IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CNIDH usaba abanyepolitike kwerekana umutima wo gukunda igihugu

CNIDH usaba abanyepolitike kwerekana umutima wo gukunda igihugu

lundi 14 Kigarama 2015

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH usaba abanyepolitike bose kwerekana umutima wo gukunda igihugu,muri iki gihe hasubiye kwibonekeza amabi arimwo n’ubwicanyi.

Mw’itangazo ry’umurwi CNIDH ryo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 13 Kigarama 2015,umukuru w’umurwi CNIDH Jean Baptiste Baribonekeza asaba Reta y’Uburundi gufata ingingo zose zishoboka kugira amahoro n’umutekano ntibisubire gusinzikara.

Umurwi CNIDH wasohoye iryo tangazo inyuma yaho ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015,imirwi yitwaje ibirwanisho yateye ku makambi abiri ari mu gisagara ca Bujumbura n’iyindi iri mu ntara ya Bujumbura Rural.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi w’igisirikare Colonel Gaspard Baratuza,yamenyesheje ko abantu 97 mu bagize igitero bapfuye,mu gihe ku ruhande rw’abajejwe umutekano abapolisi n’abasoda munani aribo bahasize ubuzima.


Van Naris Mugisha

Messages

  • TURAHO JEJE IMIRYANGO YABURIYE ABABO MWIYO MIRWANO YA BEREYE MUGISAGARA CABUJUMBURA, KUWA 11,2015 DECEMBER.TUGAHOZA NIGISIRIKARE KUBOCABUZE KITARI KIBASE,MWIGUMYE CANE. NKAREMESHA KANDI NIYO MIRWI YA HISEMWO GUFATA IBIRWANISHO,MWIHANGANE KUBAGENZI MWABURANYE MWIHANGANE. NKANAKEBURA RETA YUBURUNDI NTINEZERWE NUKO ABANTU BARIKO BARAPFA, NUKOYOKORA UKOBISHOBOKA KWOSE IHAGARIKE UBWO BWICANYI BUTAGIRIZINA, KUBUHAGARIKA SUKUNDI NUKUJA MUBIGANIRO. KUKO ABOBARIKO BARAPFA BARABANA BUBURUNDI. NTIBARIKO BAPFA ARUKO BATEWE NIKINDIGIHUGU HABA NAMBA, BARIKO BAZIRA UMUTIMA WAFARAYO. NONE RERO MWIHANGANA MUREKE KUMARANA KANDI MURIBAMWE.

  • ewe wa mugwi niwaba atari ukwisamaza nawewe nyene uragorana, wosaba gute abantu kwerekana ico badafise!!!!!!!!!!!!!
    abanyapolitique ngo mubasaba "kwerekana umutima wo gukunda igihugu?" bawuvanye hehe? aho ni ivyo mutabona ko ukwo ari ugukindaga abantu mwitwa ngo murigenga? wosaba gute aba CNDD-FDD kwerekana umutima wo gukunda igihugu kandi bashobora kuzinduka mu myiyerekano yo gushigikira inzego zatikije abantu kandi binzirakarengane? ubu ko mbona ukuba "urwaruka" utazwi mu mbonerakure vyahindutse icaha gihanishwa urwo gupfa utanaburanishijwe aho ntimumaramara mwihweje ivyo mwitwa ngo murajejwe muri kino gihugu! iyo muba abandi uwo murwi wanyu mwese mwatanga imihoho vuba ahandi hoho ntaho mutaniye na Nyabenda atwara cndd-fdd.
    kanatsinda Emmanuel suko yari yananiwe vyatumye atabandanya babanye bigoye ko yoba umwizigirwa nka Baribonekeza...
    ibihe bihereza ibindi reke gutamba ku mivyimba kere bavuga bati ikibi ntikizira kuba kizira gusubira, none ko mwahisemwo guhora abanyu bapfuye 72 ivyo bibondo bitaranavuka muraheza mwibuke ko iminga itamarira Imana.

  • #impossible àla 3ème mandat#

  • BARIBONEKEZA.WEWE.URAKOMEYE?AHO.URAVYE.IBIRIKO.BIRABA.HARIJAMBO.MUGIFISE.MUTORA.INYAMASWA.MUGAFATANYA.IBIKORWA.MURIKO.MWIHORA.IVYI.72.ARIKO.URWO.RWARUKA.NAHO.MWOBANDANYA.MUNIGA.IMANA.NTAWUZI.ICIGOMBA.BADD.AMARASO.YABANTU.ARAHUMA.MUZICWA.NIMVURA.CANKE.INZARA.NI.INTUNTU.NTAMAHORO.KUMUNYAVYAHA.CNDH.NIYABADD.NTAKWIGANGA.NGAHO.NUZIBE.MUNIGE

  • Iman nidutbare yo nyene

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.