IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Komedi > Icipfuzo ca Kigingi ni ugutwenza Uburundi

Icipfuzo ca Kigingi ni ugutwenza Uburundi

lundi 20 Nzero 2014

Uburyo bwo kwidagadura buriko burarwira mu gihugu c’Uburundi aho hariko haboneka abatwenza abantu bashasha. Kigingi asigaye abica bigacika mu guteramisha abantu abatwenza.

JPEG - 30.5 ko
Kigingi mu kiganiro n’ikinyamakuru IGIHE

Mugenzi Alfred- Aubin azwi kw’izina rya Kigingi yavukanye ingabirano yo gutwenza abantu «comédien». Yatanguye atwenza abagenzi biwe canke ababa bari hafi yiwe, abo yatwenza baca bamuhanura kuja ahabona maze abikore nk’umwuga.

Abamuhanuye yarabumviye, kw’igenekerezo rya 02 Myandagaro 2013, Kigingi yinjiye mu bunywero La Reine, uwo munsi wa mbere ntibagirwa mu buzima bwiwe, abari mu bunywero ntiborohewe kuko uwararwaye imbavu canke zidakomeye yatashe kare, abakomeye batashe imbavu zumye, amasozi y’umunezero yasesetse. Kigingi araheza arabona ko abishoboye.

Kuva ico gihe, yibwiye ko ingabirano yiwe itanguye kumubiramwo maze nawe arayakira kuko yagiye abona ko ari akazi komutungira ubuzima.

Kigingi amenyesha ko inkuru akoresha mu gutwenza abantu ziva mu bantu, azikura mu bintu bishika mu buzima bwa minsi yose, biba hirya no hino kandi hari aho biba no gukebura biciye mu gutwenga. Ivyo rero Kigingi abigira atawe atutse canke yifatire mu gahanga, intumbero yiwe ni ukuryohera abantu, kuryosha ubuzima, kwibagiza abantu ibibazo bafise.

Kubera mu Burundi bitari bimenyerewe cane, Kigingi avuga ko abantu baryoherwa cane n’aho buhinga bushasha bwo guteramisha abantu iruhande yo kuririmba n’ivyese, kuko akunze kuronka abantu bamwandikira ubutumwa bugufi «message» canke bamuhamagara bamubaza iyo azaguteramishiriza abantu. Ivyo rero bimuha inguvu narirya avuga ko amaze kubona ko atakandi kazi yokora atari kurondera ubumenyi bujanye n’uwo mwuga haba mu Burundi canke mu makungu, maze asumvye barya abantu bamenyereye kubona ku mboneshakure. Ivyipfuzo vyiwe ni uguhindura Uburundi bukaba igihugu gitwenga, kuko mu ntango z’ukwezi kwa Ntwarante azogirisha igiteramo co gutwenga.

Kigingi afise imyaka 30, asaba umuntu wese afise impano kwubahuka akaja ahabona naho intango yama igoye. Asaba Reta gushigikira uwo mwuga usa na mushasha.

Tubamenyeshe ko mu Burundi bari bamenyereye uwitwa Mashoke na Michou muri ubwo buhinga bwo gutwenza.

Irabire zimwe mu nkuru zitwenza amaze kwerekana


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.