Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki Moon yashikirije ingingo zitatu zofasha kugarukana umutekano mu (...)
Ban Ki Moon yashikirije ingingo zitatu zofasha kugarukana umutekano mu Burundi
mardi 1er Kigarama 2015, par
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon yashikirije ingingo zitatu zofatwa kugira umutekano ugaruke mu Burundi. Muri izo ngingo zitatu, Ban Ki Moon yatoyemwo imwe abona yofasha bivanye n’umwanya wa poritike Uburundi burimwo.
Inama y’umutekano ya ONU yashikirijwe kuri uwu wa mbere ingingo zitatu Ban Ki Moon abonamwo umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi.
Ban Ki Moon avuga ko inama y’umutekano ya ONU yohitamwo ko horungikwa mu Burundi inteko za ONU zijejwe gucungera umutekano, kurungika umurwi udasanzwe wa poritike wo gufasha gutanguza ibiganiro hamwe n’ugucungera iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, canke ko horungikwa umurwi w’abakozi ba ONU wo gufasha umuhanuzi adasanzwe wa ONU Jamal Benomar gushigikira ibiganiro vya poritike no guhanura Reta y’Uburundi mu bijanye n’ugukomeza umutekano.
- Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU
Kubwa Ban Ki Moon, bivanye n’uko abona ivya poritike n’umutekano vyifashe mu Burundi muri iki gihe, ingingo igira gatatu niyo abona yofasha, iyo nayo ikaba ijanye n’irungikwa ry’umurwi w’abakozi ba ONU bajejwe gufasha gutegura ibiganiro hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU afise amakenga ko ubwicanyi bushobora gukwira igihugu cose c’Uburundi, bivuye ku ntureka ico gihugu kirimwo kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane.
IGIHE
Messages
1er Kigarama 2015, 10:08, par Fifi
Ingorane ya ONU iyo.imisi yose nukuvuga ata muti uboneka batora.Ban ki moon amaz kuvuga kangahe?mu Rwanda ex FAR n,interahamwe bamara abantu Muri1994 ONU yarihe?amanama adahera gusa badatora umuti wo gukingira abanygihugu mu Burundi bariko baricwa bunyamaswa.Ivyo twebwe abanyagihugu biraturambiye.ibjectif ni objectif.article7 le scout ne fait rien á moitié.Tuzobandanya twirwanako mpaka kandi tuzotsinda.abavyunva soyons unis.Tout est possible la limite est le ciel.
1er Kigarama 2015, 10:13, par Birabaraba
Onu yoshaka nuyumusi amahoro yorara abonetse kuko bofata abo bantu Bose bari muri opposition bakabazana muburundi naho nyakwubahwa umukuru wigihugu yoca abagirira ikigongwe cikivunga amahoro yorara agarutse
1er Kigarama 2015, 10:48, par Emma
Ivyo nivyiza mugabo dushaka ko ibizova mubiganiro biza mubanyagihugu bakavyemeza canke bakabihakana kurya bemeje ibwirizwa shingiro.
1er Kigarama 2015, 11:35, par birandaba
Birabaraba uvuze neza cyaneee nizina ryawe rirerekana ivyiyumviro vyawe.nanje ndagushigikye kuvyo uvuze ONU nifate uwo wese yaciye ukubiri nibwirizwa shingiro hamwe namasezerano ya arushya ndetse nabamushigikiye ibate mumvuto urabe ko amahoro adacya aboneka mu Burundi.kuko uwagiye muri oposition yamategeko niwe amararishije abarundi bariko barapfa batazi icyo bazira.
