IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bimwe mu vyo Alain Aimé Nyamitwe yayaze n’abaserukira ibihugu vya (...)

Bimwe mu vyo Alain Aimé Nyamitwe yayaze n’abaserukira ibihugu vya Buraya

vendredi 5 Ruheshi 2015

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu yabonanye n’abaserukira ibihugu vya Buraya, aho yashaka bavugane ku bijanye n’ingingo zafashwe n’inama yahuje abakuru b’ibihugu vy’akarere.

Muri uwo mubonano wari witabwe n’abaserukira ibihugu vy’Ubufaransa, Ubuhorande, Ububirigi n’uwuserukir Ubumwe bwa Buraya, yavuze ko amatora yari ategekanijwe kuri uyu wa 5 Ruheshi yigijwe inyuma, CENI ikazokorera ku kindi kirangaminsi c’amatora nk’uko vyasabwe mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere hamwe n’ukwaka ibirwanisho urwaruka ruhurikiye mu migambwe .

Alain Aimé Nyamitwe umushikiranganji w’imigenderanire, akaba yakeje ukwitanga mu biganiro kwa Said Djinnit, mbere akavuga ko ibiganiro bigeze ku ntambwe ishimishije, akaba yaciye abonerako n’akaryo ku kunegura ingingo yateweko umukono n’imigambwe 17 itavuga rumwe na Reta. Umushikiranganji Nyamitwe yasavye abo baserukira ibihugu vya Buraya kuyaga n’abo bateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu biyaga binini ko ihengamye, ahubwo basubire mu biganiro.

Mwomenya ko Nyamitwe yemereye abo baserukira ibihugu vya Buraya mu Burundi, ko imbere y’uko urutonde rw’uko amatora azoba atunganijwe ruja ahabona umukuru w’igihugu yaruteyeko umukono, bazobanza kuruvuganako n’abo vyega bose eka mbere akaba yavuze ko bimwe mu vyasabwe n’abakuru b’ibihugu nk’ukwugurura amaradiyo imbere y’uko amatora aba, gukura imitahe ku bantu bamwe bamwe yo kwitaba ubutungane, gusubiriza abatanze imihoho muri CENI hamwe n’ukwugurura ibiganiro birimwo bose bigiye gukorwa .


Aristide Nizigire

Messages

  • bene nyamitwe ndabemera muzi mucezo wa ndani

  • meme l’opposition ne peut pas se reunir pour vaincre les elections,ainsi la barriere a la presidentielle de l’interresse serait trouvee

  • Ego nivyiza turashimye ivyo mwayaze.nkugukura imitahe kubanye poritike.nokugurura ama Radio nivyiza.ariko haracar’ikibazo kukiringo cagatatu.nimuganire nabo mutavuga rumwe kugira impunzi zihunguke zireke kurwa mumahanga,ibi birababaje.IMANA ibahe umutima mushasha

  • AHUBWO RERERO AIME NAPFUMARIWE YITOZA ASUBIRIRE NKURUNZIZA

  • NYAMITWE AVUGA NEZA.AHUBWO NIBAMUTANGEKO UMUKANDIDA APANA PITA.RAMBA.

  • Nyamitwe weeee,ubu uza wemera ko hari ibirwanisho mwahaye imbonerakure???hahhaahha uranshimishije cane...ko mwayaze vyinshi vyiza ariko hari wirengagije,,ehhh kimwe nyamukuru kirya nyene kuguteye ubwoba,kimwe kireba shobuja wawe hamwe nakakarwi kanuka amaraso yabanyagihugu,mhhh reka kwirengagiza nyamitwe,uribagiye ikiringo ca 3 ca Peter nkurunziza ko arico kiraje inshinga abanyagihugu,kandi nawe uraze ko muzoba muhonyanze ibwirizwa shingiro hamwe n’amasezerano y’Arusha.Erega nimwemere mubise abandi babikwiriye batware igihugu nayo ivyo mutinya bibarindiriye i La Haye mubitinyuke gufunrwa nibisanzwe nabandi mwarabafunze baramenyereye.ataruko naho muzobura nababaherekeza ku Mpanda murahagabira

  • Ivyo bavyita diplomatie!il ne tiendra pas sa promesse mais ça fait rien meme son nom l’indique’Nyamitwe’!

