Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke/Mutakura: Amasase menshi yarumvikanye mw’ijoro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke/Mutakura: Amasase menshi yarumvikanye mw’ijoro

Cibitoke/Mutakura: Amasase menshi yarumvikanye mw’ijoro

vendredi 25 Nyakanga 2015

Amasase menshi n’amagrenade vyarumvikanye mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura,mu ma quartier ya Mutakura na Cibitoke ari muri Zone Cibitoke,komine ya Ntahangwa.

Ayo masase yatanguye kwumvikana nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro,avanze n’ama grenade,gushika nk’igihe c’isaha zitatu n’igice.

Gushika mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25v Nyakanga 2015,ivyononekaye ntibiramenyekana,ariko amakuru ava ngaho mu Cibitoke avuga ko mu gatondo amabarabara yari yugaye.

Mwomenya ko ku mutaga wo kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015,igipolisi cari cakoze ibikorwa vyo gusaka muri quartier ya Mutakura bahatora inkoho 4 n’ibindi bikoresho vy’igisirikare.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.