IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika isaba umukuru w’igihugu gushira imbere inyungu z’igihugu (...)

Amerika isaba umukuru w’igihugu gushira imbere inyungu z’igihugu n’abanyagihugu

mardi 30 Ruheshi 2015

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zatangajwe no kubona Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo gutunganya amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi,mu gihe ibisabwa kugira habe amatora abaye mu muco.

Ibicishije ku muvugizi wayo John Kirby mw’itangazo ryo kuwa 29 Ruheshi 2015,Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zitangazwa n’uko yaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika basavye ko amatora yigizwa inyuma ariko Reta Y’uburundi ikanka kubikurikiza.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zihamagarira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,gushira imbere inyungu z’igihugu n ;’iza abanyagihugu mu kwubahiriza masezerano ya Arusha n’ingingo zose zijanye n’iyubahirizwa ry’igihe ikiringo kimara.

Muri ryo tangazo nyene ,Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba Reta y’Uburundi gusubira ku meza y’ibiganiro vya politike bihagarikiwe na Abdoulaye Bathily,intumwa idasanzwe ya ONU.Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zipfuza ko abegwa bose bashika ku kwumvika akwoshiraho isango rishasha ry’amatora,hamwe n’inyishu ya politike.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirangiza zimenyesha ko,zishigikiye ingingo y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yo kutarungika indorerezi mu matora,kuko ata matora meza yoba mu gihe hakiri ibibazo vy’umutekano,n’iyugarwa ry’ibinyamakuru.

Messages

  • NINTUMVA IBIGANIRO IWABO NICHANO BAZI KWICA GUSA NUBUSUMA NARINDIRE TUZOMUTOZA INTOKI

  • None ko NKURUNZIZA ivyo atavyumva bizoherera he?ivyo bihugu ni bive mumajambo bije mubikorwa bimugondoze

  • Baribaratevye muriamerika kugondoza nguru
    ngurunziza nibagiriicobakora mumaguru masha

  • MURAGAMA MURUTA ARIKO LETA DD NA PITA NTIBUMVA

  • Reta zunze ubumwe za AMERIKA zamye ari UMUVYEYI wa banyagihugu batobato kw’Isi yose, iyo bibonetse ko umukuruw’Igihugu agagaje akanka kunva impanuro canecane anigira mumenshi abanyagihungu, Amerika yama itabara abo benegihugu, none rero no mu BURUNDI Amerika nihagurukire agateka k’umunyagihugu nyarucari kuko umukuru w’igihugu ashaka kutumara!

  • Erega amajwi aronka ntayakura mu mufuko iwe. Nitwe tutamuha. Mwishe Piter muzotubona! Mwihende

  • Ingo mudukure none badutoye kuriminwa ngaho we are burundian no one oposit us test and see it will bigin

  • kananirabagabo
    ntiyimye.vyiza no kwumva immpa
    nuro ni vyiza kuko ntiwotera akagere umuntu uzi ko ejo uzokenera.ndizera ko batari bamuhanuye nabi.reka rero ubukene butwinjirane tubure nazamfashanyo

  • Natange igihugu kuko ivyo yita ngo namatora vyamugaragaje ico ari. kuko yiyamamaje wenyene yarakwiye kuronka yose. abahunze namajwi yimpfagusa n’aba dd batari bake bose naba rwasa

  • Ayo majambo turayashima ariko turabona reta yacu ataco yumva arico gituma amakungu yohaguruka agakoresha inguvu nayahandi turahona nkabana binyoni.

  • AMAZI MASABANO NTAMARIMVYIRO NIBATUVEKO!!

  • MUZOMUTOZA INTOKI MBE WE NTABAMUSHIGIKIYE AFISE NIMUREKE NTIMWIMWARE BASHA

  • USA, baravuze bikwiye. Ivy´amajambo turabihaze ubu hageze ibikorwa.

  • kubera ntaco muriko murafasha uburundi nabarundi mukanezezwa kubafashiriza iyobahungiye ese nimwaba mukunda abarundi mubona umuntu umwe agatuma abantubare ibihumbi 100 bahunga nimurebe igituma abahunga bahunga burya abahunga sukobabuze ivyobarya nimurabe ikibituma murabe kabarundi batatahuka .

