IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Komedi > Bernadette Lafont yarasezeye isi

Bernadette Lafont yarasezeye isi

samedi 27 Mukakaro 2013

Umukinyi wa mareresi rurangiranwa wo mu gihugu c’Ubufaransa Bernadette Lafront yaritavye Imana ku myaka 74 y’amavuko, mu bitaro vya Nimes. Lafront akaba yafashwe afise akarezareza aho yari i Grau-du –Roy, kuri uyu wa 25 Mukakaro uyu mwaka.

Bernadette Lafront akaba asezeye isi mu gihe yariko aritegurira gushira ahabona ireresi yiwe mu mwaka w’2014 yitwa « Les vacances du petit Nicolas.»
Ku kajwi kiwe karongorotse kandi kumvikana neza, yarabaye rurangiranwa mu myaka y’1950 mu gihe yakina mu mareresi atandukanye nka «Le Beau Serge » « La Fiancée du Pirate » « Une belle fille comme moi » « La maman et la Putain ».

Mw’ireresi yitwa « L’effrontée » ya Claude Miller na Charlotte Gainsbourg nayo, yamutumye amenyekana cane. ndetse aca arakundwa kw’isi yose aho hari mu myaka y’1985.

Bernadette Lafront rero akaba yavutse kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu mu mwaka w’1938 mu gisagara ca Nimes mu gihugu c’Ubufaransa, aca yitaba Imana kw’igenekerezo rya 25 Mukakaro umwaka w’2013, hakaba hari hasigaye amezi atatu gusa ngo ahimbaze imyaka 75 y’amavuko.

Bernadette Lafront akaba yari yubatse urwiwe mu mwaka w’1957 gushika 1959 na Gerard Blain, mu nyuma na Dioura Medveczky kuva muri uyo mwaka nyene w’1959, kuko umwana wa mbere yamuvyaranye n’umugabo wiwe wa kabiri ariwe Elisabeth Lafront mu mwaka w’1960. Asize abana batatu aribo Pauline Lafront (1963-1988) , Elisabeth Lafront na David Lafront. Bernadette Lafront kandi akaba yararonkejwe n’agashimwe kitiriwe César d’honneur. Yitavye Imana mu gihe yari amaze iminsi itatu gusa arwaye ako karezareza mu bitaro vy’i Nimes.

Abana asize ni aba:

Elisabeth-Lafront
David-Lafront
Pauline-Lafront

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.