  • NTAWUBURA SHEBUJA. TWIMENYEREZE KUTAVUGA IBISUNITSWE NIMPWE KUKO IVYO TUVUGA VYEREKANA ICOTURI UBUNTU BURIHABWA

  • Ivyo mwayaze nibaza ko muzobikora, ariko ico tuzi co nuko mubiganiro muzokwisunga amategeko canecane nka constitution et accord de paix d’Arusha! Ntiwibaze ngo barya barahendwa kuko bose baba babikurikiranira hafi. Erega nibo bababeshejeho. Mpora numva bariko bariga budjet national, bababaza bati amahera azovahe mukishura ngo plus de 50% azovahe, mugaca mwishura ngo ni mubadufasha. None abo badufasha si abo nyene mutera akagere ngo mwarikukiye? Ubu honyene habuze ayamatora, none nimwatwara murabona muzobeshaho igihugu durant 5 ans? Mwibaza ko nihagera igihe umu police ntahembwe ko muzosubira kumushuhurira kubanyagihugu ngo ace yemera?

  • Wewe uvuze ngumushikiranganji Nyamitwe ngoyemeye Ko bahaye ibirwanisho Imbonerakure haraho wotwereka yabivuze nkuko ubivuze burya sivyiza gukura urundomenarumwe mubintu bibavyavuzwe numuntu, umushikiranganji yavuze murirusangi ntiyigene avuga umugambwe runaka muri a single yabivuze murirusangi ngurwaruka rwomumigabwe rufise ibirwanisho nukubibaka, twiyibukijerero hapfuye kwisukamwo ibivyikigiye umugambiwokwaka abanyagihugu ibirwanisho mubanyagihugu babitunze badafise uburenganzira bwokubitunga numugambi iyi reta yatanguye kera nukuvuga warisanzweho kandi uzobandanya nicogituna umushikiranganji Nyamitwe yakomeje kuvyibutsa.

  • @ongeya
    Aho yavuze ko hari ibgwanisho vyahawe imbonerakure nihe?Jewe ntaho nabonye,Reka basha kuba mubesha mukokeza,yavuze kwaka ibigwanisho urwaruka ruhurikiye mu migamwe,ba ubanza gusoma!Urwo rwaruka ni bande?Ni abo kwa sinduhije bamaze iminsi bakora amaroregwa mu gisagara baturira abahutu mu ma pine,batera grenades polis,abatutsi murakunda kubesha,mais les menteurs on finit toujours par les demasquer!!
    Iyo mandat ya peter ni iya kabiri cour constitutionnelle yaramwemeye,uwuyashaka azoyajamwo ,uwudashatse areke,mbega ivyo bizungu bikoriki ngaho i burudi surtout izo mbwebwe z’ababiligi,je narinziko zatekeye zirataha,ko zidukangisha amahera ubu zikaba zarayakase,ziriko zikoriki mu burundi ?Nibatahe ko hari ingwano n’umutekeno muke,barundi mwanke ko abazungu babifatira,barabakanga,izo ni ingegera,muzi yuko badusuzuguye ngo baduha amahera ku buntu muri conference bakoreye erasme,ibaze ngo nta mu bailleur numwe tugeza kuronka ngo ata sous sol dufise,none abo bantu qui ont un petit esprit nibo baduha amafranga par moralité,mwumve ingene badufata nk’ibijuju,none boyagumije bakareka kudutambirako,ariko ndibutse,bashaka umututsi adutambire kw’izosi,ivyo muze muvyibuka!!Ariko ubu,i burundi twarabayebamwe bavuga ngo uwuzoguhisha ko akwanka uzomuhisheko ubizi,ako mwa bahutu mwe mukagendereko surtout kubiraba ababiligi.
    Iyindi nkuru,mwumvise ivyo anicet niyonkuru yavuze muri iyo conference,franchement aho ga anicet ntiworondera amahera autrement,wariko witonesha mu babiligi ngo baguhe amahera co kimwe na ba vital,uraremvye,mbega wa mudagikazi nta giceri afise,nukwirigwa mukora ubutinganyi gusa ataco aguha?moi je pense que c’est ça que tu veux si non nimba usya utambaye franchement ngo uje muri transition !!Mama we,ibintu vyoba vyarakomeye!!Sinabimenye!!!!

  • iyi nkuru ni igice kweli!!! nabo none bamubwiye iki??

