Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI : Impande zose zeretswe uburyo ikarata imwe y’itora ikora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI : Impande zose zeretswe uburyo ikarata imwe y’itora ikora

CENI : Impande zose zeretswe uburyo ikarata imwe y’itora ikora

mercredi 18 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Umurwi CENI urakurira inkoni ku gishitsi abanyeporitike, ko bitazokunda ko bokoresha twa dutoroshi "Torche à lumière ultraviolet", kuko ata buryo buhari. Umurwi CENI wabishikirije mu nama yabaye kuri uwu wa gatatu, n’impande zose zikaba zaciye zerekwa uburyo ikarata imwe y’itora ikora

JPEG - 5.8 Mo
Abagize umurwi ujejwe gutegura amatora CENI

Umurwi ujejwe gutegura amatora CENI wasubiye guhura n’impande zose zegwa n’amatora mu Burundi, mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro, ku cerekeye ingene bazokwinjira muri ca gikorwa co kumanika intonde mfatakibanza z’abiyandishije hamwe n’ingene bokorana n’abafise icobaterera kugira igikorwa gishasha c’ukwandika kize corohe. Umukuru w’umurwi CENI Petero Karaveri Ndayicariye akaba yasavye abari muri iyo nama ko nihagera ko bugurura ubugira kandi ku batiyandikishije, ko boca bategura imirwi y’abantu b’abarorerezi nk’uko bari babisavye mu manama yabaye ku magenekerezo ya 29 na 30 Nzero uno mwaka, umurwi CENI nawo ukazoca ubaha urupapuro rwo kuja kurorera ico bita "lettre d’accréditation".

Muri iyo nama y’umurwi CENI, bahanahanye ivyiyumviro ku vyerekeye impapuro zizokoreshwa mu gihe c’iyandikwa rigira kabiri, mu gihe abanyeporitike batandukanye basaba ko hokoreshwa n’ibindi bipapuro, kuko mw’iyandikwa rya mbere hari abatiyandikishije kuko babuze karangamuntu, mu murwi CENI bavuga ko babona ko atari vyiza gukoresha impapuro nyinshi kuko arinaho hashobora kuvamwo utunenge, mu murwi CENI bakavuga ko babona ko hokoreshwa ikarata ndangamuntu hamwe n’igipapuro c’inzira "passeport" gusa.

Ikibazo cerekeye twa dutara dufise imishwarara "Torche à lumière ultraviolet" abanyeporitike bamwe bamwe baguma basaba mu ntumbero yo gukinga aboshaka gutora incuro nyinshi, mu murwi CENI bavuga ko ata buryo bwateguwe, naho muri ADC IKIBIRI bemeza ko habuze ugushaka kwa CENI.

Mu bindi baganiriye muri iyo nama, ni icerekeye ya karata imwe y’itora izokoreshwa mu matora twimirije yo mu mwaka w’2015. Umukuru w’umurwi CENI yagerageje kwerekana ingene ikarata y’abitoza imwe isa, yashoboye kwerekana amakarata yakoze mu bindi bihugu nka Madagascar, Guinée na Centrafrique.

Tukabamenyesha ko iyo karata imwe ari ikarata aho abitoza bose baja kw’ikarata imwe. Umukuru w’umurwi CENI akaba amenyesha ko yashatse abanyeporitike babe bariyumvira ingene iyokarata yomera.

Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC IKIBIRI, yari yitavye iyo nama, asa n’uwatahanye akangonongono. Ku bwiwe, umurwi CENI wama uza kubashikiriza ibintu uba wafunditse n’umugambwe uri ku butegetsi, muri ADC IKIBIRI bakavuga ko igihambaye ari ukuntu bazosuzuma intonde z’abiyandikishije.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.