Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Sogo yakoze ururirimbo mpimbazamana bitari bimenyerewe
Sogo yakoze ururirimbo mpimbazamana bitari bimenyerewe
vendredi 15 Myandagaro 2014
Iminsi irahaciye abakunzi b’umuririmvyi Steven Sogo batamubona cane mu kibuga c’umuziki, ariko ntaho yagiye ari mu kazi kenshi ko gutegura urukurikirane ruzosohoka vuba. Ariko ategura n’ingendo zo mu mahanga yimirije kugira mu mezi ari imbere y’uno mwaka.
Steven Sogo abwira abakunzi biwe ko ataho yagiye, yabwiye ikinyamakuru IGIHE ati :" Ntaho nagiye kuko ntacoza kimbuza gukora umuziki, maze iminsi nzinduka nka gorobeza muri Studio ntegura urukurikirane rwanje nshaka ko ruzosohoka muri Munyonyo. Si ivyo gusa, mfise n’ingendo zibiri rumwe mu mpera z’umwaka muri Egypte, urundi nshobora gufata ni urwo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyo vyose bituma ntaboneka cane".
Urwo rukurikirane ariko arategura rugize urwa kane rw’uwo muririmvyi rukaba rugizwe n’indirimbo 12. Rufise izina "Mbali sana", rumwe mu ndirimbo zirugize. Urukurikirane rurimwo ururirimbo mpimbazamana kandi bitari bimenyerewe mu ndirimbo ziwe. Sogo abisigura ati :" Ndavye iyo Imana yankuye niyo ndiko ndaja mbona hose ari kure".
Cherif Nkeshimana
Messages
16 Myandagaro 2014, 01:55, par jiji7
ibintu vyabaririnvyi biboneka ko atabantu bavyitaho kuri ino site yanyu ,nta na comment ziza zijako ariko politike ni sawa
17 Myandagaro 2014, 00:06, par bosco
sogo imana iguhezagire!uterimbete uteze imbere nabandi
20 Myandagaro 2014, 10:12, par Magwi pascal nteturuye
Jewe nitwa magwi pascal nteturuye mba mur,africa yepho je sogo ndamukunda nkakunda nindirimbo ze naterimbere nkumuzinga mugabo reta yacu ntaco mbona ifasha abaririmvyi kugira nabo bagumane akayabagu ko kuguma bitwararika guteza imbere igihugu biciye mumuziki numuziki . Vyonyene gusa reta urayibaza politique n,inzirakarengane!!!!
5 Nyakanga 2016, 21:18, par ndi claude ndayiragije
mbega arasenga