Accueil > Amakuru > u Burundi > Amnesty International yagiriza abajejwe umutekano mu Burundi gukoresha (...)
Amnesty International yagiriza abajejwe umutekano mu Burundi gukoresha inguvu zirenze
jeudi 23 Mukakaro 2015, par
Amnesty International iragiriza inzego z’umutekano mu Burundi ko zakoresheje inguvu zirengeje mu guhana abari mu myiyerekano yiyamiriza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yitoza kurongora Uburundi ku kiringo ca gatatu.
Nkuko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe Amnesty international inyuma y’ubushakashatsi bwakozwe mu kwezi kwa Rusama na Ruheshi,abategetsi b’Uburundi ntibashwiragije gusa abari mu myiyerekano,ariko barabahanye kandi bariko bashikiriza ivyiyumviro vyabo vya politike.
Kubwa Amnesty international,inzego z’umutekano zakoresheje inguvu zirenze bagereranije n’izo abari mu myiyerekano bari bafise,mbere hamwe bakica ababa bariko barahunga.
Amnesty international,imenyesha ko yemeza ko inzego z’umutekano bafashe abari mu myiyerekano nk’abari mu migumuko,ivyatumye ibintu biba bibi gusumba mu gihugu.
Ishirahamwe Amnesty international rimenyesha ariko ko, hari bamwe mu batavuga rumwe na Reta bakoze ibikorwa bibangamira agateka ka zina muntu ,nko kwica umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi.
IGIHE
Messages
23 Mukakaro 2015, 22:42, par WAMUYAMA
YEMWE KUVUGA MWAVUGA ARIKORERO NTAWUZIKO BAZOBUMVIRA KUKO NTIBAHANURWA AMASHIRAMWE,YAMARASEMERERA NAMAKUNGU,YARASEMEREYE BIBIVYUBUSA. SIMENYAKO NAMWE BAZOBUVMISA.KUKO UMENGABARIYE INTUMVA ARIKO IMANA IZOBABAZA,IVYOBAKOZE.
23 Mukakaro 2015, 23:01, par haringanji kabura
ibazenamwe nkoguteragrenade Abaporisi kubateramabuy ivyovyose birica Hatavuzwe guturira umuntabona imodokari Akandi Atarizankurunziza Ahubwo barihangany Nayahandiho barikubahurunganyabose Ahuawo barigukorera kubabatumye bongeraboherereza batabajimber! Apfuyebos bakwiyekujakugahangakabo!.
23 Mukakaro 2015, 23:38, par Kuri
Vyukuri uri Haringwarudubi Kabutura nturi haringanji
Ivyo uvuze bisa nawe pe
24 Mukakaro 2015, 07:13, par emma
emma
amnesty entele nasional ntawogushavurira kuko wewe ukorera kubihuha uhabwa nabagwanya reta, ariko umenyeko abagize imyiyerekano baturiye imbonerakure imwe mugabo izapfuye zishwe mubundi buryo ntaco mwazivuzeko, vyumvikaneko mwebwe mukorera kubihuha!
24 Mukakaro 2015, 07:51, par ELIEL
WWE HARINGAJI WEW NTAGO UZOREKA KURIMA NIBA URIMA GUMA KUCUKORA KWICA NTACIZA KIRIMO KUKO NAWE VYOGUSHIKIRA UGAPFA TWOBA DUHOMVYO SENGIMANA GUSA TURONKE AMAHOR
24 Mukakaro 2015, 08:59, par Kariyo
Nyamitwe We Ashinyaguriza Ababuze Ko Ababo Bahitanywe N, Amasasu Yiyerereza. Ukamenga Na Se Yahitanywe Na Balles Perdues. Ufise Umuhanuzi Nk, Uyo, Wotwara Neza Gute?