Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi - Rwanda : Impande zompi zivuga ko zifise ivyemezo
Burundi - Rwanda : Impande zompi zivuga ko zifise ivyemezo
vendredi 19 Ruhuhuma 2016, par
Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda uko iminsi igenda niko nayo ibandanya gutituka, Reta y’Uburundi nayo ikaba ibandanya gushikiriza ivyo yagiriza Urwanda, bishimikiye ku ruhara rwoba rufise mu bikorwa vy’uguhungabanya umutekano w’Uburundi. Urwanda narwo rukaba rwagiriza Uburundi ko bwahaye indaro abakoze ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu 1994 mu Rwanda. Impande zompi zimaze kumenyesha ko ziteguriye kuganira, kandi zompi zikavuga ko zifise ibimenyetso bikwiye.
Mu gihe yari avuye mu rugendo mu gihugu ca Angola, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yari ikwiye kuganira n’Urwanda kugira ivyo rwagirizwa bitangirwe umuco. Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko ababanyi babwirizwa kwumvikana, ari naco gituma bakwiye kuganira.
Kubwa Gaston SINDIMWO, ibibazo vy’Uburundi bituruka ku Rwanda, akavuga ko baganiriye bishobora gutorerwa umuti.
N’igihugu c’Urwanda kikaba kimaze kumeyesha ko citeguriye kuganira n’Uburundi, ariko akaba ari ku kibazo c’aba FDLR bivugwa ko bajabutse umupaka wa Repuburika Iharanira Demokarasi ya Congo, bakerekeza mu Burundi.
Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru The EastAfrican mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo 2015, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda, Louise Mushikiwabo, yavuze ko Uburundi ubu buri mu bibazo, arico gituma ivyo bihugu bitoja muvyo kwagirizanya.
Yagize ati : “Nk’uko nigeze kubivuga, dushaka kuganira nabo umunsi igihugu cyasubiye ku murongo. Twagaragaje icyo kibazo na mbere y’uko ibiri mu Burundi bitangira. Nibamara gushyira ibibazo byabo ku murongo, tuzabegera n’icyo tukiganireho (FDLR).”
- Louise Mushikiwabo, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda
Yabandanije agira ati : “Ntabwo dushaka kubongerera umuzigo. Tuzagira umwanya wo kuganira ibyo bibazo.”
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru co mu Budagi, Die Tageszeitung, umushikiranganji Mushikiwabo yavuze ko igihe ibibazo vya poritike mu Burundi vyatangura, abarwanyi ba FDLR bajabutse umupaka bava muri Kivu y’Amaja Epfo, bakerekeza mu Burundi.
Uburundi bwo buvuga ko Urwanda ata bimenyetso bifadika bwagaragaje vyerekana ko abo barwanyi bari ku butaka bwabwo, kandi ko n’icegeranyo c’abahinga b’inama mpuzamakungu y’ibihugu vy’akarere k’ibiyaga bigari, CIRGL cashizwe ahabona cerekanye ko abo barwanyi atabari mu Burundi.
IGIHE
Messages
19 Ruhuhuma 2016, 12:51, par Mukurarinda
Yabaharivye Mezo Bifadika Bovuganumwe Izina Yabahungabanirije Umutekano Arimuburundi Ahonukuvuga Berekanye Kobashaka Kwihora. Ivyiza Nukwo Bokwicarahamwe Bakaganir Barikumwe Nindongozi Zabanya Frurika. Abanyarwanda Na Barundi Batobato Turarushe Kukwingorane Nitwe Tuzigira. Ivyuburundi Nkubu Biragaragara Kumutekano Muke Uterwa Nindongozi Zurwanda.
19 Ruhuhuma 2016, 13:10, par Yva
Leta y’uburundi irikujijisha ngo abantu ntibamenyeko icumbikiye interahamwe ariko nubuswa bukabije bazibeshye gato tubarindiririye kumipaka naho kwirirwa bavuza induru ngo u Rwanda nubuswa muri politique
19 Ruhuhuma 2016, 13:47, par MUNINI-KIRYAMA
KAGAME ubwo ntiyorka kuza aratwiyumvira?aravuga tujabuke arabeko atahabonera.twebw abarundi b’i MBIRIZI dufatany mu nda natureke,mutama nyakubahwa nibakuve inyuma twakwitorey babona
19 Ruhuhuma 2016, 13:49, par eric
ubwo mubwoba mbwurwanda nububeshi bwinshi.
interahamwe zirihose ariko ntimutuma amagrenade hose!!
interahamwe nimba zirimuburundi KUBERIKI ZIDATERA URWANDA?!!!ZIRI NO MURIKONGO!!!
