IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CIRGL yiyemeje kurungika umurwi wihweza uko ibintu vyifashe hagati (...)

CIRGL yiyemeje kurungika umurwi wihweza uko ibintu vyifashe hagati y’Uburundi n’Urwanda

lundi 28 Nyakanga 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’akarere k’ibiyaga binini CIRGL ryiyemeje kurungika umurwi uzoza kugenzura no kwihweza igituma hibonekeza ukutumvikana hagati y’igihugu c’Uburundi n’Urwanda.

Iyo ngingo yafatiwe mu nama y’abashikiranganji bava mu bihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu ry’akarere k’ibiyaga binini CIRGL,yabereye mu gisagara ca New York ahari hakoraniye inama igira 70 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Uwo murwi uzokwihweza kandi ibijanye n’iyubahirizwa ry’amasezerano y’umutekano mw’ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini,ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda bisanzwe birimwo.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’igihugu ca Angola n’ayandi makungu Georges Chikoti yari arongoye iyo nama ,yavuze ko ikiganiro cari gishimikiye ahanini ku kutumvikana kuboneka hagati y’igihugu c’Urwanda n’Uburundi.

Georges Chikoti yavuze ko igihugu c’Uburundi cagiriza igihugu c’Urwanda ko mu barundi bahungiye mu Rwanda harimwo abatera uruhagarara mu gihugu c’Uburundi mu guhonyanga amasezerano araba ibijanye n’umutekano,bagateza kandi uruhagarara mu bijanye n’umutekano n’iterambere mu karere k’ibiyaga binini.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Aya mashirahamwe y’uburere bwo muri Afrika ntaco amariye abanyafrika. Iyi CIGRL nibanze gusohora icegeranyo c’ivyavuye mumatohoza yagize yokumenya nimba hari FDRL mu Burundi kandi nimba ikorana n’imbonerakure. Nayo ibindi bavuga nugutesha imyanya abantu!!!

  • umwana wahiye mu kwaha aburirwa ifato koko

  • baribaratevye kubiraba,abarundi twarambiwe nivangura bwoko rikorwa na kagame kugira yerekane kwakunda caane ubwoko nyamwishi bwamuhungiyeko.Abavugishwa kagame biyita abimana birigwa bafatanwa ibigwanishwa babifukisha za bibiriya

  • Nanje ico mbona urwanda rwarateye uburundi ahubwo barabe neza zirya nkotanyi bagomba kurungika congo ngo zigiye ngutuza fdrr ntikube aruguhiga inzira yo gushika bujumbura hama bitwaze ngo nabaroberi bavuye congo ubona kwariko bama.

  • Nibamanze barungike umurwi utohoze igitum’abarundi batumvikana

  • Nibamanze barungike umurwi utohoze igitum’abarundi batumvikana

  • Akrerere ntamahoro kazagira mugihe inkoramaraso isumbya izindi intambwe (Kagame) ikiri kubutegetsi

  • yewe kagame mwamuvuga nabi mwareka ntanyungu bidufiteye kuko tuzi aho tugeze naho tugeze kndi ntanicyo mwamugira mwebwe mwese aho muva mukagera mu menye ko abamukunda aribo benshi en plus baba abanyarwanda nabanyamahanga urumva mwahindura iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.