IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Komedi > Alfred Aubin Mugenzi «Kigingi» yagirizwa ugutuka umukuru w’igihugu (...)

Alfred Aubin Mugenzi «Kigingi» yagirizwa ugutuka umukuru w’igihugu (Video)

vendredi 1er Ndamukiza 2016, par Jean De Dieu

Alfred Aubin Mugenzi azwi cane kw’izina rya Kigingi, umuhinga mu gutwenza asanzwe ateramisha abantu mu bibanza bitandukanye hamwe no ku nsamirizi Buja FM yahora ari Radio 10, apfungiwe mu gasho k’igendereza mu gisagara ca Bujumbura. Yagirizwa ugutuka umukuru w’igihugu.

Igihe Kigingi w’imyaka 30 yafatwa kuri uwu wa kabiri, yari mu ntara ya Muramvya, mu bikorwa vy’uguteramisha abantu, mu birori vy’ugukundisha ikinyobwa ca PRIMUS. Abakozi b’igendereza mu ntara ya Muramvya bamusanze kw’ihoteri "Baze Lodge", aca ajanwa gupfungirwa mu gasho k’igiporisi mu ntara ya Muramvya, aho yaraye ijoro rimwe, bukeye aca amanukanwa mu gasho k’igendereza i Bujumbura, yagirizwa ugutuka umukuru w’igihugu.

Intango ya vyose, ni igikino (sketch) yerekanye ari mu gihugu c’Urwanda, mu kwezi kwa Ruheshi 2015, mu gihe hari imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA.

Muri ico gikino cahavuye gikwiragizwa ku mihora ngurukanabumenyi mu ntango z’iyi ndwi dusozera kuri uwu wa gatanu, Kigingi yasiguye ingene mu rukino, umukinyi Petero NKURUNZIZA, umukunzi w’umupira w’amaguru, yanse kuva mu kibuga inyuma y’uguhabwa ikarata igira kabiri y’umuhondo (2e carton jaune).

Kigingi yasiguye ko no mu burongozi bw’igihugu, Petero NKURUNZIZA yihaye ikiringo ca gatatu kandi ibwirizwa shingiro ritabimurekurira.

.


IGIHE

Messages

  • yewegayeeeee!! uyumutipe sumurundi kabisa, uyu arimuribabanyarwanda bavukiye muburundi arikwagatima kariwabo murwanda kuko ntamurundi yovuga birya bintu, yacafuje ibisata vyose vyubuzima bwabarundi nabakenyezi ntiyabashizinyuma..... babanze bamwake ivyangombwa vyuburundi hama bamufunge kabisa. biryabintuyavuze nakamaramaza.....

  • KUKI ABARUNDI BAKUNDA GUTUKA IGIHUGU CABO BAGAHIMBAZA IVYA ABANDI.
    TURI PEUPLE UNIQUE AU MONDE

  • uvuze ukuri peuple unique au monde mukwica abenegihugu , bravo sana kegis

  • @ kamaro na @Kegis Uyu n’Umu Comedian. Benshi ntimutahura kuko mugendeshwa n’ishavu gusa. Ntimuzi kwubahiriza agateka kazinamuntu, ntimushaka kwumva ivyiyumviro bitandukanye nivyiwanyu, umengo nimwe muba kwisi mwenyene. Muzogume iburundi ntimuje mugihugu nakimwe cateye imbere muri democracy kuko mwotuntura.

  • Kigingi n,umuntu muto nibamureke baronderane nivyo bihangange mugipolisi n,igisirikare bagomvye guhirika ubutegetsi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.