IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNDD FDD : « Colonel Jean Baptiste BAGAZA yari azi ukuri kuvyabaye mu (...)

CNDD FDD : « Colonel Jean Baptiste BAGAZA yari azi ukuri kuvyabaye mu Burundi »

lundi 9 Rusama 2016, par egide

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko igihugu c’Uburundi gihomvye kuko umuhisi Colonel Jean Baptiste BAGAZA aheruka kwitaba Imana yari mu bofashije umugwi CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi, kugirango ukuri ku bintu bimwe bimwe vyabaye mu Burundi kumenyekane. Uwo mugambwe ukaba washimye ibikorwa yaranguye, wongera urahoza umuryango wiwe, hamwe nabo bakoranye.

ITANGAZO NO 009/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 07 RUSAMA 2016

Uguhoza umuryango w’uwahoze ari Umukuru w’Igihugu Koroneri Yohani Batisita BAGAZA

1. Umugambwe CNDD-FDD waraguye mu gahundwe wumvise inkuru y’umubabaro y’urupfu rw’uwigeze kurongora Uburundi Koroneri Yohani Batisita BAGAZA rwabereye mu bitaro vyitiriwe Umweranda Elisabeth mu gihugu c’Ububirigi mu gitondo co ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 04 Rusama 2016 ;

JPEG - 222.4 ko
Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

2. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje umuryango wa Yohani Batisita BAGAZA, abo bakoranye bose mu gisirikare c’Uburundi n’abo basangiye amabanga yo kurongora Uburundi kuva kw ‘igenekerezo rya 1 Munyonyo 1976 gushika ku wa 3 Nyakanga 1987. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje kandi abo bakoranye n’uwo muhisi mu Nama nkenguzamateka y’Uburundi ;

3. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko gukenguruka ibikorwa vyiza vyose yakoze vyo guteza imbere Uburundi mu gihe yari akiri Umukuru w’igihugu ;

4. Umugambwe CNDD-FDD ntiwokwirengagiza no kumenyesha ko Koroneri Yohani Batisita BAGAZA yari mu bofashije umugwi CVR kugirango ukuri ku bintu bimwe bimwe vyabaye hano mu gihugu kumenyekane. Igihugu rero kirahomvye;

5. Umugambwe CNDD-FDD urangije usabira ku Mana Rugiravyose, Nyakwigendera Koroneri Yohani Batisita BAGAZA, imuhe uburuhukiro bwiza mu bwami bw’ijuru.


IGIHE

Messages

  • Nivyiza me ivyobakoze 1972 bizomenyekana gut ? Uwo mugwi ubijejwe kudakora naningoga ntibazohava bapfa Bose . ukuri kuzimangane MBE hoho yoba yarasavye ikigorwe Imana yugariye amasengero? Yarasavye ikigongwe Abo yiciye 1972 ? Pastor simbananiyeko mutamubaza ivyico gihe ntazohava apfa nawe ukuri kutamenyekanye nariry a abifisemwo uruhara runini .Reka dutegereze ariko ababijejwe babinyarutse ntibahave bahera bitaramenyekana batwereke aho bahambwe benebo babafubane iteka :Murakoze

  • wewe.Turaharura abomugekomburazimwehowiyahurekare

  • Komuvuga abapfuye 1972, hama abapfa ubuho babazwande, Gelase Ndabirabe nawe azitabe ako kanama azi byinshi kubapfa ikigihe.

  • ntawuvunirarimwe umugandawinkwi banyakwubahwarekubwicanyi kwicanibibi kandimwihane uyumusijewe ejowewe

  • Iconikimenyetso cerekanako umurwi WA nkurunziza mumaze guta imitwe none genda mumuzure aze ababwire nyakuru imyaka cumi mumaranye uyumusi niho mwibutseko yarafise ukuri kuvyabaye canke girango mutegera gusa Ko uwomutishe atarundi rushobora kumutwara ndabatwenze

  • @Tari, urazokurikirana neza uzosanga nigihe yarikiriho baramubwira koyakoze ibitaribike, nashaka ndakwibutse ko uwomuhisi igihe yakubitwa kudeta na Buyoya ari Canada yaciye aguma arimpunzi ariko Ndadaye atorewe kubumukuru wigihugu aciye amuhungura ivyovyose uvyumvagute?

  • Hapfuye uwutariwe iyo hapfa gisitave, uburundi nabarundi twese twari kwiruhutsa, canecane twebwe abasirikare yari yaratumaze, nihakomere umutama wacu nyakwubahwa Peter nkurunziza

  • NAMW MWARAGOSW NON IMYAKAMUTWAY MWARIMUZIKWAZI IVYABAY KKI MUTABIMUBAJIZ KARE? NONEHO YIPFIRIY POLE SANA!

  • ibi bivuga ngo kiremwa muntu ni kwitonda kuko iyisi naho uwibamwo, uri uwirenganira kandi umwisho ugahambwa mu kuzimu.
    ninaco gituma ko umuntu atokwishongora ku wundi kuko umuntu wese azopfa.

  • Ntakaje mwijuru yarihanye kosokuru arimubamwishe yatwihanyeko ryari?

  • Ntakaje mwijuru yarihanye kosokuru arimubamwishe yatwihanyeko ryari?

  • Burya abahutu naho twababajwe kuva kuva! ariko duharira buno Nyene! ariko Ndadaye yari Guhungura BAGAZA! mugabo ngo abahutu ngo ni bazo! buyoya ko atabikoze!

  • mbe tari uwokubwira ngo uzane abahutu mwishe kuva mu mwaka w’i 1530 mukoresha intwaro za cami wo bazana! Bagaza wewe ntarabora!

  • mbe tari uwokubwira ngo uzane abahutu mwishe kuva mu mwaka w’i 1530 mukoresha intwaro za cami wo bazana! Bagaza wewe ntarabora!

  • MBE IVYO YAKOZ NI NE?ARABIKORA ATARI UKWICANA GUSA IMANA IMWAKIRE

  • None yohani batisita bagaza ko yaciye munzego zitandukanye kandi akaba yarongoye uburundi mubihe bigoye nibihe bintu yagiye arakora ahogiye araca n,umunyagihugu muto yomushimirako mukwandika ayo matangazo mworaba uwukwiye kwambara ikirezi mukakimwambika atagikiye naho mukakimwambura kuko har,umunyagihugu mutoya abayakoze ivyiza kumusumvya ariko ntavugwe nkuko abategetsi benshi babonye bafunguye bakarenzak,umuvinyu badasubira kwibuka umunyagihugu nawe ko yaray,inzara abonye iwe vyandagara yibaza ngo vyandagara hose je ndumunyagihugu muto ntibisiguritse ko nyumvisha ko yatej,imbere uburundi naraye ubusa canke har,umunyagihugu muto nkanje yaburaye iryo terambere yazanye umuntu akarara ubusa nirihe?niyumvira ko yatwaye nkabandi iyadatwara nkabandi abayaragwijije amahinguriro akagwiza ibiha akazi umunyagihugu muto kugira ibishomeri ntibigwire kuko ntakuntu wovuga ko umuvyeyi akunda umwana yaramuvyaye ntamurere ngwamwereke kazoza

  • Ntakundi aze agire uburuhuko bgwiza arik turahomvye pe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.