  • EWE IMBONERAKURE TWARAVUTSE NGO TUBONE!WAMUNTU EJO UZINDUKE KWIHANA NTASONI KWUBAHUKA UKABESHERA UMUNTU IKIBONANDASHE NGO YEMEYE KO IMBONERAKURE ZIFISE IBIRWANISHO?AHO MWICA INZEHE ABARIKO BASHWIRAGIZA AMA GRENADES N,IMBONERAKURE?TWARABAHINYUYE BASHA!KUMWE MWAVUGA NGO IMBONERAKURE ZIRI KIRIBA ONDES KWIGA INKOHO,TWARABIBONYE.ZIRYA ZARI IMBONERAKURE ?BA MWITONDA!NAYO IVYIKIRINGO NAGIRA BOHA WEWE NYENE UKAGITWARA APANA NYAMITWE!TEKEREZA BASHA KIRYA N,IGITI KITURIRWA.NTIMUHITEGE UBU NYENE NI MWIHANGANE MANDA YIWE YANYUMA IHERE ARIKO NAHO NYENE SIHO MUZOCA MUGIFATA!EMWE NTIMURIYE N,AGASOSE NTIMUNYOYE NGO MURARIRIYE KO AKUGWA KUNGONA.IMANA IZOMUTONESHA NKA MBERE KU MUGARAGARO AMAHANGA ARORERA N,ABARUNDI BATAMUKENEWE IMBONERAKURE TWARAVUTSE NGO TUBONE!WAMUNTU EJO UZINDUKE KWIHANA NTASONI KWUBAHUKA UKABESHERA UMUNTU IKIBONANDASHE NGO YEMEYE KO IMBONERAKURE ZIFISE IBIRWANISHO?AHO MWICA INZEHE ABARIKO BASHWIRAGIZA AMA GRENADES N,IMBONERAKURE?TWARABAHINYUYE BASHA!KUMWE MWAVUGA NGO IMBONERAKURE ZIRI KIRIBA ONDES KWIGA INKOHO,TWARABIBONYE.ZIRYA ZARI IMBONERAKURE ?BA MWITONDA!NAYO IVYIKIRINGO NAGIRA BOHA WEWE NYENE UKAGITWARA APANA NYAMITWE!TEKEREZA BASHA KIRYA N,IGITI KITURIRWA.NTIMUHITEGE UBU NYENE NI MWIHANGANE MANDA YIWE YANYUMA IHERE ARIKO NAHO NYENE SIHO MUZOCA MUGIFATA!EMWE NTIMURIYE N,AGASOSE NTIMUNYOYE NGO MURARIRIYE KO AKUGWA KUNGONA.IMANA IZOMUTONESHA NKA MBERE KU MUGARAGARO AMAHANGA ARORERA N,ABARUNDI BATAMUKENEYE.

  • EWE IMBONERAKURE TWARAVUTSE NGO TUBONE!WAMUNTU EJO UZINDUKE KWIHANA NTASONI KWUBAHUKA UKABESHERA UMUNTU IKIBONANDASHE NGO YEMEYE KO IMBONERAKURE ZIFISE IBIRWANISHO?AHO MWICA INZEHE ABARIKO BASHWIRAGIZA AMA GRENADES N,IMBONERAKURE?TWARABAHINYUYE BASHA!KUMWE MWAVUGA NGO IMBONERAKURE ZIRI KIRIBA ONDES KWIGA INKOHO,TWARABIBONYE.ZIRYA ZARI IMBONERAKURE ?BA MWITONDA!NAYO IVYIKIRINGO NAGIRA BOHA WEWE NYENE UKAGITWARA APANA NYAMITWE!TEKEREZA BASHA KIRYA N,IGITI KITURIRWA.NTIMUHITEGE UBU NYENE NI MWIHANGANE MANDA YIWE YANYUMA IHERE ARIKO NAHO NYENE SIHO MUZOCA MUGIFATA!EMWE NTIMURIYE N,AGASOSE NTIMUNYOYE NGO MURARIRIYE KO AKUGWA KUNGONA.IMANA IZOMUTONESHA NKA MBERE KU MUGARAGARO AMAHANGA ARORERA N,ABARUNDI BATAMUKENEWE IMBONERAKURE TWARAVUTSE NGO TUBONE!WAMUNTU EJO UZINDUKE KWIHANA NTASONI KWUBAHUKA UKABESHERA UMUNTU IKIBONANDASHE NGO YEMEYE KO IMBONERAKURE ZIFISE IBIRWANISHO?AHO MWICA INZEHE ABARIKO BASHWIRAGIZA AMA GRENADES N,IMBONERAKURE?TWARABAHINYUYE BASHA!KUMWE MWAVUGA NGO IMBONERAKURE ZIRI KIRIBA ONDES KWIGA INKOHO,TWARABIBONYE.ZIRYA ZARI IMBONERAKURE ?BA MWITONDA!NAYO IVYIKIRINGO NAGIRA BOHA WEWE NYENE UKAGITWARA APANA NYAMITWE!TEKEREZA BASHA KIRYA N,IGITI KITURIRWA.NTIMUHITEGE UBU NYENE NI MWIHANGANE MANDA YIWE YANYUMA IHERE ARIKO NAHO NYENE SIHO MUZOCA MUGIFATA!EMWE NTIMURIYE N,AGASOSE NTIMUNYOYE NGO MURARIRIYE KO AKUGWA KUNGONA.IMANA IZOMUTONESHA NKA MBERE KU MUGARAGARO AMAHANGA ARORERA N,ABARUNDI BATAMUKENEYE.

