IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNARED isaba amakungu gufatira ibihano umukuru w’igihugu nabo (...)

CNARED isaba amakungu gufatira ibihano umukuru w’igihugu nabo bakorana

mercredi 16 Nyakanga 2015

Inama nkuru y’igihugu yishinze gukingira amasezerano ya Arusha na Reta ishingiye ku mategeko CNARED isaba ko amakungu yofatira ibihano umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza nabo bakorana,kuko bariko bajana igihugu mu bihe vy’intambara.

Mw’itangazo rya CNARED, ivuga ko bibaye ngombwa umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akanka kuva ku butegetsi bashobora kumukura biciye mu nguvu kuko igihugu kiriko kija mu bihe bisa nivyo imbere y’amagume.

Urunani CNARED rusaba amakungu ko yohata umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kwemera kugira ibiganiro,vyotuma hategurwa uko yova ku butegetsi,mu gukingira ko igihugu gisubira mu ndyane.

Jeremie Minani ajejwe kumenyesha amakuru muri CNARED, yavuze kuri uno wa kabiri ko badashaka ibihano vyogira ingaruka ku banyagihugu bose,ariko ko vyokora kuri Petero Nkurunziza n’akarwi kamukikije mu kugenzura ubutegetsi.

Kubwa Jeremie Minani,mu bihano vyotangwa harimwo guhagarika infashanyo no kubabuza gutembera.Kubwiwe,umukuru w’igihugu afise ibintu bibiri vyo gukora harimwo kwemera kuganira ingene yova ku butegetsi canke kuhaguma,ariko ahagumye,CNARED imenyesha ko bazokoresha uburya bwose bwemewe n’amategeko kugira bamukureko harimwo mbere n’inguvu za gisirikare.

Urunani CNARED rwashinzwe mu kwezi kw’umunani,ruhuriyemwo abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta,na bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’abasirikare bahunze igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.