IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Abanyagihugu basigaranye iki mu bwigenge bw’ugushikiriza (...)

Burundi : Abanyagihugu basigaranye iki mu bwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro?

jeudi 14 Ndamukiza 2016, par egide

Abashakashatsi hamwe n’abigisha muri kaminuza zitandukanye bakomoka mu bihugu bitandukanye basohoye urwandiko, aho bamenyesha ko ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro bwasubiriye inyuma mu Burundi kuva aho amaradiyo yigenga atuririwe, bamwe mu bamenyeshamakuru barahunga, abanyagihugu bakabandanya guhagarikwa, abandi bakicwa, abasigaye mu gihugu nabo bakaba badashobora kugaragaza ivyiyumviro vyabo mu gutinya ko bokwicwa canke bakagirirwa nabi.

Abo bashakashatsi bagera kuri 61 bateye umukono kuri urwo rwandiko bamenyesha ko Uburundi bwabaye iciro ry’umugani kw’isi yose, kandi cari igihugu mu myaka cumi yari iheze, cafatwa nk’icitegererezo mu gukomeza amahoro n’ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro.
Muri urwo rwandiko, abo bashakashatsi babaza bati : Uburundi busigaranye iki mu bijanye n’ugushikiriza ivyiyumviro?

Urwo rwandiko ruriyamiriza ingendo y’ivyiyumviro bimwe isa n’iyiriko irashinga imizi mu Burundi, iteye kubiri n’uguhanahana ivyiyumviro, bakamenyesha ko Uburundi bukeneye abanyagihugu mu butandukane bw’ivyiyumviro vyabo, abarongozi nabo bakabifatirako.

Abo bashakashatsi bavuga ko kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, Uburundi buri mu ntureka za poritike zatanguye igihe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yatowe mu 2005, agasubira gutorwa mu 2010, ariko agahitamwo gusubira kwitoza mu 2015, mu kiringo ca gatatu, ivyiyamirijwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Muri izo ntureka, abo bashakashatsi bavuga ko abantu bagera ku 400 aribo bamaze kwicwa, abandi ibihumbi bashirwa mu mabohero atandukanye, abagera ku bihumbi 250 nabo barahunga igihugu cabibarutse.

Abateye umukono kuri urwo rwandiko mushobora kwisomera rwose aha hakurikira (https://web.facebook.com/IgiheKirundi/posts/1055408334497201) ni :

– Ahamed Saïd Abass : Thinking Africa
– Barry Mamoudou : Thinking Africa
– Batungwanayo Aloys: Hope Africa University
– Behuria Pritish : London School of Economics and Political Science
– Berckmoes Lidewyde : University of Amsterdam
– Birantamije Gérard : Université du Lac Tanganyika
– Bouka Yolande : Institute for Security Studies
– Chaara Imane : University of Oxford
– Corticelli Giacomo : Université de Namur
– Crochet Marcel : UCL (recteur honoraire)
– Curtis Devon : University of Cambridge
– Daley Patricia : University of Oxford
– Damay Ludivine : Université Saint-Louis Bruxelles
– de Beer Daniel : Université Saint Louis – Bruxelles
– De Maesschalck Filip : University of Antwerp
– de Saint-Georges Pierre : Université de Louvain
– Delcourt Barbara : ULB
– Desrosiers Marie-Eve : Université d’Ottawa
– Falisse Jean-Benoît : University of Oxford
– Fierens Jacques : Université de Namur
– Finnegan Dorothy : The College of William & Mary, Virginia, USA
– Frère Marie-Soleil : FNRS / ULB
– Grauvogel Julia : GIGA German Institute of Global and Area Studies
– Hirschy Justine : Université de Lausanne
– Ingelaere Bert : University of Antwerp
– Jamar Astrid : University of Edinburgh
– Jones Will : University of Oxford
– Klimis Emmanuel : Université St Louis – Bruxelles
– Kohlhagen Dominik : Max Planck Institute for Social Anthropology
– Laely Thomas : University of Zurich,Ethnographic Museum
– le Polain Maïté : Université Catholique de Louvain (UCL)/ CIRTES
– Leclercq Sidney : ULB / UCL
– Lemarchand Rene : University of Florida
– Leszczynska Nastassia : FNRS/Université libre de Bruxelles
– Lututala Mumpasi Bernard : Université de Kinshasa et CERED
– Martin de Almagro Maria : ULB
– Matignon Emilie : Chercheure associée LAM &CIRAP
– Mosca Marta : Université de Turin
– Niyonkuru René-Claude
– Pontalti Kirsten : University of Oxford
– Popplewell Rowan : University of Oxford
– Purdekova Andrea : University of Oxford
– Renaud Flavien : IHEID, Genève
– Reyntjens Filip : Université d’Anvers
– Rosoux Valerie : UCL/ FNRS
– Russell Aidan : University of Cambridge/IHEID Genève
– Schaut Christine : Université Saint-Louis Bruxelles
– Schwarz Joëlle : Université de Bâle, Suisse
– Sterck Olivier : University of Oxford
– T’Kint Sophie : University of Oxford
– Tchatchoua Rosine : African Studies Centre/Wageningen University (The Netherlands)
– Van Acker Tomas : CRG, Université de Gand
– Vermylen Aurore : UCL/FRESH
– Vervisch Thomas : CRG, Université de Gand
– Verwimp Philip : ULB
– Vielle Pascale : Université de Louvain
– Wasinski Christophe : ULB
– Weima Yolanda : York University, Canada
– Wilén Nina : FNRS/ULB
– Wittig Katrin : Université dé Montréal
– Wolters Stephanie : Institute for Security Studies


