Accueil > Amakuru > u Burundi > Bagorikunda:" Abarenga amajana indwi baramaze gufatwa"
Bagorikunda:" Abarenga amajana indwi baramaze gufatwa"
vendredi 18 Nyakanga 2015
Umushikirizamanza mukuru wa Republika Valentin Bagorikunda amenyesha ko abarenga amajana indwi aribo bamaze gufatwa bagirizwa kuba baragize uruhara mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanguye mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza 2015.
Muri kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015, Valentin Bagorikunda yavuze ko naho abo bamaze gufatwa hari abandi benshi bakironderwa.
Muri ico kiganiro catunganijwe mu ntumbero yo gutanga incamake y’icegeranyo ku matohoza yakozwe ku myiyerekano,umushikirizamanza wa Republika yavuze ko mu bamaze gufatwa harimwo abagiye mu myiyerekano, abagerageje gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,abitwaje ibirwanisho bateye mu buraruko bw’igihugu,hamwe n’abakora ubwicanyi mu gisagara ca Bujumbura.
Valentin Bagorikunda yavuze ko abatarafatwa bariko baronderwa mu gihugu bahungiyemwo,ariko ku bamaze gufatwa yavuze ko ata rubanza na rumwe rurahera.
Ico cegeranyo cashikirijwe mu ncamake,cerekana ko ku rutonde rw’abaronderwa harimwo abarongoye imigambwe myinshi itavuga rumwe na Reta, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe na bamwe mu bagerageje gutembagaza ubutegetsi bahungiye hanze.
Van Naris Mugisha
Messages
18 Nyakanga 2015, 09:48, par Oui
ahubwo nibakoresh nigipolice muzamakungu abari hanze bafatwe
18 Nyakanga 2015, 10:20, par GEN.MAJOR
SIWEWE MANA VUBA UZOBA WAMAZE KUJA IWABOWATWESE AKOKADODOBEREZO UFISE NTURIBUYE MUZOMURASE NAWE
18 Nyakanga 2015, 11:14, par junja
nimubahagarikebose.izontozo.mubakubiteintahemugahanga.nurwogupfarurakwiyegusubiraho.
18 Nyakanga 2015, 12:33, par Kimwehumwehu
Non Abobos Babayeho Gut Mubusho Barimwo?(inda Imbeho Gufunguranabi Amarwara ...) Ubu Birabish Ariko Bagorikunda Abayeho Neza. Oh Mon Dieu Que Tu Le Souffres
18 Nyakanga 2015, 12:35, par Kimwehumwehu
Non Abobos Babayeho Gut Mubusho Barimwo?(inda Imbeho Gufunguranabi Amarwara ...) Ubu Birabish Ariko Bagorikunda Abayeho Neza. Oh Mon Dieu Que Tu Le Souffres
18 Nyakanga 2015, 13:22, par Ntirenganya
Akaje ntikazira umwe, uyu musi n’abo bafatwa ejo naho n’abandi!
Rira bieb qui rira le dernier!
18 Nyakanga 2015, 13:44, par Kuri
ABO MUMAZE KWICA NABO GA BAGORIKU NI BANGAHE?
18 Nyakanga 2015, 14:12, par MUTUTSI UVUGURIYE
abo nibake cyane umuntu agereranyije nintagondwa zuzuye MUSAGA. Nibabarunde mugihome amahanga azasakuza ageraho ahore
18 Nyakanga 2015, 21:28, par mutwa akaje karahinda
Ni murarà me nķumuhoro wamenye urwañyu ruriho
21 Nyakanga 2015, 13:36, par Sangala
Muranezerewe muriko muriba abandi bari mw’ibuye? Imana ihora ihoze kandi ntagihe gisigaye mutabasubiriye mu kibanza ndabarahiye ivyo Imana ntishobora kuvyemera kabisa. ramba