Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Bimwe mu biteramo Steven Sogo amaze kugirisha muri Amerika : (...)
Bimwe mu biteramo Steven Sogo amaze kugirisha muri Amerika : Amafoto
lundi 30 Ntwarante 2015
Kuva mu ntango z’umwaka w’i 2015 yasavye ko bomwita SOGOTOLO, uwo si uwundi ni Steven Sogo agira akwize amezi 4 ari mu rukurikirane rw’ibiteramo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Guhera kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2014, Steven Sogo yasavye abakunzi ko bohora bamwita SOGOTOLO. Ico gihe nyene yaragirishije ibiteramo ahitwa kw’Isango Bar no kuri Tempete imbere y’uko afata urugendo rwo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Kuva ico gihe, Sogotolo n’abandi baririmvyi bari kumwe mu mugambi "Nile Project" bariko baremesha ibiteramo hirya, aho ni nk’ibiteramo vy’i Global Fest, i Gainesville na Miami mu ntara ya Florida, Asheville muri Carolina yo mu Buraruko, muri Lincoln center i New York.
Si ibiteramo gusa, Sogotolo n’abandi baririmvyi bo muri Nile Project bagenda bagira, baragirana n’ibiganiro n’abanyeshure bo muri za Kaminuza cane cane zirwiriyemwo abanyeshuri bo muri Afrika, turavuga aho bagendera "University of Iowa"yigishwamwo igi Swahili n’ic’Arabu. Amakuru yanyu dufise ya Sogotolo nayavuga igihe bari bagendeye Kaminuza y’i Boston.
Aho hose Sogotolo yaciye ari kumwe na "Nil Project" turafise amafoto yagiye afatwa, kiretse ayo mu kwezi kwa Ruhuhuma aho bitakunze ko tuyaronka.
Raba aha munsi amwe mu mafoto ya Sogotolo
Cherif Nkeshimana
Messages
31 Ntwarante 2015, 16:51, par prosper nshimirimana
Ndabona kabisa nivyiza nakomere ku muheto abandanye atera imbere nk umuzinga .biraateye igomye kabisa