  • Amen,amen,amen.Ngirango ukuri kuragiye ahabona.kuko biriko biraza.kwaka ibigwanisho aba bihawe!! egoo turashimye.

  • Kanura mutere imbere mwa barundi mwe. Kugira tubandanye igihugu gitere imbere inzira n,imwe. Ni twebwe nyene aba CNDD FDD kumuhakanira kandi tukagena uwundi amusubirira. Gutyo imi gumuko igahera, amatora akaba uwutsinze agatwarira abarundi bose. Abivye igihugu baga subiza ivyo bivye uburundi bukagura n,indege y,igihugu. Nayo abishe abanyagihugu bafatwa. Abishe aba bikira bo amatohoza ageze kure vuba barabayora i la haye

  • Twarabahinyuye ntabwoko bugicanamwo!!abatutsi abahutu nibamwe!reka kugumura abantu!mbega urumuhutu ugatwara umututsikazi mukavyarana mwoba mucicana?abana mwavyaye mwobita gute?reka kuduhenda!ewe Vuganeza sivyiza kubesha urwaruka rwa SINDUHIJE ntankoho rugira.ninde arafatwa akemera kwaruwiwe?ariko urananiye iyaga!

  • Mana Weeee Tugwiz Imbabazi Kwel!Iyab Uhaniraho,Vuganeza Yarakwiye Kugoba Ururimi.Mana Urema Ntiwaremye Abant 2 Adam Na Eva?Ayo Moko Yavuye He Naho Tuja Murusengero Umushaha UMengo Tub Twawibagiriy Hanze?Tubandanya kugusengera Uhinduk Mumutima Kuk Warafutanye.Ja Imber Y Imana Wigaye Kko Uri Mur Bamwe Bahiga Imana Nka Sawuli.Muribuka Ivyiza Yabakorey Udata Umutwe.Ok

  • Reka Imana ,yikorere Naho Kubwabantu Barananiwe, Haaaaburundi Simbimanga Ntahinabi Yatsinze Ineza. Nkurunziza,weee!!!rekabandi Twirabire Icobakora.

  • Peter nkurunziza yari umushingantahe mugabo yamaze kwiteza rubwa ese iyo asokora muri ceni hakiri kare none azosokora amazi yarenze inkombe?

  • IFOTO Y’UMUKURU WIGIHUGU

  • Yemwe yemwe ngo na Me Clotilde Niragira yoba yahunze!!!!arib infos.tubarize

  • Ariko uyu yanditse iyinkuru aratubeshe. None Alain Nyamitwe yavuze wenyene ?abo baserukira ibihugu vyabo bari ibiragi? Bavuze iki?

  • Vuganeza hamwe nawe Iragiryagahutu remi,za musoma neza maze mutahure,gusoma no gutahura biratandukanye,ico nobasaba nuko mwogabanya amacakubiri kuko ntaho azobashikana.uti ntabwo mwatahuye ko Nyamwitwe yemeye ko baka ibirwanisho Imbonerakure????hahahha aho bicabigaragara ko mwasomye urudome k’urundi ariko gutahura birabagora kuberako mwuzuyemwo amacakubiri...n’uwuhe mugambwe se uvurwako wahawe ibigwanisho???nimugende mutemberere ibihumbi vyabarundi bagorewe mumakambi y’impunzi maze mubabaze ico bahunze barababwira neza,niho mwotahura kuko gutahura ivyo musomye birabagora kubera amacakubiri yuzuye m’umitima yanyu,Erega ubu ntakibazo c’amoko kigihari naho Peter Nkurunziza namwe ingurube ziwe muguma murondera uko mwobihindura ivyamoko bikabananira,kandi mumenye ko atabwoko buhona wangu,nivyo turi inkewa ariko turinkewa zidashobora guhona ndababwiye

