Accueil > Amakuru > u Burundi > APRODH: Abarenga 60 barahohotewe,16 baranyurujwe,90 barishwe kuva (...)
APRODH: Abarenga 60 barahohotewe,16 baranyurujwe,90 barishwe kuva imyiyerekano itanguye
samedi 25 Mukakaro 2015
Umukuru w’ishirahamwe APRODH Pierre Claver Mbonimpa amenyesha ko hari igitigiri kinini c’abicwa,abahohoterwa n’abanyuruzwa kuva imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu itanguye.
Mw’ishirahamwe APRODH ryishinze gukingira agateka ka zina muntu n’ako abapfunzwe bavuga ko abantu barenga 60 bamaze guhohoterwa,abashika 16 baranyurujwe,90 nabo barishwe kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza.
Ishirahamwe APRODH rimenyesha ko ivyo guhohotera no gufata abantu nkuko atari ibiremwamuntu bibera mu mabohero atazwi n’amategeko.
Mu gipolisi c’Uburundi,icegera c’umuvugizi waco Pierre Nkurikiye amenyesha ko ayo makuru atari yo kuko igipolisi c’igihugu kitagihohotera abantu gifashe,kuko gica kibashikiriza ubutungane.
Van Naris Mugisha
Messages
25 Mukakaro 2015, 11:27, par pfubusa neriso
nabado ubu dutekereze nagace heraheza
25 Mukakaro 2015, 11:51, par WA MUYAMA
UBUHOHO BAZOTUMARA,KOBATSINDIYE MANDA YAGATATU UBUHOSIBIRYA IMANA,NIYIZOSIGARA YIKORERA IVYAYO ABABARWANIJE TURABATURIMBA TWIGERA DUSENGECANE IMANA.
25 Mukakaro 2015, 12:34, par 69310034
Nabado Abobashenzi Tuzakubamesa Tubabona
25 Mukakaro 2015, 13:46, par freedom
mutama komera mukugwanira agateka kazina muntu aho bakwiyama go nabatutsi kuva kuri buyoya ntiwavugira cane cane abahutu bareganywa ninkwaro zagisirikare ubukubera amadayabo basigaye bakwiyama bibagiye ivyowoba warabakoreye imaniriho mutama kora akazikawe gusa imana izobikwishurira
25 Mukakaro 2015, 14:34, par Jean
Iwembonimpa Aragatwenza,ndagukunda Mugabo Ibintu UVuze Iyaba Wiyumvira Ntiwarikuvugako Hapfuye Abantu.Wewe Wagihe Imbere Mukubahamagarira Mwibarabara Hama Uzekuvugako Babishe Abandi Baranyuruzwa,mbega Wabahamagarira Mwibarabara Kugira Uronke Akazi Muri Babazungu.WeMbonimpa Wembonimpa Abazungu Sibo Bazoduteza Imbere Mubukene Turimwo,nkawewe Ntiwarukwiye Guhamagarira Abantu Mwibarabara Niwe Warukwiye Kwigisha Abanyagihugu Ukuntu Bova Mubukene,Ahokwiruka Namanda3urateye Nisoni Kuvugako Hari Abapfuye Mumigumuko Yabaye.Imana Iguhe Imigisha Nokuguha Kuvuga Ibintu Washishoje
25 Mukakaro 2015, 19:08, par JOHN CLAUDE
NAKAMARAMAZA KUBONA ABANTU BICWA ATACO BAZIRA.
25 Mukakaro 2015, 20:02, par Ntwari Jean
Ewe Freedom Iyaba Mukumesa Bohereye Nko Kuwo Ukunda,ngira Ntiwosubiye Guharazanya Ivyo Kumesura Abandi!!!
25 Mukakaro 2015, 20:03, par Ntwari Jean
Ewe Freedom Iyaba Mukumesa Bohereye Nko Kuwo Ukunda,ngira Ntiwosubiye Guharazanya Ivyo Kumesura Abandi!!!
25 Mukakaro 2015, 20:17, par emma
emma
ewe mbonimpa hewe ureregwa nivyo uvuze, akanwa kawe kazoguhitaniza wewe rindira. Mbega usigaye uri F .B .I mugutohoza? gezaho urusaku gwawe ntaco uzoshikako igi POLICE kizokwama gikora akazi kaco guhasha abasi bigihugu cabavyaye.
25 Mukakaro 2015, 20:29, par bazisalas@yahoo.fr
Wa muntu wiyita yohani uramenyako umwicanyi atagira nkunzi, ahaaa mbega igihe abo wita abansi umusi bohera wewe uzoba usigariye he warabaye Kahini wa kabiri, nogusaba kutaba ikivume ukamenya ko rurirye abandi turakwibagiye kandi uyo uhangara umusi wogira ikibazo uzomukenera kuko hariho abahora bakurusha kuvuga mbona bataye bagahunga. wait and see.
25 Mukakaro 2015, 22:25, par GAKUMBANYA
NDABASAVYE MUREKABARUNDI TWITUNGANYE KUKO AKIMUHANA KAZIMVURIHISE .
26 Mukakaro 2015, 08:08, par Muyahudi
Mutama bandanya ukwirikirana abicwa nabahohotegwa nabanyuruzwa bapfungigwa ubusa imana izobigushimira. abonabo bica bagahohotera abantu babafungira ubusa ndets bakanabanyuruza bamaz gushikanwa mubusho hariho uwabaremy azobibabaza
26 Mukakaro 2015, 19:35, par Juvenal Havyarimana
Wamutwawe Ivyo Uvuga N Ibiki Uwogukura Ugwo Rutwe
28 Mukakaro 2015, 12:05, par kanyarwanda
Abarundi mwakwinyaye mwisunzu uru rugabo mukarugongesha Imodoka. Dore ko rurangajwe imbere n’amoko.