IGIHE

Messages

  • Ikintu gifis intango kigira niherezo.
    uwatumy abantubangara abandi bakicwa uwo nuwukoreshwa na satani.umwe wes ivyiyumviro vyiw akwiy kubishikiriza Imana kk yo ntihemuka.

  • None jewe hari ikintangaza ivyokuva ahobakabivugiye nikera ntibikirivyo kwandika canke gushakashakwa muburundi amarorerwa akorerwayo arateye isoni kandi abayakora ntibakinyegeza bayakora kumugaragaro none kuva aho abavuva mwagahereye muvuga vyatanze iki jewe mbona ivyakarimi vyarasenzwe hasigaye aho gukoresha inguvu kugira muteshe abobicanyi twebwe abanyagihugu tubona ivyakarwi kuwahoze arongoye uburundi nkurunziza twarushe nizo nzandiko zitagira ibikorwa twebwe dukeneye umuntu nubu yotubwira buca tumuvundereza amasoro kandi akabigira ntakindi inzandiko mwashaka nimwirekere ariko igihe mwabonye abarundi tugiye hamwe tukamwiganzura ntihagire icomuzoza kubaza kuko twarabatabaje muranka kudutabara

  • EGOME!NIMUK6EZEKUKOIGIHUGUCACUKIGOMBACONONEKARE,NAYOMA RADIOASUBIZWEHO.IKIBAZO:MBIVYOBIBAZOVYOSHIKIRIZWAHE?KANDIKIGIHUGUMUTAKIGARUKIYEMWEMUDUKURIRA?KIGOMBACONONEKARE.MUGABONTAHOKIJAKIRICUNGEREYEBIRASHOBOKA.

  • emwe amaradiyo,RPA,BONESHA,RENAISANCE FM,Bariko batarataza bibagiye ivyobakoze mumigumuko?numunsi wa coup d’etat?oya bamuraturatura kuko nimwe mwavyiteye gukorana nabicanyi mukokeza yooo!mbe kagome ntiyobaha akazi?siyo mwahungiye?nimuwote kuko mwawucana mubona ,muriko mutabaza abashakashatsi bibinyoma nkaba louis michel bernard mengain ngwaburanira abobapuciste yooo!murarushe kandi ntimworohewe ewe kiramvu,ewe bobo,ewe jilbert,ntacoroshe sasa mumetupa inchi yenu acha dusonge mbele sisi bana ba Laïsi PITER Nkurunziza mweye mujebejebe tu!!

  • Komera Mutama Bandanya Ibilogwa Twebwe Abenegihugu Twagutumye Nayo Za Mujeri Zizokwama Zimoka Kuko Niko Zabaye. Ucunge Ntizitumare Kuko Zose Zarasaze Zirimukwicwa N Inzara.

  • ntakundi,harumuntu yitwa bobo jenarinzi ngonumuntu yisoneye kumbe nuwamadrede anywa urumogi,kiramvu nawe numumaraya oyaa! muhozi ntawayaha akazi wumukobwa atamwabiriye oyaa!niyompamvu na sinduhije shebuja ameze gutyo yaha kokayine abimigumuko nuyuyiyita "tari"ari mubabinyoye! kuko yararimumigumuko ngira nivyavuga murumva ko adakwije! ba journaliste mwahungiye mu gwanda genda kagome abahe akazi yarabasutse!nayo gutarataza muta wakuba ngo murondera abahinga?yooo!murarushe ntakundi nimutembe mwarahushijwe

