IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bernard Busokoza yatanguye amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru (...)

Bernard Busokoza yatanguye amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

mardi 22 Gitugutu 2013

Bernard Busokoza yagenywe kugira asubirire Terensiyo Sinunguruza mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, yarahiye icese imbere y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka. Bernard Busokoza yatanguye icese amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, inyuma y’ibisikanya hagati yiwe na Terensiyo Sinunguruza ryabereye ku biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 34.8 ko
Bernard Busokoza ariko ararahira imbere y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe n’abagize sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro

Inyuma y’aho abadasigana ba UPRONA basabiye ko Terensiyo Sinunguruza yohindurwa mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru, uwatanzwe kandi akemezwa n’abashingamateka n’abakenguzamateka, yatanguye icese amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Gitugutu uyu mwaka. Abashingamateka, abakenguzamateka, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abashikiranganji, abacamanza ba sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro n’abandi bategetsi batandukanye ba Leta, bahuriye ku ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, mu birori vyo gukurikirana aho Bernard Busokoza arahira icese, ibirori vyari bihagarariwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

JPEG - 45.1 ko
Abashingamateka n’abakenduzamateka bari mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe

Mu ndahiro yashikirije icese afashe ibendera ry’igihugu c’Uburundi n’iry’ubumwe bw’abarundi, Bernard Busokoza yemeye imbere y’umukuru w’igihugu ko azokwubahiriza ubumwe bw’abarundi n’ibwirizwa shingiro, ko azoshira imbere inyungu z’igihugu, amahoro n’ubutungane kandi ko azorwanya ikumira yongere yubahirize ukwikukira kw’igihugu c’Uburundi.

Mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu niho haciye habandaniriza ibisikanya hagati ya Bernard Busokoza na Terensiyo Sinunguruza. Mu bikorwa uwahora ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu asigiye uwumusubiriye, Bernard Busokoza amenyesha ko ibigiye kwihutirwa ari ugukurikirana ibikorwa vy’isubirwamwo ry’ibwirizwa shingiro, integuro y’itegeko rizogenga amatora ririndiriwe n’abatari bake, n’umwenda w’amafaranga y’amarundi imiliyaridi zitanu Leta ifitiye ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Mu gihe uwo mwenda ushobora gutuma ivyo bitaro vyugara canke bibura uko bihemba abakozi. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza yamenyesheje ko bazovugana n’abandi vyega, barabe ukwo ico kibazo cotorerwa inyishu.

Mwomenya ko bitegekanijwe ko ku munsi w’ejo, igenekerezo rya 23 Gitugutu, ariho Terensiyo Sinunguruza azomenyesha sentare ntahinyuzwa amatungo afise ubu avuye mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 44.1 ko
Bernard Busokoza n’umutambukanyi wiwe
JPEG - 45.1 ko
Abashingamateka n’abakenduzamateka bari mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe

Egide Nduwimana

Messages

  • I wish u the best !!!

  • azorangure amabanga yiwe kandi afashe uburundi gutera imbere mu gisata cubutunzi na technologie.

  • Ntuze wemere ko Edouard NDUWIMANA asubira muri Leta. Uzoba ufashije u Burundi.

  • Ndshimye caane ibisikanwa ryabo bantu, kandi baribazinanyi, lero ndibazako azohindura vyinshi kuko atirengagije arazi ingorane zindyane zahahitiye, kuva uburundi bwikukira, turasavye muri iyi myaka ibiri lero yerekane akarusho.

  • Ndizeye ko S E le 1er VP amène plus d’énergies pour faire avancer politiquement et économiquement la communauté burundaise, aragamburukira Sebarundi ntazoje ku mohe y’abipfuza kugarukana akajagari mu ntwaro no mu migambwe!!!!!Be blessed!!!!

  • Ico tumusavye nuko atosbira kuba umugabo niryo.nizere ko abonye icuwundi bamukuriye . kandi ngira nimba atararya imiti nawe arabona ko bidahesha icubahiro gukurwa kurya.Nubwo bamuteguriye ijambo nabi nomusaba ko yosubiramwo indahiro kuko yabonye ko batanguye kumukanuza mukumutegurira ijambo rigayitse. icerekwa nikibona.

  • Ico tumusavye nuko atosbira kuba umugabo niryo.nizere ko abonye icuwundi bamukuriye . kandi ngira nimba atararya imiti nawe arabona ko bidahesha icubahiro gukurwa kurya.Nubwo bamuteguriye ijambo nabi nomusaba ko yosubiramwo indahiro kuko yabonye ko batanguye kumukanuza mukumutegurira ijambo rigayitse. icerekwa nikibona.

  • ntaco ndamwitez ko kuko aba porona ntawobizera!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.