  • Mbe ko mwese mbona, umwe wes ashaka gukwegera iwe!!! Mwe mwumva ubugome n’inda mbi bizova mu Barundi gut? Ugukunda igihugu bizobazamwo ryari? Abenshi mu Barundi, ntanarimw tubona ko kuyobora i gihugu kwari kugihesha agaciro mu makungu arikwo no kugiteza imbere...abenshi babona ko kuyobora igihugu arukuja gusahura ivy’abenegihugu...maze mugatako mukanabacanishamwo kugira mushobore kubiba atacamira...biratey umubabaro n’agahinda nsinobabesha....mbe ko no mukuru w’igihugu dufise ubu, ko yabibwiriy we nyene ko naho mushihana ko kuba umukuru w’igihugu aba arumwe rudende, none mushihanira iki?!!!? Mbe izo mbonerakure zozo, zirigwa zigwa zisubira ngo zigomba kumesa abantu, zozo zibaza ko hari numwe azovamwo ngwabay umukuru w’igihugu, nibaza ko nabonye bokubitiza agatima mpembero zikiyumvira imisi yose iyo ziva niyo zija kuko ahanini nuko kenshi zizosigara ziricuza...haba kumpande zose, nitwiyumvirire hamw kazoza k’igihugu, ico twokorera hamw kugira igihugu cacu gisubire kuba igihugu, tubisikanye k’ubutegetsi mumahoro n’umutekano atagushaka kugira igihugu akibare yarazwe na mutama, twumve kw’igihugu ari ca twese...abegerey umukuru w’igihugu cacu na cane cane bamwe twokwita ba soma mbike biwe, ni mufate akanya mwiyumvire ico mwikorera ababatoy mbere n’abatabatoy kugira igihugu gitekane!!! None turahevye tubonek ko mu Burundi atanumw yoboneka ngo yuzuriz impande zose?!!!? Ico nosaba, nuko mutosubira kuza muravuga ivy’amoko kuko Imana yaraturuhuy kubona abarundi dushobora kuyarengera kandi tukabona kwataco twapfa...uwuzovyitwaza kandi Imana niyo izomenya icimukoza kandi ntazoshika kure...

  • @nkwavu venant
    Umuhutu atwaye umututsikazi baricana nyene,abatutsikazi bicishije abagabo babo baruzuye muri 72,ngo batorane ibisigi vy’amazu basigare bakora ambiance n’abatutsi mu vyo umuhutu yabiriye akuya!
    Ufise imyaka mike canke mama wawe ni umututsikazi,ewe ntazoguhende ubwoko bwawe aho i wacu i burundi ni ubwa so,hari abibaza nkawe ngo ndi imvange,uzobaze za 93,94...barazimariye muri ayo ma quartiers nyene n’imigano n’ama pines,n’ibibugita,ewe ivy’ubwoko mu burundi ntibishobora kuzimangana uwokubesha!!
    Sha jewe nta rwaruka mpenda raba kuri za you tube uzobona abasore bahunze bavuye congo aho sinduhije n’abandi babahenze ngo bagiye kuragira bagasanga bariko bagwana na za kalash bagata bagahunga,baza bazokwereka,ni bamwe mu bapfiriye mu cibitoke c’est une suite,na alexi sinduhije na we nyene ariyemerera ko afise rebellion,abanyamusaga n’abandi bamaze iminsi bakora imigumuko,baturira abahutu mu ma pine,bica ababoyi b’abahutu,batera polis grenades,nabo bariyemererako ari abo kwa sinduhije,par contre nta mbonerakure bafatanye ikigwanisho barabaturiye ,barabica barabamara ata n’imbugita bafise les pauvres,ntaco Imana ibakire mu bwami bwayo,ariko mwatwibukije ivyo twari twaribagiye,navyo si bibi,abahutu naho bokwibagira mwebwe abatutsi ni mwe mutwibutsa ko mu burundi hari amoko c’est un très bon service que vous nous rendez!!!

