IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Clotilde Niragira arabeshuza ko atigeze ahunga igihugu

Clotilde Niragira arabeshuza ko atigeze ahunga igihugu

mardi 9 Ruheshi 2015

Clotilde Niragira yahoze ari umushikiranganji wo gufata mu nda,agateka ka zina muntu no kunganisha ibitsina,ubu ari umunyamabanga mu mu murwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR, arabeshuza amakuru yavuga ko yoba yari yahunze igihugu.

Abicishije ku nsamirizi n’imboneshakure vy’igihugu,ku mugoroba wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 8 Ruheshi,Clotilde Niragira yavuze ko ari i Bujumbura kandi atigeze ahunga igihugu.

Clotilde Niragira yaboneyeho akaryo ko gusaba impunzi z’abarundi zahungiye mu bihugu duhana imbibe guhunguka.

Mwomenya ko amakuru yavuga ko Clotilde Niragira yoba yarahunze igihugu,yatanguye kwumvikana mu mpera z’indwi iheze,aho bavuga ko yoba yari yahunze inyuma y’uwundi mukenyezi yahora arongoye abakenyezo begukira umugambwe CNDD-FDD,Genevieve Kanyange.

Messages

  • ivyo yavugiye kuri contact fm navyo?

  • Girubuntu, woshobora kutubwira none ivyo yari yavugiye kuri contact FM?
    Benshi ntayo twumviriza.

  • igihuha muburundi kirashushe kandi nikimwe mungwano abatavuga rumwe nareta bari gukoresha kuko 99% yabamaze guhunga bahunze igihuha

  • Ubu turashobora kwemeza ko abanyamakuru bamwe babesha, bakatubwira ngo ni :"iNKURU YO KWIZERA". Nta gitangaje. kuko ubu uwariwe wese yabaye umunyamakuru.Ariko kandi ndashaka kubaza abasomyi
    1) abanyamakuru baremeregwa gutangaza inkuru zitwa ibihuha naho vyoba bivugwa na benshi? (inkuru itagira icemezo)

  • Ndabajije nigiki yobizeza kugira bahunguke? Ahubwo nabandi turacagenda mugihe ikibazo gitumye haduka induru mu burundi hama namwe ngo nibahunguke?asha murantwengeje kabisa, amahoro ntayo hama nawe ngo batahe ahubwo iyubasanga iyo bari ukabawira ico mujejwe hama ukabasaba gutaha bamanze bakumbarize ibibazo.

  • @ Macuni, uyumuvyeyi mukuvuga kwabahunze bohunguka wigezewumva avugako bohunguka kunguvu? Ndakubwirako atabivuzekuvya kubera abanka, yavuze hasigaye ahabo ariko iconokubwira ntibacabazabose ariko hariho abazoza

  • Uyo Mukenyezi Nintwari Mwashaka Ajehe? Nabahenzwe Bazoza Batazambaye Komera Muvyiyi.

  • mbeg wagorew ntiwory nabaw mukabanday muvyimvy amabinga mukanuma.ahobagaruk icatumy bagenda caratorew umuti?mubura guhanura nkurumbi akava kwiyonteb akabisa aband Hama bakabona kugaruka!muramuseng ivyobinyakuzimu bimurekure.

  • ZAMUBABWIRA ABO BURUNWARUNWA BATAGIRA ICO BAKORA

  • Bagomba kuducivutu komera muvyeyi .abahunze nabovyobavyiza bahunguts,bagasubiramuzabo twubak igihucacu %imana,nibajimbere murakoze

  • @ dodo, ntawe u Burundi buhatira guhunguka, mwumva ko inyungu ziri muguhunga Nkurunziza, ni ivyanyu. Gusa , mwirinde ibitutsi kuko ntaco biri bubafashe.

  • Abahunga ni muhunge mugabo mureke abandi bitekanire bagimye mu gihugu mureke kubuza abantu amahoro. Ingwano y’ibihuha nta murundi yotesha umurongo

  • bucumi na dodo bemureka gushikuza abamenyemakurt kenshi barashikuza. uyumufasoni mukumubeshera? ivyiyumviro vyanyu ntawobifatirako kuko mwemeza ivyomutazi, mbega nsimbona impavu bababwira ngo nibahunguke. mbega boba barahunze? icabajanye ntimukizi? subukene? babura gukura amaboko mumpuzu mukaguma mwibaza ngo muzorya ivyagusa?

  • ivy nibkino barko baravga ham niragira nabwir benenyina kk ntaw yahungany! uwutayishirwamwo agira ntibabaza uwomutwara murusizi naw abo bica sabantu

  • ababeshi babesha....za murabamaramaza abo bagabo bo mu kibiri batunzwe no kubesha.

  • Ndaramukije Abasomyi?Nabamenyamakuru? Mbegagutanga Inkuru Idatohojwe Neza Urumumenyesha Makuru Uba Urose Umuti Wamatati Ari Muburundi?Haramakuru Meshi Twama Dusanga Atariyo Kand Mwayatangaje Mbega Ntamategeko Ahari Mwokwisunga Mugutangaza Amakuru?Ntimuze Muraduteranya Twishakira Amahoro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.