10:55, par Pays Natal
N’eut été le Dieu Toup Puissant qui est dans l’au delà , qui sauverait le Burundi? Est-ce que ce sont les USA, la France, la Belgique ou autre puissance du monde? NO. Good only, He will make a way for Burundi, where it seems to be no way.
15 Mukakaro 2015, 11:32, par Mutima
Abarundi benshi barashonje, nibaza ko arico gituma baguma baryana. Nakare ngo "Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo, abasangiye ubusa bitana ibisambo... Abanyapolitique ni bakore bironderere ivyo barya mu gushinga imigambi y’iterambere, bige kuvuga ukuri
15 Mukakaro 2015, 12:07, par Elvis Mapozi
Nukuri Naje Sinshigikiye Inguvu,kuko Iyibize Nabi Uyima Ifu.
15 Mukakaro 2015, 12:15, par maniriho
Ariko ntasoni mwa barundi mwe! Aho muriko muribazako i gihugu canyu gishobora kwibako conyene ata makungu afashije? Uwo nawe avuga BRICS, mbe bwabundi nibo bashigikiye ihonyangwa ryagateka ka zina muntu? Reka kugira ivyiyumviro bituma i gihugu cacu kiba izinga ry’abicanyi basha. Iki gihugu basokuru bagisize gifise iteka mumakungu kandi abandi bahutu baratwaye. Mbe none barushe ubwicanyi ubusuma noteranya igihugu n amakungu!
15 Mukakaro 2015, 12:25, par Bicakure Remy
Impungenge tuzifise twese. Ikibabajeje nuko kahise katatwigisha
. Ikiza kibabaza gusumba nuko abo vyitwa ko bari baciye ubwenge gusumba abandi aribo vyanse bicarana kubibazo bihanze abanyagihugu.
15 Mukakaro 2015, 12:29, par Shambara
Yemwe Agwa Na politike Yu Burundi Nimwicare Muganire Uhamahoro Abarundi Nuburundi ! Leta Nabanya Politike Baganire Bahamahoro Abarundi Nuburundi.
15 Mukakaro 2015, 12:30, par Shambara
Yemwe Agwa Na politike Yu Burundi Nimwicare Muganire Uhamahoro Abarundi Nuburundi ! Leta Nabanya Politike Baganire Bahamahoro Abarundi Nuburundi.
15 Mukakaro 2015, 13:52, par mu DD
ewe fidelite ntiwohanvya FDRL muri congo uturekere u burundi bwacu ivyovyiyunviro vyinterahanwe mu burundi bwacu ntakibanza bifise urikijuju
15 Mukakaro 2015, 14:06, par fidelite
@Maniriho
Amakungu ntituyanse ariko ayo abatutsi mwarondeye mukiducinyiza,atanguye kuturambira ata nico atanga kiboneka,tuzoronderera ahandi ntihabuze.
15 Mukakaro 2015, 14:33, par emmanuel
Hasigaye igihe ingoma zo kw’isi zigakurwaho n’ingoma ya yesu.ibiriko biraba mu burundi no kw’isi yose ni nk’ibise cank ukuramukwa vy’umugor agir avyare.muyandi majambo vyerekana ko yesu agiye kugaruka.ni mwitegure."ehe ndaza nk’igisuma.hahirwa uba maso akazigama impuzu ziwe ngo ntagende amenya.bakabona isoni z’ubwambure bwiwe" ivyahishuwe 16:15
15 Mukakaro 2015, 19:46, par Evelyne
Mwese mugomba guhahira inda zanyu mwambwamwe.
16 Mukakaro 2015, 01:29, par fidelite
mu DD
Mbega interahamwe nanje dutandukaniye he ataruko zatsinzwe urugamba,co kimwe nawe n’inkotanyi ataho mutandukaniye,kimwe gusa,uburundi n’urwanda ni ibihugu vyacu ntimuzoze muvyibagira ngo muze murubahuka kutubwira ngo sohoka mwa ngegera mwe z’abatutsi.
16 Mukakaro 2015, 07:54, par NDABIVUGE
Abo bose bandika bitwaje ubwoko bavuga ngo abatutsi abatutsi! Mumenye ko ubwoko budahera na Kayibanda yari yaragerageje kubahonya arko jabuka akanyaru urabe micombero we ntiyananiwe no kumara zbahutu? Namwe nimwiyorohereze mumutwe kuko muzogimacmutubona ntituzohera!!!!!!!!!!!!!
16 Mukakaro 2015, 23:48, par desire
fidelite ico noguhanura kimw gusa nuko womenya nimba urumuhutu ntanguvu wagize kugira umube kandi nimba urumututsi nahonyen nuko! rero menya ko nokuba kuisi wisanzeho utabizi mnya ko lmana arimw yaturemumy uko ishaka!! ntukipfuze guhagarara kubwoko ncuti ni ugucokora lmana yaturemye shirivyiyumviro kuneza ya bose ubwoko ntakamaro
18 Mukakaro 2015, 06:11, par paix
Ntabwirizwa shingiro rigihari mu burundi!! Nkurumbi n’akagwi kiwe bararihonyanze barigira ivyatsi!! Muracatubwira iki? Mwandika ivyo mwaraye murarota. Reta zunze ubumwe bwa Amerika, nimuyikure mu Kanwa kanyu, nuko idasoma mu kirundi? Muribesha!!!
28 Nzero 2016, 21:02, par 123783
amin jokarre :)