  • Uwudashakako tumumaramaza avuge biherere mukuvuga ntihagure ikindi arenzako ahamubona abarundi isinzi nkukomwaraye mutubonye imbere yudusandugu dufise inkonezi zitosheje kandi nabagenzi bemeye kutwumako nibeshi duhagazenezarero kuburyobwose bushoboka. Hanyuma nkukovyatangajwe kuricomwavuze cokuyanga abatarikobarahuza ivyiyumviro twarabishimye kanditwarababwiyeko ubuduhugiye mugikorwa camatora ariko mumisi ahogiherera tugiye kubandanya tuyaga atawardyawangura. Kandinongeye kuvugako nicociyumviro Amerika yavuze cogutegura amatora cozocakibandanirizako hakirikare mukwitegurira amatora yomumwaka wa 2020 kukotwabonye ibiganirovyamatora bisaba umwanyamunini mwabinyeko ubu umwanya warihatwe kuduhererako tudakoze amatora kubwivyo biyagovyakomeje kwiha umwanya muremure. Uburero twebwe aba CNDD FDD inyumayamatora yumukuruwigihugu tugiye kucadutangura kwitegurira amatora yomuri 2020 icotugiye guherako nuwuzokwitoza kurwego rwumukuru wigihugu ubonako uwotwiyumvira yaraye atekeye aragenda kubera ababiligi baribamukeneye vyihutirwa.

  • Turasavye reta zuzubumwe za amerika hamwe nishirahamwe mpuzamakungu onu Ku did hama ico kibazo ca mandates yagatatu kuko twebwe abarundi turagowe

  • Ntamajambo, namba harabantu uzotinya, urazotinye abazungu,Namba naho hari ikintu uzotinya urazotinye imana kuko peter ntambaraga afise ziruta iza kadaphie mugabo arihe? Ussama arihe? Namba bavuga harya bariko bategura n’ibikorwa abarundi natwe ntitwicaye rero amatora bafise kubona ko batoye kandi bagasuka amajambo ngo batsinze mugabo umwanya utazi ukumva ngo zirahinduye imirisho! Amatora meza.

  • Uburundi Nibwo Burimwo Intambara Ikabije Ubu Kw’isi?Mbe Amerika Ishigikira Uwo Biganye Canke Ishigikira Abarundi?Société Politique Nihimbire Yiyo!Bururi Na Kirundo Ngo Zigira Zihende Twese?Mbe Ko Badutesheje Kwiga,bibaza Kariho Tubemera Ngo Bagiye Kutuzanira Amahoro?Barariye Reta None Baduhemvye Kutwangaza!Bahenda Abahunga Ngo Bahunge Ngobironkere Inyungu Zabo Ngo Ntamutekano Uhari.Mbe Abobahenze Bariko Barapfira Mu Rwanda Bazobariha?Ndumwana Muto Ariko Guhendwa Mbona Ndavyase!Izo Société Nizigire Umugambwe Kuko Ni Société Politique!

  • USA Nigihugu C;igihangange Ariko Ntahamwe Yigeze Izana Amahoro Kwisi Freddy

  • UKWO NI UKURI MBERE NIMURORERE GATOYI PETER YIHENDE IKIRINGO CEMEWE N’AMATEGEKO KIMUHERANE HAMA BABEHO VIDE INSTITUTIONEL HAMA DUCE TUMUFATISHA IMIMWE TUMUJANE MUBUTUNGANE MURI CPI UYO MUTI AHAYE AVUGA NITWE BUCA TUWUMUVUGUTIRA KUKO NITWATANGURA INGWANO LES EX FAB ILS VONT PAS COMBATTRE TOUT SIMPLEMENT ILS VONT METTRE LES MAINS EN AIR ET TUZOCE DUTANGURA KUVUGUTIRA UMURURAZI IZO MILICE ZINKORABARA NGO NI IMBONERAKURE !

  • NIMEMERE BASHIRE AHINTAHE ISHIZE

  • igihugu cuburundi carikukiye . Barundi benewacu twirinde gucanishwamwo nabanyamahanga bazoduhenda ngodusambure igihugu cacu kugira tubasabe imfashanyo ntarukundo amerika idukunda uti kuberiki? mbe umuntu yanka amatora ashakiki ? ineza ? inabi ?

  • igihugu cuburundi carikukiye . Barundi benewacu twirinde gucanishwamwo nabanyamahanga bazoduhenda ngodusambure igihugu cacu kugira tubasabe imfashanyo ntarukundo amerika idukunda uti kuberiki? mbe umuntu yanka amatora ashakiki ? ineza ? inabi ?

  • kananirabagabo-ntiyimye-kandi-ingaruka-ihanura-gusumvya-impanuro-

  • nakamaramaza kubona yigira akagarama ruganda,mbega yobaruta ivyobihangange vya africa?kadafi yarumugabo ntiyibaze ngo yamuruta we igihugu nabanyagihugu yariyarabateje imbere, Mana Uraturokora Twebwabawe Dushakivyohinduka Mugihugu Cacu!

  • Tembatemba harageze twatwawe n’ibisiga ntitwabimenya,iyo nkona muhayagiza muramenya ko ari igisiga naho ibisiga ntivyubaka birasambura.