Ubwoba bwabatutsi bari mugrwanda bozokwonona ako karere.kuko batinya democratie .abahutu bateyimberre ngo ninterahamwe.Binyibutsa bagaza ,na micombero,BIRABABAJE KO IMINSI YA KAGAME IHARUYE NAHO YORENGA KURAMBA MUGABE ,DEMOCRATY YOYO IZO MUHITANA KUKO IGUMA ITERA IMBERE.
19 Ruhuhuma 2016, 13:50, par Zabulon kiryama
KAGAME ubwo ntiyorka kuza aratwiyumvira?aravuga tujabuke arabeko atahabonera.twebw abarundi b’i MBIRIZI dufatany mu nda natureke,mutama nyakubahwa nibakuve inyuma twakwitorey babona
19 Ruhuhuma 2016, 14:01, par Marmaris
Harabaye amatohoza mu Burundi nta FDLR iri mu Burundi mugabo turazi yuko Abanyamerika na ONU bagize itohoza ku makambi ari mu Rwanda bamwenya yuko Impuzi z’abarundi zirirwa zigiswa igisikare n’igisirikare c’Urwanda.
Ico cegeranyo nico caraye kirezwe muri ONU na CONGO n’UBURUNDI.
Kagame yamaze gutota kubera gutagira umubano mwiza n’Ababanyi biwe kandi nokurwa mu mutego wa opposition ya Barundi.
twebwe Abarundi ntiduhubuka turiyunvira imbere koturwa mu mutego.
Nkurunziza n’umuntu yiyunvira sinka Kagame arwa mu mutego.
19 Ruhuhuma 2016, 14:05, par Eddy
Iyo politike ikunaniye utangira gutuma intoke ibindi bihugu kubona babeshera ugwanda bazi neza ko aribo bari gukerera abana b uburundi bakaba bacumbikiye FDLR kuva mu kwezi kwa 4 nibo bari gukuramo imitima abantu nta prove bafite ariko blah blah blah ni nyinshi kugira bagume bica inzirakarengane mbe ko batavuga ama fausses commune bahamvyemo abantu uko angana,har umunsi bizashigwa ahabona!!!

19 Ruhuhuma 2016, 14:11, par ernest
Ibivyerekanako reta yicaduka yankurumbi yamaze guta umutwe ubushize yahamagariye imbonerakure mwibarabara zija gutuka umukuru wigihugu cu Rwanda banavugako bazomumesa none ubunaho ngwibiganiro mbe kumesa nokuganira bisaniyehe ahubwo urwanda rugomba gushengenza abiyita abategetsi biburundu kumajambo yogufobya genocide bagize imisi bavuga kuko birazwi kwiconaco aricaha gihanwa namategeko ikindi nibareke kuguma biteza utunyoni ikibazo cuburundi uwagiteye turamuzi ntawundi Atari nkurumbi naho ivyokugurura amaradiyo nibayugurure yose atanakimwe kirinze gusabwa ugwo ruyogoyogo rwabo rwamatohoza twebwe ntavyo dukeneye kuko abaturiye Ayo maradiyo turabazi barimurabonye bariko barivugisha ivyamatohoza ntawimena ikivyimba
19 Ruhuhuma 2016, 14:30, par sasha
Iminsi ya Kagame iraharuwe!!!
19 Ruhuhuma 2016, 15:38, par MUHUZA
BASHA NAHO IRYOSHANO RYIGIHUGU CURWANDA RYIVUGISHA IBINDI MPAKA ONU IFATIYIBIHANO KAGAME NURWANDA IKINDI IRYOSHANO UWOMUSEGA YIYITA ERNEST TUGOMBA TUMUKOREREKO KUKO IVYOVYIYUMVIRO ATANGA VYOGUTYOZA UMUKURUWIGIHUGU NARINDIRE TUZOBA TUTAVUKA INYANGE.
20 Ruhuhuma 2016, 10:25, par POREPORE
AHUBWO KAGAME NIBAMUKOREREKO ABANZE AVUGE ICO AHORA UBURUNDI!
20 Ruhuhuma 2016, 12:16
Ciza Xavier
20 Ruhuhuma 2016, 16:18, par Mbonabihita
U Burundi burltera u Rwanda? Ibi bivugwa nabasivili. Nta musirikare wu Burundi wabiviga.
Uzabaze abarundi barwanye muro Kongo icyp RPA aricyp.
20 Ruhuhuma 2016, 18:29, par kongoro
Nta mututsi azaganira n’interahamwe ngo Peter
21 Ruhuhuma 2016, 07:35, par jean
Mwasanze kumesa Kagame bidashoboka none murashaka kuganira.ntukaboneintare isinziriye ngo uyikore Mu jisho
23 Ruhuhuma 2016, 20:20, par turaje
nta munyarwanda uzagirana ibiganiro na FDLR , naho abavuga muzabaze abasoda babarundi icyo baboneye muri Zaire nibo bazakubwira APR icyo aricyo , mujye mumokera ahongaho nyene mwamihirimbiri mwe.