Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Steven Sogo: Ururirimbo rushasha « Ndirimbe Urwanda » - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Steven Sogo: Ururirimbo rushasha « Ndirimbe Urwanda »

Steven Sogo: Ururirimbo rushasha « Ndirimbe Urwanda »

jeudi 5 Nyakanga 2013

Mu makuru aheruka umuririmvyi Steven Sogo yari yatanganje ko ariko arategura indirimbo irata ivyiza vy’Urwanda. Akakiririmba nk’igihugu kibanyi c’Uburundi kinafashanya bafashanya muri vyinshi n’Uburundi. Urwo ruririmbo rukaba rw’itwa «Ndirimbe Urwanda».

PNG - 1.4 Mo
Steven Sogo

Steven Sogo yatubariyeko imvo zamuteye gukora iyo ndirimbo ari uko akunda igihugu c’Urwanda. Kandi yanabisabwe n’umugenzi wiwe arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Rwanda (Amicale des Musiciens) yitwa Jean Pierre. Ndetse uyu akaba ari nawe bayiririmbanye. Sogo avugako iyo ndirimbo yise « Ndirimbe Urwanda » iri mu mudiho ndangakaranga. Inaririmvye mu ndimi 4 arizo ikirundi, ikinyarwanda, igifaransa n’icongereza.

Imvyiyumviro biri mu majambo agize iyi ndirimbo, ni amajambo arata ivyiza bitatse igihugu c’Urwanda. Ivuga ibibanza ndagamico bitandukanye vyico gihugu, ndetse n’ibibanza vyiratiro biri ahatandukanye murico gihugu kibanyi c’Uburundi. Igihugu giherereye muri Afrika yo hagati.

PNG - 614.9 ko
Steven Sogo

Vuba cane, Steven Sogo akaba agiye gukorana n’uwo mugenziwe baririmbanye «Ndirimbe Urwanda» ahou bu naho bazoyikorera amasanamu azoboneka ku mboneshakure. Ivyo tukaba tubikensha uro muririmvyi nyene Steven Sogo. Amenyesha ko hazoba harimwo amasanamu y’ivyo bibanza yaririmvye muriyo ndirimbo.

Mwomenyako kandi inyuma yico gikorwa kuri «Ndirimbe Urwanda», Sogo ategekanya guca ategura igiteramo gikomeye mu gisagara ca Kigali kuko ngo n’ igihe aherukayo yarabonye ko abanyarwanda bakunda indirimbo ziwe hama muri ico giteramo akazoboneraho akaryo ko kubashikiriza iyo ndirimbo ku mugaragaro.

Iyo ndirimbo mushobora kuyumviriza aha hakurikira:


SENGUREBE Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.