ONU nigire vuba irungike izo nteko zifate izo njavyi za cndd fdd kandi muri izo nteko hazemo Tanzania, Rwanda na Drc kuko nibo banzi neza ikibazo cy u Burundi
1er Kigarama 2015, 11:41, par John Berch
Erega Twebwe Abarundi,ntamuti Wibibazo Twokwitorera Hatabonetse Nteko Mva Makungu,twaramaze Gukomantaza Mitima, Ban Kimoun,yovuga Jambo Ryukugarukana Mahoro Mu Burundi,yoboneka,mugabo Yigihugu Kirimuntureka Harabunguka
1er Kigarama 2015, 12:05, par Abdulla sulaiman
Twe aho turi hino hanze yihugu dusabako ivyo bivugwa bitoherera munkuru ahubwo bokwihuta amazi atararenga inkombe nije
1er Kigarama 2015, 12:18, par BABA BABA
uwo Ban ki Moon arazi kuvuga ariko gukora ntavy,asoboye.ayomakungu twumva arazi gukokeza intambara abantu bakaguma batemagurana ngwamakungu arabibona.nne kotuzi abamazegupfa bose bazije ikiringo ca3 nne amakungu icokiringo murakizi? nimba aricoyihaye mwankiriki kumuhagarika? nimba acemerewe mwankiriki guhagarika abamugwanya kubwacu abanyagihugu tuvuga dut% nimba mudasoboye guhagarika umugwi umwe mubona ufise ikosa nimureke kwirigwa muravuga komuriho kand musoboye abantu bahony garukira kubantu batarahera nimba ububasha mubufise
1er Kigarama 2015, 12:54, par bene manyanga
nibakomeshe iyo ntozo hakirikare
1er Kigarama 2015, 12:55, par mutama
ONU yaramaze kubona aho ikibazo kiri, ikibazo si mandat ikibazo ni ubutunzi buri mugataka kuburundi ibihugu vyarutura biriko birondera naho abapfa ntaco bavuze kuri yo kuko amahera ONU ikoresha iyahabwa nivyo bihugu rutura nyene,igomba kubafasha gushika kuri ubwo butare kugira ejo itazabura amahera ikoresha. mwe abarundi rero murantwenza cane iyo mutegereje umuti wivibazo vyanyu kumakungu,mwebwe ubwanyu ayo makungu adahari muri 42hrs mwaba mwatoye inyishu yibibazo mufise, ariko kubera ivyo bihugu rutura bihenda aba nabariya ntibishoboka nagato muzagumya mumarane ubwanyu kugeza mumenye ubwenge nkubwo abanyarwanda bamenye nyuma ya94. aho france na USA vyabagize ibitambo kubwo gushaka izahabu muri Congo.
1er Kigarama 2015, 12:56, par nana
erega ikica byose nuko ibibazo byanyu iteka muhora muvugako bituruka hanze kandi intambwe yambere yo gukemura ibibazo nuku menya inkomoko kandi ntahandi atari muri mwe bwite naho ni mutegereza mpuzamakungu muzahashirira
1er Kigarama 2015, 13:27, par TURARUSHE
UWOMUBONO KIMOUN AHO YAVUGIYE IVYOKORWA ATABISHIRA MUNGIRO ARINDIRIY DUHONE?NIKO ONU YAMA NINYARE HIYO NTACOBATUMARIYE ABO BAGESERA
1er Kigarama 2015, 13:38, par Young jee
Twebwe Abarundi Twararushe!! Igihe Twakumviy Ngo Bagire Ibiganiro Vyoba Bigeze. Ko Benewacu Birirwa Baricwa? Ivyo Baguma Bavuga Kumunwa gusa Bizoshika Ryari. Ico Mbona Co Amasengesho mensh K’uburundi.
1er Kigarama 2015, 13:49, par Germain nikwigize junior.
Onu nibikore imbonerakure zitaramara abantu.
1er Kigarama 2015, 15:21, par Celestin
Ariko Ntibaze Gucanishamwo Abarundi!Nibaze Bashire Aho Bene Gihugu Batobato Bashimye
1er Kigarama 2015, 16:01, par Jeorje
Ahubwo igikuru nuko mwotahura umukino wubu janja piter arikwa kina Namakungu mukubereka ko vyose vyera De! Kandi Abarundi benshi Bariko baratikira ,abandi bivugwa muri cave ya permanace ya sndd_fdd Nyabuna tabaranya Ufatingingo Iribushigwe mungiro vuba.Ataraajambo.
1er Kigarama 2015, 16:06, par Kamikazi
Mu vyukuri uyu mutama nanume. Ingorane arayizi nareke guca ku ruhande.
