IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe yigenga indwi yiyamirije abasirikare mva makungu mu (...)

Amashirahamwe yigenga indwi yiyamirije abasirikare mva makungu mu Burundi

lundi 21 Kigarama 2015

Amashirahamwe indwi adaharanira ivyicaro vya politikeakorera mu Burundi yateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza irungikwa ry’abasirikare mvamakungu mu Burundi.

Mu rwandiko rwateweko umukono kw’igenekerezo rya 18 Kigarama 2015 ruja ahabona kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2015,ayo mashirahamwe amenyesha ko ateye ivyatsi inzandiko zose zishigikira inkozi z’ikibi abicanyi batera Uburundi.

Muri urwo rwandiko,ayo mashirahamwe asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, iryo Ubumwe bwa Afrika n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko gushigikira Uburundi mu twigoro two gutsimbataza amahoro,intwaro rusangi mu kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu.

Ayo mashirahamwe asaba ONU,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,iryo Ubumwe bwa Afrika n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko kwumvisha igihugu c’Urwanda ngo gihagarike ibikorwa vya politike bituma Uburundi buja mu mutekano muke mu ntumbero yo kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu n’ubwigenge bw’Uburundi.

Uko ari indwi yateye umukono kuri urwo rwandiko,ayo mashirahamwe asaba bamwe mu bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwirabira neza ibibera mu Burundi kugira ntihagire ingingo zifatwa kubera ibihuha atari vyo.

Ayo mashirahamwe asaba kandi Reta y’Uburundi gushira inguvu mu biganiro bihuza abarundi,agasaba amakungu gufasha haba mu bijanye n’ubuhinga hamwe n’uburyo umurwi ujejwe gutunganya ibiganiro bihuza abarundi.

Ayo mashirahamwe arangiza avunira akagohe amakungu kutarwa mu mutego w’iciyumviro co kuzana abasirikare mva makungu mu Burundi kugira ONU ntizohave yagirizwa kugira uruhara mw’ihonyabwoko mu gihugu.

Ayo mashirahamwe yateye umukono kuri urwo rwandiko ni Ligue IZERE ntiwihebure,CAPES+,PISC Burundi,CNAPDE Burundi,ABA,NTABARIZA SPF na ONELOP Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Uyonivyabikoresho Vyankurunziza Amazabantu Atacamira Nibaze Ahubwobatevye Turuke Twebabarundi

  • pole sana mbona ayo mashirahamwe na narimwe tuzi mu makungu canke abayobozi bayo pore mwizere inyinshu ko muzaronka

  • Ayo si amashirahamwe ya Société civile n’ay’imbonerakure

  • Ibi vyaduka ngo nama society civil abo nabakinagizwa ba nkurumbi genda twarabahinyuye mukundagapfa abagiraneza bitange baze gukingira inzirakarengane namwe ngo ntibakaze ico mwomenya co amakungu sibijuju nkamwe barabona ibintu vyose uko buriko biragenda

  • Ayomashirahamwe Ntayotuzi Ayo Aserukira Imbonerakure Turabizi Niyompavu Mwankako Bazakuraba Ubwicanyi Muriko Mugira Mugihugu Komuvuga Ugwanda Imbibe Zigihu C’uburundi Zicungerewe Nabanyagwanda?Kotuzi Zicungerewe Nakagwi Kabicanyi Kumugabo Yitwa Piyeri Ivyobigwanisho Bicahehe?Ayoma Sosiyete Ya Cndd Fdd Nimwereko Ibisaka Vyabashanye!Muzicuza Ivyomwakoze.Ico Udashakako Bakugirira Ntukigirire Abandi Imana Isumba Piyeri Nimbonera Kunya Nigirisi Kitazi Icokijejwe

  • mwanka mwemera bategerezwa kuza turabe ahububasha bwanyu buri

  • MWANKA MWEMERA BATEGEREZWAKUZA

  • neza cane.ayomashirahamwe natumeko imyerekano yokwiyamiriza iryovogerwa nagasuzuguro kaboBAZUNGU binyegeje inyuma yubumwe bwafrica mugushigikirinkozi zibibi. hama abanyagihugu tuzosidukana niyonka tuvyiyamirize. isiyose iramazekumenyako urwanda ruriko ruhungabanyumutekano muburundi ariko ntaco babivugako. tumaze kubonahomuhengamiye...batama hamagazimyerekano hakirikare......

  • Barundi Mwese,tuvire Hasi Rimwe Twiyamirize Ako Gasuzuguro.Abo Basirikare Mvamakungu Bakeneye Kuza Gushigikira Abagumutse Hamwe N’akarwi Kashatse Guhirika Ubutegetsi Kuwa 13.05.2015. Abo Bashitse Imigumuko Izoca Itangura Hategurwe N’ihirirwa Ry’ubutegetsi Bwitorewe N’abarundi Isinzi.Mbega Ngo Baza Gukora Iki Mu Burundi Kandi Natwe Dufise Igisirikare N’ Igipolici Vya Rutura Bitumwako Mu Burundi No Mumakungu?Ok

  • Abo n’abansi bu burundi naho boza ntibobuza abantu gupfa , muri 95gushika mu 2000 agume yari mu gihugu cose ntagisirikare kivuye hanze cigeze kiza muburudi , abo bafise iyindi ntumbero atariyo kugarukana utekano

  • ahubwo badutegurire yegere yegere yo mugihugu cose twiyamirize abo bagesera bashaka guteza intambara muburundi twebwe abanyagihugu dukunda igihugu.

  • Mwirambire barundi bavukanyi muhurikiye murayomashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya politique, mazemureke bamwebiyita ngontibaharanira ivyicaro vya politique ariko baharanira ivyicaro kwa Kagame wu Rwanda nokwa Louis Michael mu Bubiligi.

  • Murababaje ayomashirahamweyosentanarimwe tuzi

  • Mbegibibazo kuki babahagarika esebabona ibibera muburundi aribyiza mugihe vyananiye nibareke ababishoboye bagarure umutekano kuko birarenze

  • je sindavyumva. Ayo mashirahamwe ni yaba adaharanira ivyicaro vya politique, abo basirikare baje bohomba iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.