  • ntakundi,harumuntu yitwa bobo jenarinzi ngonumuntu yisoneye kumbe nuwamadrede anywa urumogi,kiramvu nawe numumaraya oyaa! muhozi ntawayaha akazi wumukobwa atamwabiriye oyaa!niyompamvu na sinduhije shebuja ameze gutyo yaha kokayine abimigumuko nuyuyiyita "tari"ari mubabinyoye! kuko yararimumigumuko ngira nivyavuga murumva ko adakwije! ba journaliste mwahungiye mu gwanda genda kagome abahe akazi yarabasutse!nayo gutarataza muta wakuba ngo murondera abahinga?yooo!murarushe ntakundi nimutembe mwarahushijwe

  • Jewemurantangaza,ivyuburundintibikivugwa,icombona,abaserukiracndimukiringo,cabiyamiriza,ivyankurumbi,nibobasanabatebeyacndi,bashakagukura,abarundi,mukaga,vuzifirimbi,duhenururugiga,rutagirimpehe,mutegeyegoyiruke,yirukehe???,arahafise???Ati,akabakazakarabaye,

  • mwabuze amakuru yokuduha zamwirekera kuko jewe numva nkaha atamakuru arimwo mbega namba muburundi atabwigenge dufise murwanda naho woca uvuga iki? ko abanyagihugu bose basa nkabari mugasho. mwarize mukabura akazi nimwemere akabi murakuze. kandi murashaje.

  • Kurivyomuvuze mwitsheje agaciro nkaimyaka itanu yikurikiranya ndababwiye ko abavyeyi babavyaye bashomvye, ego mwebwe mwakoze ubwobushakashatsi muri mirongo 61 kw’Isi yose camwibaza abashakashatsi bandi bashika ibihumbi nibihumbagiza base kwifatikanya namwe kuberababonye ivyomurimwo bidahuye nagato nikibazo cu Burundi.
    Jewe ndibazako mwiyimyaka itanu Igiyegukurikira muzoyimara mwibaza kurayomajambo ateyisoni muvuze gusa!?
    Ububurundi bugiye gukoza isoni abaribazwi kwaribihangange mwinosi yakinogihe.

  • Barabesha Sivyiza Kube

  • Ngaha muburundi nkuko mwabikurikiranye,ntabwigenge bwunuryagihugu buriho. kuko ugize ico unegura uwomusi urara ugandaguwe, icomaze kubona ni ya twaro yagaciryizo ya micombero, Bagaza yari yaradukuyeko ya subiye kwakindaro muburundi, twari twarayisezereye.

  • Sarira Hiyo Ba Wandika Ibintu Bitomoye Kandi Wewe Uri Mujeri

  • @Nduwayo, barakuze kandi barashaje , ariko bashajenabi.
    Yemwe ndaziko icaha arikibi kandi kokubesha bisesema Imana ntaburundi buboshe abantu mukubabuza kuvuga nkuko abanyarwanda basa naboshwe umunwa namazuru badashobora kuvuga ekayemwe noguhema vyarahagaze none abobahinga batariko barabona ayabavukanyi bavu bariko barabona bakaza kuvuga ivyiburundi ngo abamenyesha makuru bahaye ijambo abagerageje gutembagaza ubutegetsi bagasamiranira kuma radio yabo mukugumura abenegihugu kwaboba menyeshamakuru leta yarikuca ibaha umudale wumwakaka!

  • Reka sha kumutuka ngo ni mujeri ! Ivyo ya shikirije niko biri, ntabwigenge buri ngaha muburundi vyukuri. Jewe ndamutahura kuko numuntu akurikirana ivyakahise kandi akabiringanisha nibiriko birakorwa bibi.

  • Bavukanyi,bashakashat Si,mwarashakashatse,m Urabica Hirya No Hino, Nivyiza,ariko Indunduro Ya Vyose"twubahe,duti Nye UHORAHO"Niho am oro atangaje azodusha yamwo.izindi nzira ntiz shika no hagati,KRISTO ahangame BURUNDI

  • Mushingantahe Kanyosha, Ngombankubaze ubwo uringaha muburundi ahudashobora gutahura ibiriko bikorwa ngaha mu Burundi ?. kubawemeza yuko hano MU BURUNDI kubwigenge buhari ! kuvyuvuga vya maradio, yahohotewe nukuri nawewe ni mba ufise ubwenge bwokutahura ukuri nukutarukuri,niwo musi uzotahura,kwo banyabamenyeshamakuru atamakosa bacoze. kuko batangaza ibiriko birakorwa na reta, ariko kubera reta itifuza kwivyo bariko barakora abanyagihugu bimenyekana nico catumye bafatingingo yo kuturira amaradio nokwomora uwariwewese atemera ikiringo cagatatu nukumurenza kubuhomba.