1er Kigarama 2015, 17:05, par gilbert
Ivyavuga ban ki moon,ndamushimira cane kuko ashaka gusabira ikigongwe abashatse gutembagaza ubutegetsi bwitorewe nabanyagihugu,rero abarundi turakwiye kumenya ko umutekano wacu nibibazo vyacu artwe tubitorera umuti,abangaye nabo amakungu agiye kubasabira ikigongwe bitwaje intekomvamakungu
1er Kigarama 2015, 18:46, par Nkurikiye ,jean Claud
Ese Uni ,nen Ko Ishinzwe Amahoro Kwisi ,abantu Baguma ,bicwa Burimusi ,nn ,ahoyavugiye Ntiyoza, Igakiza Abarundi,obama ,kiza Abarundi ,bageze Ahatemba
1er Kigarama 2015, 18:48, par Nkurikiye ,jean Claud
Ese Uni ,nen Ko Ishinzwe Amahoro Kwisi ,abantu Baguma ,bicwa Burimusi ,nn ,ahoyavugiye Ntiyoza, Igakiza Abarundi,obama ,kiza Abarundi ,bageze Ahatemba
1er Kigarama 2015, 21:11, par Abdul Kalim
on nirungike abobasirikare kuku banyangoma bokwicwa niyireta kuku nkurunziza bamurogeye kwigungira kubutegetsi
1er Kigarama 2015, 21:48, par mukwe
ndashimiye ban kimoon nashire hamwe na obama badutabare abarundi twirirwa twicwa atacamira, tuzira ko tutemera ikiringo ca 3 cankurunziz yihaye kunguvu.nongera nsab k abobavyey bazazay tugow batokwibagir kwugurur am radio yingeng namashirahamw yigenga.
2 Kigarama 2015, 17:05, par M
Babatabara huuu!? vugango babahambe ubundi witurize babuzingufu zokubatabarase?
2 Kigarama 2015, 20:50, par MANIRAKIZA
Uburundi ntanteko bwasavye ahubwo ashaka kurungika inteko zogufasha ba cyrille gutembagaza ubutegetsi
2 Kigarama 2015, 20:52, par MANIRAKIZA
Uburundi ntanteko bwasavye ahubwo ashaka kurungika inteko zogufasha ba cyrille gutembagaza ubutegetsi
2 Kigarama 2015, 20:53, par MANIRAKIZA
Uburundi ntanteko bwasavye ahubwo ashaka kurungika inteko zogufasha ba cyrille gutembagaza ubutegetsi
2 Kigarama 2015, 22:57, par Japhet NDAYISHIMIYE
Muburundi turakumbuye amahoro,umuntu wese abona kwafise ico yoterera mukugarukana amahoro ntaruhuke adashize mwagatoke kiwe kandi bizomugira umugabo kuko bampema yuzuye bobo ntamutekano wabene gihugu banezwa,nahanyu gukora bakunzi buburundi
4 Kigarama 2015, 18:58, par KWIZERA ASMAAN
Ewe Burundi Warushe,kuki Hoza Izo Ngabo Za ONU? EGO NIZIZE MUGANI VYANSE NTIBAZOTAHA AMAHORO BANADUFASHE BAFUKUZE UWO MUZI MUBI UTERIVYO VYOSE
5 Kigarama 2015, 08:10, par baragomwa
uyu arogoye oni kobashira ibere inteko ziza muburudi ababiziza ibikwanisho ntibizo bicijira
5 Kigarama 2015, 08:10, par baragomwa
uyu arogoye oni kobashira ibere inteko ziza muburudi ababiziza ibikwanisho ntibizo bicijira
6 Kigarama 2015, 02:34, par egide
ahubwo ONU yari yatebeje iyo ikarungika uwo murwi ukafasha mubiganiro amaraso yasesetse muburundi ntiyari guseseka. abantu bapfuy muburundi nibeshi bazira ukwihorana kwabanyepolitike. ahubwo ONU ninyaragase mumaguru masha.
12 Kigarama 2015, 14:11, par LARISSA
Amahanga ntacyo azadufasha tuzifash’ubwacu n’Imana yacu
23 Ruhuhuma 2016, 18:26, par MURUTA
ahubwo amakungo yatevye umunyagihu aragowe atapfuye nizara apfa numutekano muke ayo niya masasu yaburi musi nama bobe