IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Ingingo y’ukubuza abarimyi kwinjiza ivyimburwa mu Rwanda (...)

Cibitoke : Ingingo y’ukubuza abarimyi kwinjiza ivyimburwa mu Rwanda yakuweho

mardi 5 Ndamukiza 2016, par egide

Abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke bakuyeho ingingo y’ukubuza abarimyi kwinjiza ivyimburwa mu Rwanda, iyo ngingo ikaba yari yafashwe mu ntumbero y’ukubuza abarimyi gusesagura umwimbu, nk’uko vyari vyasiguwe n’abajejwe intwaro.

Inyuma y’indwi imwe yari iheze abanyagihugu bo muma komine ya Mabayi, Mugina hamwe na Rugombo mu ntara ya Cibitoke babujijwe kujabukana ivyimburwa vyabo ku mbibe Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda, iyo ngingo yasubiriwemwo kuva kuri uwu wa mbere, ikaba yari yafashwe kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2016, mu nama zakoreshejwe naba musitanteri b’ayo makomine.

Abanyagihugu bahora bashora bimwe muvyo bimbuye mu gihugu c’Urwanda bari bamenyesheje ko ari agahombo gakomeye kuribo, kuko bahora bikenura mu mafaranga bakuye mu rudandazwa rwa bimwe mu vyimburwa vyabo. Abo barimyi bakaba bari bavuze ko bigiye kubagora gusubira kuronka ivya nkenerwa mu buzima bwabo, kuko hari ivyo bategerezwa kugura muri ayo mafaranga baba bakuye mu rudandazwa.


IGIHE

Messages

  • Nukur Abajejw Intwarobakozeneza Kurekurirabobanyagihugukwishorer Utwabomu Rwanda

  • Nukur Abajejw Intwarobakozeneza Kurekurirabobanyagihugukwishorer Utwabomu Rwanda

  • Erega n’uko ico gihugu gitwarwa n’abarwayi mu mutwe atakindi barota atari inda zabo, nta muntu yiyumvira yorondeye kunigisha inzara abantu barya babanje kwiruka.
    Aba DD muri ubwoko bubi kweri.

  • Erega abarundi nabanyarwanda turi bamwe kdi turi abavandimwe. abanyapolitike nibagende bareke kuduteranya maze twikundanire. Peace

  • Ico nikimenyetso cerekana Ko uburundi butwarwa nabantu batazi ico bakora ahubwo ahobukera muzumva intara imwimwe yose y’uburundi ifise umuperezida wayo intwaro zoze ziciye kubiri nivyipfuzo vyabanyagihugu nuko zimera ariko rindira ibihano bibokere nizindi ngingo atarizo muzozifa ntakananira isi mwebwe aba DD nabambari banyu babafarasa muzosigara mumaramaye nkuko vyagendeye interahamwe muri94

  • Erega abarundi nabanyarwanda turi bamwe kdi turi abavandimwe. abanyapolitike nibagende bareke kuduteranya maze twikundanire. Peace

  • Ariko kuze n’ubu Abarundi ntimurabona ko abanyarwanda tubarusha ubwenge ! ubundi mwabirekuriye mubisabwe nande ? burya muba muzi ngo murahima abanyarwanda sha!! barababeshye ahubwo ntimuzi ikipe mukina nayo !

  • ninde wabasavye kubikora??mwasanze muhomba??canke vababoranye???

  • Mwabatindi mwe umukene agemurira umukire ngo arebe icyo yamukuraho turashaka amagi,manderena,imyembe,imineke,inkoko,,,,ibijumba mubyirire nkaho mucururi nimurebe uko hasa kandi muzane ibimeze neza ibishaje mubishyire nkurunziza

  • Arikos Iyimipak Dushirah Mubukrist Ko Ntayirih Abant Twakwemey Imana Ivyibihug Bidutandukany Tukavyihorer .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.