IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Ibiganiro vy’ukwitegurira amatora vyatangujwe na EAC hamwe na (...)

Bujumbura : Ibiganiro vy’ukwitegurira amatora vyatangujwe na EAC hamwe na COMESA

jeudi 15 Nzero 2015

Ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, hamwe n’ishirahamwe COMESA (Common Market for Eastern and Southern Africa) yatanguje kuri uwu wa kane urukurikirane rw’ibikorwa vy’ukwitegurira amatora yimirije mu Burundi mu mwaka w’2015. Ayo mashirahamwe amenyesha ko yiteguriye kuzorungika abarorerezi bazofasha gucungera amatora, umurwi CENI utegura amatora nawo ugasabwa kuzokora ataho uhengamiye.

Richard SEZIBERA, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, mu birori vy’ugutanguza ivyo bikorwa, yamenyesheje ko bitavye akamo ka Reta y’Uburundi yasavye ko ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika ryoterera agacumu k’ubumwe mw’itegurwa ry’amatora. Mu bikorwa vyuguruwe kuri uwu wa kane ku rwego rw’igihugu, Richard SEZIBERA yamenyesheje ko hagiye kwama hatunganwwa ibiganiro ku rwego rw’intara, bihuza abanyeporitike batandukanye, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amadini, amashirahamwe y’urwaruka, hamwe n’abandi bose begwa n’ikibazo c’amatora. Nk’uko umunyamabanga w’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yabasiguye, intumbero y’ivyo biganiro akaba ari kurabira hamwe ingene Uburundi bwoja mu matora y’amahoro n’umwumvikano, n’ibivuye muri ayo matora vyemerwe na bose.

JPEG - 62.5 ko
Richard SEZIBERA, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko (i buryo) ari kumwe na Leontine NZEYIMANA ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri uwo muryango

Muri ivyo biganiro bizoshika mu kwezi kwa gatanu, Richard SEZIBERA, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko amenyesha ko abazotumirwa bazotanga ivyiyumviro vyabo, hamwe n’ivyokorwa kugira amatora abe meza, umutekano ntuhungabane mu Burundi no mu karere. Mu muryango wa Afrika y’ubuseruko bavuga ko ivyashikiye igihugu ca Kenya, aho amatora yakurikiwe n’ihungabana ry’umutekano, vyobera icigwa ibindi bihugu bibanyi, muri uwo muryango bakamenyesha ko batipfuza ko vyosubira. Umurwi CENI wasabwe gukora ataho wegamiye, abanyeporitike nabo bagasabwa gushira imbere ivyiyumviro. Ku bijanye n’ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko ntiyerekana aho iryo shirahamwe rihagaze kuri ukwo gusubira kwitoza, Richard SEZIBERA agasiguye ko abarundi ubwabo aribo bakwiye kuja hamwe bakaganira kugira bashobore gutora inyishu y’ico kibazo.

Ivyo birori vy’ugutanguza urukurikirane rw’ivyo biganiro vy’ukwitegurira amatora yimirije mu Burundi mu mwaka w’2015 vyari vyatewe iteka ku ruhande rwa Reta y’Uburundi na Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, bikaba vyasozerewe baguruye inuma zitanu, ikimenyetso c’umwizero ko amatora azogenda neza mu Burundi


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.