IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Komedi > Comedy Knights, Kigingi na Martial baraye bumije imbavu abantu

Comedy Knights, Kigingi na Martial baraye bumije imbavu abantu

dimanche 15 Kigarama 2013

Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu, umurwi wa Comedy Knights wo mu gihugu c’Urwanda urikumwe n’imisore ibiri katwa mu vyese vyo gutwenza, Kigingi na Martial, baraye bumije imbavu z’abantu. Inkuru zitwenza zadumishijwe zari mu rurimi rw’ikirundi, ikinyarwanda, icongereza n’igifaransa. Igiteramo kitari gisanzwe aho uwinjira yatanga igitabo agavye.

JPEG - 39.4 ko
Michaël na Arthur bo muri Comedy Knights

Imisore 3 muri 6 igize Comedy Knights niyo yari yashitse mu kibanza ca Vouvouzela muri Komine Kinindo kuri uyu wa gatandato. Nkuko bama, ivyese vyabo akaba ari ivyo gutwenza gusa. Hervé Kimenyi, Michaël Sengazi na Arthur Nkusi bo muri Comedy Knights baje bava mu Rwanda bifadikanije na Kigingi hamwe na Martial bo mu Burundi bararyoheye abaraho. Inkuru z’ubwoko bwose zifatiye ku mibereho y’abantu mu ngo,ukugereranya imico itandukanye, vyose vyari vyuzuyemwo amajambo yo gatwengo. Kigingi akunze kugira ati: "Gira effort", abakinyi baragize "effort" ariko abaraho nta "effort" bagira ngo batwenge kuko baragandaguritse ku nkuru z’iyo misore 5.

JPEG - 86.5 ko
Kigingi

Ugutwenga ukeguka, amasosozi akoroka atawukubiswe ariko bivuye kugutwenga cane nivyo vyaranze abari bitavye ico “kirori”( mu mvugo y’urwaruka rwa none). Amasaha 3 arenga niwo mwanya abaraho bamaze batwenga basubira. Umwe umwe abisikanya n’uwundi, babiri bafadikanya, uko niko abo bakinyi 5 bakura kuranwa imbere y’isinzi ry’urwaruka, abakuze n’abahumure bari bitavye ico giteramo. Michael ati: " Vyandengeye, abantu bangana uku ntabo twari bwaronke muri kino kibanza. Natangaye kubona harimwo abantu bakuze bangana n’abavyeyi bacu bari bicaye imbere. Nahimbawe cane no kubona abantu babatama baza bakatumbwira ko bashima igikorwa cacu co gukina".

JPEG - 73.9 ko
Hervé Kimenyi, umwe mubagize Comedy Knights

Ico giteramo ukwinjira ntamahera yasabwa nkuko bisanzwe mu biteramo bimenyerewe. Kugira umuntu yinjire, yasabwa ugutanga igitabo co gusoma ico arico cose. Ivyo bitabo navyo bikaba bitegekanijwe gushirwa mu nzu yo gusoma izoba yugururiwe abana b’impfuvyi n’abandi batishoboye. Uwo mugambi ukaba ari uwishirahamwe "Aime Home Association".

JPEG - 75.3 ko
Ibitabo abinjira mu giteramo bariko baratanga

Michaël Sengazi, umwe mubagize Comedy Knights akaba yatumenyesheje kandi ko umurwi wabo wama utunganya igiteramo kimwe co ku buntu mu mwaka. Ariko mu ntumbero yo gushigikira ishirahamwe Aime Home Association, bashimye gusaba abaza mu giteramo kwibangikanya igitabo.

JPEG - 49.9 ko
Arthur Nkusi, umwe mubagize Comedy Knights

Ico giteramo cari gutangura isaha imwe y’ijoro catanguye isaha zibiri z’ijoro. Caheze bwije cane nk’isaha 5 z’ijoro, abantu bagisaba ko cobandanya.

JPEG - 75.9 ko
Martial
JPEG - 31.4 ko
Michaël Sengazi, umwe mubagize Comedy Knights

INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.