  • Nibugurure Amaradio Abanyagihugu Bavuge Icobagona Murakoze

  • @Mzoyihera Intagiheka, rekangire icondakumbiye imbere yuko uwowabajije yogira icavuze.

    Rekandakwibarize, mbega urazi ivyabaye igihe Yezu yagambanirwa akarenganwa akabambwa kumusaraba?

    Mbega uribuka umusi ivyovyakoreweko vyokubamba Yezu?

    Rekandawukwibutse warumusi ugiraga 5 windwi, kuruwomusi wagatanu windwi inyuma yogushinyagurirwa cane kuwo Yezu ekayemwe nomumwanya yariyamaze kubambwa kugiti bamugerekeranije amakuru bagateramwo umusumari ugayfukiranya ukinjira mugiti, hanyuma mukiganza cukuboko kwiwe kumwe bakubitamwo umusumari uyfukiranya mugiti, nomukundi kiganza cukundi kubiko bagiragurtyo,
    icogiti kugera nunomusi tucita umuSaraba. Yarashinyaguriwe kugeza amanitswe kuwo mu Saraba yemwe nakimwe mubisuma caramushinyaguriye nubwo yatangajwe nakimwe mubisuma vyaribibambanwe cishuye mugenziwaco ko bobobazize ukuri atariko uyuwewe yarenganye.

    Ndakubwirako kuwomusi 5 kwisa yicenda yumutanga Yezu yaracikanye arapfa arahambwa amanuka mukuzimu mubapfuye , mwibuke ko bwariburamutse buribube umusi wi Sabato ahabantubeshi baribaramutse bahurirahamwe baja guhimbariza Imana hamwe, ariko bwakeye bigunze kuko umukunzi wabo yari mukuzimu wibukeko Yezu amaze gucikana Isi yaciye itwikirwa numwijima (ubwirakabiri) sindiko nibuka igihe ubwirakabiri bwahereye abashoboye gusoma ibinandtse bogira icobanyunguye nanje ariko nibazako ubwirakabiri bwaheze Yezu azutse canke sinziko turimugahengwe gusa mpaka Yezu niyongera kugaruka mw’Isi igihe hazoba gucibwa imanza zabazoba bakiriho nabazoba barapfuye.

    Ikibazo mbaza ivyononekaye Yezu arimukuzimu niwevyobazwa? Canke vyobazwa abamugambaniye kugeza bamushikije ikuzimu.

    Ngarutse kuvyuburindi murikigihe Satani yagarukanye umukuru wigihugu cacu Petero Nkurunziza, rekamvuge kuma radios yagiriwe nabi mugihe hatangazwako President Nkurunziza na reta yiwe yarirongoye bikombowe arinacogihe uburundi bwacabuterwa nubwirakabiri/satani maze ayoma radios nibindibintu bikononwa kuburyo bubabaje kuko nabene gihugu nabajejwe umutekano bataribike barahasize ubuzima bivanye nuwomudayimoni yariyinjiye muribamwe bagakora ibidakwiye gukorwa ( kudeta)

    Mbega ivyovyononekaye bibazwa uwomu president yariyatangarijwe koyakombowe canke vyobazwa abobaribatangaje kobamukomboye.

    Ndababwizukuri abobose uyumusi tuziko ari inkerebutsi/incamwenge iyobidafatanye nukumenya Imana mushoboravyose basigara bavuga ibintu abantubavyumviriza ukamengo vyavuzwe nabantu banyoye inzoga nyishicane zubwoko butandukanye noneho bakaborerwa bagasigara bafashwa nuwariyibaza kwakwiye gufashwa nabo kubera wewe atononye ubwengebwiwe Imana yamuhaye ngwabusukemwo ivyobituriranije.

    Hanyuma mwihane mukore ibishimwa n’Imana ntimuzomaramazwe n’Imana imwe yavuga ngo tureme umuntu mwishusho yacu atijandi asenatwe.

