Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura :Igipolisi cafashe uwahora akora impapuro za magendo
Bujumbura :Igipolisi cafashe uwahora akora impapuro za magendo
mercredi 19 Myandagaro 2015
Umugabo azwi kw’izina rya Haruna Masumbuko w’imyaka 33 y’amavuko,yafashwe n’igipolisi c’igihugu mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 19 Myandagaro.Yafatanywe impauro z’amagendo n’ibindi bikoresho vya magendo.
Nkuko vyashikirijwe n’icegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye,Haruna Masumbuko yafatanywe impapuro z’umutsindo zitandukanye kuva mu mashuri y’intango gushika muri kaminuza,ibimangu (Cachets) vyo mu bushikiranganji butandukanye n’amashirahamwe atandukanye,ivyo mu buserukizi bw’ibihugu bitandukanye mu Burundi n’ahandi nko mu mabanki.
Pierre Nkurikiye yavuze ko icatumye afatwa ari urupapuro rw’umutsindo rwa magendo yakoze ruca rurafatwa,inyuma y’amatohoza baca basanga rwatanzwe na Haruna Masumbuko.
Icegera c’umuvugizi w’igipolisi avuga ko Haruna Masumbuko yari afise inzu y’ubwandikiro mu gisagara hagati mu ntumbero yo kwinyegeza kugutinya ko ivyo yakoresha vyofatirwa mu Buyenzi kuko igipolisi cakunda kuharondera ibintu nkivyo bidakurikije amategeko.
Mwomenya ko Haruna Masumbuko asanzwe aba mu Buyenzi kw’ibarabara rya 16 inomero 2.
Van Naris Mugisha
Messages
19 Myandagaro 2015, 15:25, par Régime
Nta manyanga namwe akomeye nkayo akorwa mu Burundi hatarimwo umutegetsi muri abo bahimbiri baba DD.Iyo ni reseau ikomeye cane iba ishigikiwe n’abari hejuru. Gufata Haruna rero nta nakimwe bisigura. Ni ubutegetsi bubi corrompue bubwirizwa guhinduka.
19 Myandagaro 2015, 15:41, par Rukundo
Uwikorere vyamagendo muramupfata abirirwa bica abantu nimubafata ehe ingene kasa nanisoni kumva ryo kuza kumaradiyo kadedemba
19 Myandagaro 2015, 15:41, par intagoheka
bandanya mukorijoro numutaga mutuz izonyankaburundi
19 Myandagaro 2015, 16:01, par bn
niyatanga 2.000 frbu azorekugwa atarinze kurengutwa imbere y’ubutungane
19 Myandagaro 2015, 17:18, par EGIDE
AHUBWO NIBABOHWE IBINTUNKIVYO BIRIYAMIRIJWA AHUBWO MURARABE NEZA BAGOMBA ABO BIB NGO BARINAKAZI
19 Myandagaro 2015, 20:38, par Tag
Nimba Nivyo Vyaribiteye Umutekano Muke Ntaco Muga Abicanyi Ntimubafata Mukafata Ariko Barikorera Ibibabesha Ntangikibazo President Arenze Kumategeko Mwomuhana Canke Abarihejuru Yamategeko? Ese Kamategeko Adafata Abategetsi Akafata Ababatye Mukubafunga Mukivunyu Ma Hageze Kwiyamamaza Mukiyemeza Nivyo Baso Batabonye Abarundi Ninkabatwa Abaporisi Nimisega Yankurunziza
19 Myandagaro 2015, 20:39, par Iddy
AHO BOFASHE UWISHE BIKOMAGU .CANKE UWARASHE CLAVER ,BARI GUFATA UWO MUNTU ARI KWIBA NKUKO NABO BABIGIZE UMWUGA NONE BARI KUJEJEMBA BARI NIBINDI BAFASHE .A
20 Myandagaro 2015, 09:14, par Saïdi
Ahubwo N’ibara
20 Myandagaro 2015, 09:39, par Nkwirikiye
Ahubwo mufate abo ba DD mubabaze ko atari Haruna yabahaye amadiplômes.Ubu rero mugira mumwihakane?
21 Myandagaro 2015, 15:13, par amuri
mudufashe mumutwereke fhoto yiwe