IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bancobu yamutwaye inzu yatanzeko ingwati, yongera iranamupfungisha

Bancobu yamutwaye inzu yatanzeko ingwati, yongera iranamupfungisha

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Naho yahejeje kuriha ideni yari afise, ibanki Bancobu (Banque Commerciale du Burundi) yashatse kumunyaga inzu yiwe yari yatanzeko ingwati, itako iranamufungisha. Uwo ni umudandaza wo mu ntara ya Muramvya azwi kw’izina rya Philippe Makungu.

Kuri uno munsi wa gatatu igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2014, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, icegera c’uwurongoye sendika SYGECO yiyamirije ingendo y’amabanki yo kugurisha ingwati z’abanywanyi babo bidaciye mu mategeko. Martin Sindaruhuka, icegera c’umukuru wa sendika SYGECO yatanze akarorero k’umudandaza wo mu ntara ya Muramvya Philippe Makungu, ibanki yamutwaye amafaranga n’inzu yongera iranamufungisha. uwo mudandaza yatse umwenda w’imiriyoni zine. Amaze kuriha ibanki 2695992 z’amarundi, yahuye n’ivyago baramwiba, niko guca yitura ibanki ayisaba ko yomufasha ikamwihanganira ko azoriha vuba.

JPEG - 687.2 ko
Martin Sindaruhuka, icegera c’umukuru wa sendika SYGECO

Nk’uko tubandanya tubimenyeshwa na Martin Sindaruhuka, icegera c’umukuru wa sendika SYGECO, iyo banki yaciye itegura igurishwa icamunara, aho yonyene yaciye igura iyo nzu ku giciro gito cane c’imiriyoni zitatu z’amafaranga y’amarundi ku nzu ifise agaciro kangana n’imiriyoni 48 z’amarundi. Umudandaza Philippe Makungu yaciye asaba ko iyo banki yomusubiza inzu yiwe, iyo nayo ikaba yaciye imusaba ko yoriha amafaranga angana n’5909570 mu minsi 15. Amaze kuyariha yose ntiyigeze asubizwa ya nzu n’amahera vyose. Ubu rero Makungu yabuze inzu yongera abura n’amahera, akaba mbere yari yanapfungishijwe n’ibanki Bancobu, kuko yaciye aja kuba muri iyo nzu, BANCOBU ica iramwitwarira, atabwa mu mvuto ku mutahe wa sentare y’ubudandaji. Yapfunguwe ivy’imfatakibanza abifashijwemwo na Sendika SYGECO, mu gihe yari amazeyo iminsi 19. Makungu Philippe ubu muri kino gihe akaba yatanze amafaranga yose hamwe imiriyoni 8695992 z’amarundi kw’ideni ry’4000000.

Muri sendika SYGECO basaba ama banki ko yovavanura n’iyo ngendo yo kugurisha ingwati bidaciye mu mategeko, kuko kanatsinda mu mategeko kirazira ko ingwati zigurwa na nyene kugurisha, kuko bisa nko kunyaga. Asaba abadandaza nabo guhagararira inyungu zabo.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.