  • Nagomba kwishure mwene data wewe wiyita Mukristo murugendo. Ntungereranye Ivya YESU KRISTO Ni vya Nkurunziza!, YESU mubuzima bwiwe ntakibi nakimwe yi geze akora mubuzima bwiwe,uwamugira nabi yaramusengera, uwamutuka yaramuhezagira,wibuke nigihe yarafashwe mubigishwa biwe hari uwasokoroye inkota agatema ugutwi kumwe mubari baje kumufata, YESU ya gusubijeko. ngomba nkubaze president Peter abamaze kugandagurwa kubwiwe,kwatanumwe arahagarika rwasubire kubamuzima ?.uwo Nkurunziza mwagize ikigirwamana, ivyaha vyiwe nibi 1 ntiyumvira, Yesu wewe ya rumvira,2 ntahoyigeze yu bahiriza kiremwa muntu kuva giye kubutetsi,uwubizi kundusha nuwusazwe yitwa umu Funele yahaboneye ayi bwa yaboneye kumugezi. Mbega Yesu haraho yigeze yica?,3 kudeta hamwe nimyiyerekano nayo, iharurwa kugatwe ka Nkurunziza. kuko yabaye umugabo wagakengere katagira uko kongana, kuko yakengeye abobisangiye umugabwe abaharura kwaribijuju ruhebwa,batoshobora kubonekanamwo uwoshobora kurongora igihugu !. aca hitamwo wamugani baciye ngo, mpemuke ndamuke.Amasezerano ya ri yashikanye Uburundi kumahoro arenzamwo ikaramu noguca tangura, gutuma bamwe bakaruhariwe mukwica ati genda muhere kuwitwa wese umusore canke umugabo agifise inguvu mukureho ababaye Herode wakabiri. Yesu nawe yarubahiriza amategeko yigihugu,ntiyica habanamba, ya jakiza abantu.
    Nonuwo nawe yamaziki ?. Nivyo yari yarakoze koyabitovye? reka tubigezaho ntawovyandika rwabiheze yvyiwe vyotwa imyaka myishiiii.

  • nonedomitirakiranvumudashakakoazamugihugunikuku

  • Nahejeje kubabwira, ntakindi ndenzako kuko jewe sinatoranirijwe guterana amajambo ariko natoranijwe kubabwira munyumva canke ntimunyumve nkuko umwe anyishuye igikuru nuko navuze ntagumwe numye nkuko bamwe mubagenzibanje bitwa abakozib’Imana bariko barabikora.

    Ariko sinorangiza ntababwiye ko Yezu nubwo yakoze ivyiza ijna kwijana nkuko umwe abivuze ntibigeze bamwumvira canke ngobamwemere, bagiye kumwemera amaze kuduga mw’Ijuru, wibuke nigihe yatsinda Satani amaze imisi 3 ikuzimu barihabavuze kwatazutse ngwahubwo nabaje kwiba ikiziga mwijoro ahonshatse kukubwirako na Yezu yarimugorortsi % ntabamwemeye urazosubiramwo usome cankubaze akahise kiwe. Uyumukuru wigihugu cu Burundi Petero Nkurunziza uyumusi mumwita ko ijanakwijana arumwicanyi umunyavyaha asumba abandi bakuru bibihugu bose bari kw’Isi uzobibonera kukuntu ariwe mukuru wigihugu igihugu ciwe cafatiwe ibihano vyakungikanyo nibihugu vyibihangange bitaribike jewe ivyondavyo nokwigisha intama zimana muntuw’Imana ahoharihico wongeraho? Jewe ivyontavyo nokwigisha ishengero ry’Imana yampaye, ndabona hariho nabatagisinzira ngobice igitigiri kinini cabarundi kwikigihe cogutwara kwuyumukuru wigihugu Petero Nkurunziza! Muracumurira ubusa nkuko Adam yandukije bose gupfa niko nomuri Kristo bose bazohinduka bazima kandi Kristo niwe yashurize abasinziriye ariko umuntuwese numwanya wiwe niwica mwenewanyu kuriyintwaro ya Nkurunziza ego bizovugwako uwowishe wamwishe kuntwaro ya Nkurunziza ariko icaha kizokwandikwa kuriwewe Imana izokwagirizako wishe mwenewanyu too. Amen.

  • Emukristu murugendo, nagomba kwishure kukibazo wa bajije. Nkurunziza Petero, Amakungu ya mufatiyibihano kubera ya baye ntagondwa wokudahanurwa, na yu murongozi mwiza nuwubaha,amategeko y i gihugu ari ryo bwirizwa nshingiro, tutibagiye amasezerano yi arusha. ngomba nkubwire yuko abantubose bariko bicwa niki porisi, nikisirikare bazobazwa Nkurunziza petero, kuko bacumugani mukirundi ngumwana aryi kware sewiwe akayiruka amoya, noneho ninawe abatuma kuja kwica abenigihugu, kuko uwishe beshi abuwambere mukumwambika amapete yuko azigusesa amaraso.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.