Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CNIDH usaba abanyepolitike kwerekana umutima wo gukunda igihugu
CNIDH usaba abanyepolitike kwerekana umutima wo gukunda igihugu
lundi 14 Kigarama 2015
Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH usaba abanyepolitike bose kwerekana umutima wo gukunda igihugu,muri iki gihe hasubiye kwibonekeza amabi arimwo n’ubwicanyi.
Mw’itangazo ry’umurwi CNIDH ryo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 13 Kigarama 2015,umukuru w’umurwi CNIDH Jean Baptiste Baribonekeza asaba Reta y’Uburundi gufata ingingo zose zishoboka kugira amahoro n’umutekano ntibisubire gusinzikara.
Umurwi CNIDH wasohoye iryo tangazo inyuma yaho ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015,imirwi yitwaje ibirwanisho yateye ku makambi abiri ari mu gisagara ca Bujumbura n’iyindi iri mu ntara ya Bujumbura Rural.
Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi w’igisirikare Colonel Gaspard Baratuza,yamenyesheje ko abantu 97 mu bagize igitero bapfuye,mu gihe ku ruhande rw’abajejwe umutekano abapolisi n’abasoda munani aribo bahasize ubuzima.
Van Naris Mugisha
Messages
14 Kigarama 2015, 08:58, par Mpozamarira Erias
TURAHO JEJE IMIRYANGO YABURIYE ABABO MWIYO MIRWANO YA BEREYE MUGISAGARA CABUJUMBURA, KUWA 11,2015 DECEMBER.TUGAHOZA NIGISIRIKARE KUBOCABUZE KITARI KIBASE,MWIGUMYE CANE. NKAREMESHA KANDI NIYO MIRWI YA HISEMWO GUFATA IBIRWANISHO,MWIHANGANE KUBAGENZI MWABURANYE MWIHANGANE. NKANAKEBURA RETA YUBURUNDI NTINEZERWE NUKO ABANTU BARIKO BARAPFA, NUKOYOKORA UKOBISHOBOKA KWOSE IHAGARIKE UBWO BWICANYI BUTAGIRIZINA, KUBUHAGARIKA SUKUNDI NUKUJA MUBIGANIRO. KUKO ABOBARIKO BARAPFA BARABANA BUBURUNDI. NTIBARIKO BAPFA ARUKO BATEWE NIKINDIGIHUGU HABA NAMBA, BARIKO BAZIRA UMUTIMA WAFARAYO. NONE RERO MWIHANGANA MUREKE KUMARANA KANDI MURIBAMWE.
14 Kigarama 2015, 10:57, par idrissa ngaruko
ewe wa mugwi niwaba atari ukwisamaza nawewe nyene uragorana, wosaba gute abantu kwerekana ico badafise!!!!!!!!!!!!!
abanyapolitique ngo mubasaba "kwerekana umutima wo gukunda igihugu?" bawuvanye hehe? aho ni ivyo mutabona ko ukwo ari ugukindaga abantu mwitwa ngo murigenga? wosaba gute aba CNDD-FDD kwerekana umutima wo gukunda igihugu kandi bashobora kuzinduka mu myiyerekano yo gushigikira inzego zatikije abantu kandi binzirakarengane? ubu ko mbona ukuba "urwaruka" utazwi mu mbonerakure vyahindutse icaha gihanishwa urwo gupfa utanaburanishijwe aho ntimumaramara mwihweje ivyo mwitwa ngo murajejwe muri kino gihugu! iyo muba abandi uwo murwi wanyu mwese mwatanga imihoho vuba ahandi hoho ntaho mutaniye na Nyabenda atwara cndd-fdd.
kanatsinda Emmanuel suko yari yananiwe vyatumye atabandanya babanye bigoye ko yoba umwizigirwa nka Baribonekeza...
ibihe bihereza ibindi reke gutamba ku mivyimba kere bavuga bati ikibi ntikizira kuba kizira gusubira, none ko mwahisemwo guhora abanyu bapfuye 72 ivyo bibondo bitaranavuka muraheza mwibuke ko iminga itamarira Imana.
15 Kigarama 2015, 03:33, par Warus
#impossible à la 3ème mandat#
15 Kigarama 2015, 09:48, par RUHWA
BARIBONEKEZA.WEWE.URAKOMEYE?AHO.URAVYE.IBIRIKO.BIRABA.HARIJAMBO.MUGIFISE.MUTORA.INYAMASWA.MUGAFATANYA.IBIKORWA.MURIKO.MWIHORA.IVYI.72.ARIKO.URWO.RWARUKA.NAHO.MWOBANDANYA.MUNIGA.IMANA.NTAWUZI.ICIGOMBA.BADD.AMARASO.YABANTU.ARAHUMA.MUZICWA.NIMVURA.CANKE.INZARA.NI.INTUNTU.NTAMAHORO.KUMUNYAVYAHA.CNDH.NIYABADD.NTAKWIGANGA.NGAHO.NUZIBE.MUNIGE
18 Kigarama 2015, 19:51, par gitega
Iman nidutbare yo nyene