IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Amakomine agiye kuronswa ubwigenge

Bujumbura : Amakomine agiye kuronswa ubwigenge

vendredi 24 Nzero 2014

Amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura ntafise ubwigenge nk’uko biri ku yandi makomine yo mu ntara zo hagati mu gihugu. Umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine akaba amenyesha ko bagiye gukora ibishoboka kugira ayo makomine nayo agengwe n’itegeko rimwe n’ayandi yo mu zindi ntara zigize igihugu c’Uburundi.

Umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine Jean Claude Nduwayo yaratanze ku munsi wa gatatu icegeranyo c’ivyakozwe n’ubushikiranganji arongoye. Mu gihe yariko arashikiriza ivyaranguwe yamenyesheje ko amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura atararonka ubwigenge. Ingorane ihari n’uko itegeko rigenga amakomine rihari ubu ritategekanijemwo ivy’amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo rero intara ya Bujumbura Mairie ikaba ariyo yonyene ivyisangije. Mu kugira rero nayo yigenge n’uko hoba hariho itegeko riyagenga rikayaha ubwo bwigenge.

JPEG - 37 ko
Jean Claude Ndihokubwayo, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine

Uwo mushikiranganji yamenyesheje rero ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira bategure itegeko rishiraho rikongera rigatunganya amakomine kugira muri kazoza ayo makomine nayo aze aronke ubwigenge bukwiye.
Umushikiranganji Jean Claude Ndihokubwayo yamenyesheje ko ubushikiranganji bubiri buraba ivy’amakomine aribwo bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine buriko burakora ibishoboka vyose kugira ayo makomine nayo yo mu gisagara ca Bujumbura afatwe ku rugero rumwe n’amakomine yo hagati mu gihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.