IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Hagati mu gisagara ibikorwa biracumbagira

Bujumbura: Hagati mu gisagara ibikorwa biracumbagira

mardi 28 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Ku munsi ugira gatatu w’imyiyerekano, ibikorwa mu gisagara ca Bujumbura biracumbagira, ubwoba nibwo buranga abatari bake, n’abaronse amahirwe yo gushika ku buzi baguma bumviriza uturadiyo.

Abanyeshure ntibize, amabutike arugaye ahatari hake, amazu y’ubudandarizo bw’imiti ahatari hake harugaye kiretse iza mutuelle hamwe na pharmacie Salama, bamwe badandaza ivyamwa n’imboga haboneka kamwe . Hagati aho mu gisagara ca Bujumbura haribonekeza abaporisi benshi ubona ko bagavye, abandi bicaye aha twovuga nk’imbere ya posita ,imbere y’inyubakwa ndangakaranga Palais des arts, impande y’inyubakwa ikoreramwo wa muhora mushasha wo gutumatumanako Lumitel, no mu bindi bibanza. Hafi y’inyubakwa Cathedrale, n’ahandi hatari hake.

Ikindi cibonekeza mu gisagara ca Bujumbura n’uko hari imiduga iguma yibonekeza irimwo abapolisi benshi bambaye vya bikofero bafise inkinzo biboneka ko boba bajanywe gufasha ahari imyiyerekano. Ikindi cibonekeza n’imiduga nyene y’igiporisi iboneka ko irimwo abari mu myiyerekano bafashwe.

Ikindi n’uko kuronka ama unite yaba ayo mu materefone canke ayo muri za startimes bigoye kuko ahatari hake abadandaza babuze iyo bayarangurira. Nayo amakuru yandi adushikira n’uko abanyagihugu bariko baduga mu ntara za ruguru ari benshi bahunga umutekano muke, n’itike rikaba ryaduze. Mu ma karitiye y’igisagara ca Bujumbura nka za Kanyosha ,Musaga , Buterere n’ahandi imyiyerekano ikaba iriko irabandanya.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.