  • DUSABA ABARUNDI NABANYAMAHANGA BOREKA IKIZO CABARUNDI TUKAKIRABIRA MUMATORA NAHO KUVUGA PEREZIDA NGONTIYITOZE KANDI IBICE 90% TUMUKUNDA BAVYIBAGIRDUSABA ABARUNDI NABANYAMAHANGA BOREKA IKIZO CABARUNDI TUKAKIRABIRA MUMATORA NAHO KUVUGA PEREZIDA NGONTIYITOZE KANDI IBICE 90% TUMUKUNDA BAVYIBAGIRE

  • Imana iracari ku ngoma ivyogirira akamaro ku burundi irabizi knd nivyotuma kiba amahoro irabizi.reka turindire ubugombe bwayo bushke kuk yo ntiyihenda nkumwana wumuntu.

  • emma

    nyakubahwa nyamitwe ndagushimiye kubikogwa vyigihugu ubandanya udukorera, mutama warakoze kubicarika kugira ubumvishe ukwibikogwa vyuburundi bimeze komezuko. Jafeti nawe ivyushikiriza ni vyiza ariko zuraboneka kurubuga kugira duhanure abo bagumuk

  • Nmureke gukokeza twebwe abarundi twipfuza amahoro dushaka amatora dutore uwo dushatse uwo tudashaka nawe ntitumutore,niyo nzira yonyene y,amahoro nayo abosha abantu bababwira kuja mumabarabara hama bakongera ngo barahagarikije amakungu narabe uko bigenda kugira babone neza abariko bica baturira imiduga
    None ndababaze guturira imodoka bifise isano irihe n,ikiringo ca petero nkurunziza?????

  • CNI nibogozwe kuko ihengamiy kuri reta

  • nkurunziza quitte le pouvoir car tu es la cause de ça

  • Ibiriko biraba vyose bitewe n’ukwikunda kwa Nkurunziza kandi ndabona hari nabashaka kuvyivangamwo kugira ikibazo kibe umurengera.Nahebe iyo mandat y’ubusuma ,aba DD ni benshi turabe uwodufasha kwuba ihinguriro na rimwe.None ibibuga vya football twarabibonye ,twarabimushiye.

  • Ibiriko biraba vyose bitewe n’ukwikunda kwa Nkurunziza kandi ndabona hari nabashaka kuvyivangamwo kugira ikibazo kibe umurengera.Nahebe iyo mandat y’ubusuma ,aba DD ni benshi turabe uwodufasha kwuba ihinguriro na rimwe.None ibibuga vya football twarabibonye ,twarabimushiye.

  • Ibiganiro ni vyiza Cane, mugabo babanze badufatire abo ba putchistes terroristes batega ababombe mumiduga i Bujumbura ,bagarukane inkoho bivye igipolisi igihe batera amakambi bakubise coup d’Etat.

  • Iyi niyo CNDD rero yacu yo mu ntago. Gutega amatwi uwo ariwe wese yoguha ibyiyumviro.

  • Icokiganiro Cari Ngirakamaro Basi!Amakenga Mfise N,uko Mbona Vyishi Bivugwa Ntibije Mungiro.Je Kubwante Izimpande Zarizikwiye Kwirengagiza Bimwe Bimwe Nakare Ngw,intibagira Ntibana!Bakicarana Bagategura Amatora Hakaba Ihiganwa Uwutsinze Tukamukuza Ubwatsi Uwutsinzwe Agashira Ahintahe Ishize!Haburana Babiri Hagatsinda Umwe!N,ijombo Ry,imana Riduhamagarira Gusabikanya!Imana Niyo Izotuma Bikunda!

  • ndakeka vyoja muburyo abeshi twonezerwa

  • @ vuganeza uri igitangaza naho nakagendeye uwanyereka izuru jyawe ngira inshuro zibiri kuri kavakure hhhhhaaaaa uwaguha ubushobozi ngira nta mututsi yasigara kw isi abanditse ko uri umunazi ntibihenze

  • @ vuganeza uri igitangaza naho nakagendeye uwanyereka izuru jyawe ngira inshuro zibiri kuri kavakure hhhhhaaaaa uwaguha ubushobozi ngira nta mututsi yasigara kw isi abanditse ko uri umunazi ntibihenze

  • basha murihenda vrm aho twabahinyuye kera ndetse na rwasa yabivuze ati uwushaka leta mfata kibanza nikijuju ati nuwushak manda ya gatatu aho reto arikwigarura mumenyeko ivyo mwapanze bizwi nkurunziza azitoza mwanka mwemera mwase naho umuti wanyu urahari aho muzopfira guhikahika je ndabagaya nkabagaragura kuko nabasigay muri oposition barazwi tekereze muri bake.

