IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki Moon yasavye amatohoza yihuta kubashatse kugandagura umupfasoni wa (...)

Ban Ki Moon yasavye amatohoza yihuta kubashatse kugandagura umupfasoni wa Rwasa Agathon

jeudi 19 Ntwarante 2015, par Egide N

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon arerekana amakenga afise inyuma y’aho umupfasoni w’umukuru w’umugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ahatswe kugandagurwa n’abantu bataramenyekana. Ban Ki Mon yasavye ko hokorwa amatohoza yihuta kandi ataho yegamiye.

Inyuma y’aho Annonciate Haberisoni, umupfasoni wa Rwasa Agathon ahatswe kugandagurwa Imana igakinga, n’umuntu yamusanze muri "Quartier Asiatique" aho yari yagiye gukoresha umushatsi, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, yahamagariye abatwara Uburundi ko bokora amatohoza yihuta kandi adahengamye kugira abashatse kumugandagura bamenyekana kandi bashengezwe mu butungane.

JPEG - 101.5 ko
Farhan Haq, icegera c’umuvugizi wa Ban Ki Moon

Abicishije kuri Farhan Haq, icegera c’umuvugizi wiwe, Ban Ki Moon yerekanye amakenga afise kuri ukwo gushaka kugandagura umupfasoni wa Rwasa Agathon, aho agashikiriza ko bishobora kuteza umutekano muke muri iyi myiteguro y’amatora, aho mbere bishobora n’ugutuma ayo matora atagenda neza.

Ban Ki Moon asaba abategetsi b’Uburundi gukora amatohoza ataho yegamiye kuri ivyo vyashikiye umupfasoni wa Rwasa Agathon, agahamagarira abanyeporitike bose b’Uburundi kwamirira kure ingendo yose yohava ituma hakorwa amabi ya poritike, kandi bame bamirira kure ibishobora gutuma abanywanyi binubana, canke hakaba uruhagarara.

Tubibutse ko Annonciate Haberisoni, umupfasoni wa Rwasa Agathon yahatswe kugandagurwa mu gihe ata n’indwi imwe yari iheze habaye amasezerano y’ukudakubagurana (Charte de non Violence), yemejwe n’abanyeporitike bose, Rwasa Agathon akabonamwo intumbero ya poritike muri ubwo bubisha bwahatswe gukorerwa umutambukanyi wiwe.

JPEG - 38 ko
Abarashe umupfasoni wa Rwasa Agathon bari mu muduga wo mu bwoko bwa PRADO

Egide Nduwimana

Messages

  • Ban KiMoon is so ridiculous. Ko atarasaba amatohoza y’abanyamulenge bishwe na Rwasa na FNL ye, kandi bakanavyemanga. Muka Rwasa asumba amajana y’abana,abagore, abakecuru bishwe nuwo Mumenja?
    Ridiculous.
    John

  • uwo Mutama Rwasa ko ariwe azokura u burundi mungorane bufise bamushakaho iki ?ngo urucira mukaso rugatwara nyoko.

  • Ni Bamuhe Amahoro Yaratowe Mubandi.Reka Agerageze Adutware Turabe.

  • mutama Rwasa Imana irakubona baribiyumviyeko bamwise ariko Imana irakinga vyerekana ko Imana irimuruhande rwawe bandanya ukore ibisoboka urabeko ubwobugabo kobwova kubutegetsi kuko abantu besi barivuza gutaha mugihugucabo Imana irinyuma yawe

  • Gutwarwa n’umwicanyi. Ntaho uBurundi buzoba buvuye. C’est du Calybde en Scylla. Niba koko Rwasa yarahindutse, nasabe imbabazi abanyamulenge yiciye ababo. Naho ahandi amarira y’abana n’inzoya azomuhumira. Mbabajwe nuwo mupfasoni yagira yishurire ico gihweba c’umugabo we. Amaraso y’abantu cane cane ay’inzoya arasema.

  • Mbe john aho uvuga ngo Gwasa Agathon niw yish Abanyamurenge, mwarikumw? Naw nufatw unshengezw kuko waramubony wanka kumufata. Ja hariya mwanjavyi Mbe john aho uvuga ngo Gwasa Agathon niw yish Abanyamurenge, mwarikumw? Naw nufatw unshengezw kuko waramubony wanka kumufata. Ja hariya mwanjavyi mwe!

  • We Munegwa, ubwa mbereho kwita abantu Injavyi vyerekana aho ugeza.Ugomba kuba wiyunvira nka Rwasa. Naho kuba kumwe na we yica inzoya Imana ibindinde. Kuvuga ngo twarikumwe singombwa. Uwo bari kumwe kandi akaba umuvugizi wiwe, Pasteur yaravyiyemereye anabisakaza ku maradio y’Isi.Ico nzico nuko naho yirirwa arasemerera ngo n’Umunyapolotiki, ngo akarenganyo( yiyibagiza ako yakoreye inzoya),amarira y’impinja ntazomuha amahoro.Ivyo ndabikwemereye. Imana igufashe kuva mu bubisha.

  • Kuki atasabye itohoza , kubarindi Yamariye kumuheto? Abanyamurenge mugatumba. Nahagarare Azabyunva .

  • Iciyumvirocanje nsabako,pita,yovakuntebe,ntarashavura,kuko shoborakubamubi nkandika,amateka mugihugu,cu burundi.

  • mu burundi biragoye abanyamurenge barishwe twese turabigaya kuko ata muntu numwe arikuriwe kwaka uwundi ubuzima, hari isinzi ry ’abantu bishwe ntawubavuga. ariko abo bacu bapfuye baruhuke mu mahoro none niba harabaye abicanyi mwebwe muriko murica ubu mutandukaniye n abicanyi ba kera? umwicanyi azokwama ari umwicanyi, kandi n’ uwo uzovyara azokwitwa umwana w’ umwicanyi. kuja kwica umugore ari gusokoza imishitsi kugira utere ubwoba umugabo wiwe kuko muhiganwa muri politique iyo ni manque de vision ni kutabona kure none mugenzi wawe ariye ishano woca urirya ntabuhinga burimwo nta n ubuntu burimwo abarundi bakora ivyo ni ibijuju kuko twese tuzopfa kandi hari abazopfa n abi. Umwicanyi n atahinduka azopfa nabi Musenyeri Ruhuna ata muzopfa nka gahini nukuri ndavyemera ni mutahinduka.

  • Rwasa numwicanyi nawe arabizi kandi inkota wicishije nawe niyo uzicishwa, ngwariyamamariza kuba umukuru wigihugu uburundi bugeze aharindimuka niba Agathon ariwe mugabo basigayeho pole sanaa , aza bazwaivyo yakozehamwe nabamukingira ikibaba.

  • Kaje, biragaragaza ko ata jambo ufise.udafise icuvuga ushaka wo kwinumira kuko nta jambo ufise uragara gara. Imana ikubabarire. Ntuzi i yuva niyuja!niryo zina wihaye riramaze.

  • Nahimana, urahakana ibyo yiyemereye ubwe abinyujije mumuvugiziwe Pasteur? iyo atabawe yarikubuvuguruza wamunsi nahubundi nawe urashaka kumukingira ikibaba nkabandi bose cg mwarikumwe amaraso yabantu aragoye reka tubitege amaso, pole kumutambukanyiwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.