  • Yakinda Agaramye Canke Yubamye Amatora Azosubigwamwo

  • None.reta ya amerik yifuziki?kuvahobavugiyenabonyene nibareke vyarabananiy mbega peter nkurunziza yarabananiye.gukuraho ugirango asumba buyoya.yariyarase kurekura kobamukuye ko bagahashira domisianno natwe tuzemerako ivyakozwe bavyase tubonye bamukuyeho hakaza uyundi

  • Amatora azosubigwamo vuba

  • Amatora yabaye!! Mwari mwibaza ko muzotuma ataba n’imigumuko yanyu n’amahanga yose ari inyuna yanyu asha mwaraye mwambaye ibara n ukuri

  • USA nivyayo birayigora gukurikirana ica yisuka ku vyacu ni bacereze n’imfashanyo zabo ntazo tugikeneye twabonye ko dushoboye tutarikumwe nabo

  • NIMBA AMERIKA IKUNDA UBURUNDI CANKE IGOMBA GUKINGIRA UBURUNDI, NIBIKORE YIBUKA KWARI IGIHUGU CIKUKIYE. MBE HOHO 1993 YAKOZIKI UBU NIHO HAGEZE KWISERUKA?

  • None ga yemw américa isavye umukuru w’igihugu gushira imbere inyungu z’igihugu n’abanyagihugu iba ivuze nabi? mwebwe mushaka le contraire motif ngo twarikukiye? kwikukira ni kuvuga gucura bufuni na buhoro abarundi nti hagire amakungu ntihagre ico abivugako? la notion d’independance est plus vaste que ca. nta kwikukira turaronka tugisegerereza, abajejwe umutekano w’abarundi aribo bawungubanya. ntimukomeye kunganya kadafi mais gusuzugura abo batavuga rumwe vyaramuhitanye namwebwe rindira gato
    Tous les indicateurs de votre chute sont réunis. Umenga muriko muraraga

  • Gabanya amajambo mwabagabo mwe kuko wanka bangwe ntiwanka jana ndabe.Dushaka igihugu kitarimwo indyane kandi abatekera bagahunga suko ari ibijuju barafise ubwenge.ahaa Imana yonyene niyo ibona ico tuzovamwo,ariko twaridukwiye kumenyako tutari agati kari mu ruzi ariko turi mubandi. Reka twitenga amakungu

  • ABA DD BARAHIMVYE ABANDI BASHONJE NONE NGO TUREK ABAZUNGU IYATAB ABAZUNGU TWARIGUPFA NK’IBIRERE NTITWARI KUMENYA IMANA NDETS INTWARO YA PETER ISUMBW N’IYO KUK COLONIE NARINDIRE RERO NTAGUTWARWA N’ABA FILMSON UBURUND N’AGAHUGU K’IKIMANA TURIKUMAVI DUSENGA KANDI TURIZEY KO IGIYE KUTWISHURA.

  • none nibagirico badufasha kuko abarundi tugeze ahatemba,tweho ntaco dushoboye

  • Mbega KO batiyamirije coup d’etat biyamiriza amatora? Barakora icobashaka KUKO ntaciza badushakira. Ariko bazotangara babonye abanyagihufu ataco bitubwiye. nibaturekere ubwigenge barware ubwobusa bwabo NGO nnfashanyo urabe KO tutitunga
    Uburundi bufise ubutunzi busumba ubwibihugu bitaribike vy’abo binyaza. Uhubwo natwe twobafasha.

  • @None alias Nuwera alias Mama

    Uti muciye muja gutegura amatora ya 2020??? None muzokora akazi ko guteza imbere igihugu ryari? Hahaaha!!! Ndakurenganije umbabarire kuko wewe ndavye n´ukuntu wandika ikirundi nta ruhara na rumwe wobigiramwo. Ariko rero nashaka ndakubwire ko n´aho uvuga ngo uwo mwari kwamamaza muri 2020 yaraye agiye muri Belgique, nta na kimwe kivyerekana kuko Peter aracari muto nawe ntu ngira asigaje nk´izindi mandats zitatu canke zine!!! None ashatse kubikora hari ingorane ko n´ubundi ata mategeko akurikiza!!! Vive Peter NKURUNZIZA, umwami mushasha w´igihugu ntazi!!!

  • Anicet Bucumi vyukuri ntiwihenze ntasumba KADAFI.Ariko uzokurirane ibibazo bagiyemwo inyuma yurupfu rwa Kadafi,ubu bipfuzako yogaruka bita gishoboka.Abo bazungu mwumva barundi nibasesa nkuyoze.Kandi mumenyeko bakoresha "diviser pour regner".Tube maso twubake igihugu cacu.

  • ABANYAMERIKA NA ONU NA UE NA UA NOBASABA KUBA BABWIRWA BUMVE RETA YA NKURU IVYO MUSABA YARABERETSE KO ADAKENEY NAGATO IMPANURO ZANYU KORA ICO MUSHOBOYE MUREKE KWIMARAMAZA NGO MURAHANURA NDASHIMIYE ALEXIS SINDUHIJE ATAGITA URURIMI MUGA NAJE MUBIKORWA NIVYO NIBAZAKO ARIMWO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.