  • basha murihenda vrm aho twabahinyuye kera ndetse na rwasa yabivuze ati uwushaka leta mfata kibanza nikijuju ati nuwushak manda ya gatatu aho reto arikwigarura mumenyeko ivyo mwapanze bizwi nkurunziza azitoza mwanka mwemera mwase naho umuti wanyu urahari aho muzopfira guhikahika je ndabagaya nkabagaragura kuko nabasigay muri oposition barazwi tekereze muri bake.

  • Icamberembonanukobokwak’ibigwanisho Imbonerakure.izego z’umutekanozijarekakuras’abobibonekakobatavugarumwenareta.ikindi bakarek’abobatavugarumwebakiyamamaza.

  • @aime
    Nagire ndagutwenze,kwitwa umuhutu ni ku mutima si izuru,wombona wokwumigwa ntiwihende,ari akaranga ko ku mubiri je nokubwirako ata mututsi akandusha guhera ku mushatsi kugera ku kirenge,mvuze umututsi kuko mwama mwifatirako reference y’ubwiza ce qui m’étonne d’ailleur quand je me regarde dans le miroir!!
    Kavakure mwibazako mumurusha iki,uzobaze abo bashiki banyu bamwama inyuma,afise izuru de reference,mais uzobaze abo bashikibanyu hari ikindi afise mwebwe mufise ayasongoye mutagira qui le rend plus sympathique en tant qu’homme!

  • jewe benshi barantangaza muvyiyumviro byabo!On ne soigne pas les consequemces sans eradiquer la cause de les maux.Mandat iteye ikbazo iveho d’abord.hanyuma igohugu gitekane.baba DD cank abandi ko bakoresha ibisho bisho mukutavuga ukuri.ivyo nivyo vyishe igohuhu.Nyangoma yavuze mumutera ivyatsi.wait and see.muntunge kandi ndi umu CNDD-FDD mais yiyumvira !!!!

  • Abo baraya nivyiza kubiganira mais bamwe bamwe nibare kukoza,bashigikir’amatora. N.B Inkona ntiyaruzwa.

  • Ahaaa,ariko murabonako,abarundi muvyobifuza harimwo,ibiganiro?genda kuradio yigihugu,uvuge,ijamborimwe,ati,aremeye kumvira,amajwi yabanyagihugu ntazitoza,urabeko,igisagara cabujumbura,ingene bagisukura.nayahandiho nimyaka,itanu,asaba,izohera,atamazi,abanywana.

  • TOKA MWESE NTAVYO MUZI

  • Oya ntibitwazwe amoko barafuma bitwaza ibindi, mais bizobahimyukana. Ngw’inkona ntiyuzwa mbe babisoma hehe? nibabure batinye Imana.

  • Emma la honte ne tue pas uba ugeze muri coma!!hama Muyaga uri muyaga nyene nka dd ntaco mumariye igihugu mumeze nkumuyaga mutazi iyo muja niyomuva!!

  • vuganeza biragushikira ugasenga si oui sans uwiteka agukuremwo iyo dayimoni ikwicira umutima ntawo uriko urababaza niwe wiyica usomye bible mw’itanguriro Imana irema abantu haraho wabonye yaremy umututsi agakurikiranaho umuhutu uteranye umuvyeyi n’umwana urazi amezi 9 yamutway akamuter igise akamurera mukuvuga banza uhindukize ururimi rwawe incuro 7 mukanwa kawe ubone kuvuga

  • tubaye turashima arko sinizeye yuko amaradiyo yokora ktmwe yahora

  • tubaye turashima arko sinizeye yuko amaradiyo yokora ktmwe yahora

  • Nyeni Cubahiro Umukuruwigihwugu Taco Andakorakugira Bandandede Dayuhurume Bampemayuzuye Ngo Arambekobojamumatora Ariko Kumberabamenyeye Amakundeta Nanububangobangutwaramuriyozira.Twarabahinyuye.Abarundisizi Turakunda Nyenicubahiro.Nibamureke Twamuhaweni Mana Nurutare.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.